Jimbere

Kirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Uguhimiriza abakenyezi ibijanye no kwibeshaho, ni yo ntumbero y’isekeza « Génération Egalité »

Inyuma y’imyaka 25 y’ihuriro ryabereye i Beijing, ivyapfundikiwe muri iryo huriro ryabereye i Beijing ku bakenyezi ntivyashizwe mu ngiro. Kugirango babitorere inyishu, ishirahamwe mpuzamakungu ONU FEMMES ryaratanguje isekeza « Génération Egalité ». Mu Burundi, ifadikanije n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zinamuntu n’ukunganisha ibitsina, kuri uyu wa 2 Nyakanga 2021, ONU FEMMES yaratunganije, mu nyubakwa z’ihoteri Club du Lac Tanganyika, uruganda ruhuza amashirahamwe y’abakenyezi adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ibimenyeshamakuru mu ntumbero yo kwishira hamwe mu kuvuga ibijanye n’ukwibeshaho kw’abakenyezi mu vy’ubutunzi no kuremesha amahoro mu Burundi. Ido n’ido

Ivyihwejwe mw’ihuriro ry’i Beijing+25 vyerekanye ko hakozwe bike ku vyo bari biteze vyari vyapfundikiwe mw’ihuriro ry’i Beijing mu 1995.

Aho rero ni ho havuye iciyumviro co gutanguza isekeza ryiswe « Génération Egalité : uburenganzira bw’abakenyezi na kazoza kangana » abari muri iryo sekeza bazogira ivyo biyemeza gukora aho gutanga ivy’iyumviro vyo gusaba ivyokorwa. Iryo sekeza rikaba ryubakiye ku kwihweza ibintu biri mu mice 6 ari yo : ihohoterwa rifatiye ku gitsina, ubutungane n’uburenganzira ku butunzi, amagara meza n’irondoka rijanye n’amagara meza, igikorwa c’umukenyezi mw’ihindagurika ry’ibihe, ubuhinga bwa none no kuryohora ibijanye no kunganisha ibitsina, amashirahamwe n’uburongozi bwiza bw’abakenyezi biciye mu gukorera ku rutonde rwiswe «  Abakenyezi, Amahoro, Umutekano n’ugushigikirana »

Naho hari hizwe vyinshi mw’iryo huriro ry’i Beijing mu gushinga ivyokorwa, ivyo bari biteze ko vyorangurwa vyagumye mu mpapuro. Ikindi kandi, nk’uko ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe AFRABU kivyerekana mu 2019, abakenyezi ntibarenga 18% mu nzego zifata ingingo mu gihe vyari bizwi ko abakenyezi baserukirwa mu nzego zifata ingigo ku bice 30%. Bimwe mu bitungwa agatoki bituma badaserukirwa neza harimwo: ubwoba, uguheba amashure, kwubaka hataragera n’ibindi.

Liberate Nicayenzi, wo mu muryango w’abatwa, akaba ari umutwa yahoze ari umushingamateka yari muri urwo ruganda, yaragarutse cane ku bijanye n’ingene abavyeyi bafata minenerwe iyo umwana w’umukobwa afashe ingingo yo guhagarika ishure iyo arangije amashure yisumbuye. Agira ati : « Ikimbabaza gusumba, ni ukubona ko n’ibijanye n’urudandaza bitaraninjira mu mitwe y’abarundikazi. Ugasanga nyene umukenyezi abayeho ukwo kandi akumva ko anezerewe !»

Ikiganiro gikomeye c’ivyiyumviro vyubaka

Ku vyerekeye uruhara rw’ibimenyeshamakuru, abari baremesheje ikiganiro barerekanye ko umurundikazi agihunga ibinyamakuru. Ivyo rero vyoba bituruka ku bwoba buterwa n’ibimenyeshamakuru bifata inkuru z’abakenyezi nk’ibikoresho bibazanira inyungu z’amafaranga canke iz’ababakurikirana.

Martin Nivyabandi yahoze ari umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zinamuntu yaragarutse ko gushigikira abakenyezi biherekezwa n’ingendo nziza y’abagabo.

Sixte Niyubahwe, umuyobozi mukuru mw’ibanki yo gushigikira imigambi y’iterambera ku rwaruka BIJE, kuri we yarerekanye ko iyo abakenyezi bari kubikenera, ibanki BIJE yari yiteguye kugira ico ifashije ku mashirahamwe y’abakenyezi. Aho twovuga nko ku bijanye n’imigambi y’ukuziganya, gutanga ingurane ku nyugu itavuna n’ibindi.

Iryo huriro, ryari ryatewe iteka n’umushikiranganji gufatana mu nda, agateka ka zinamuntu n’ukunganisha ibitsina, Imelde Sabushimuke. Rikaba ryasozerewe n’ibikorwa vyo mu migwi kugira bashire hamwe ivyo basezeranye bizokorwa mu ntumbero yo gukangurira abakenyezi n’abigeme kwijukira ibijanye no kwibeshaho mu vy’ubutunzi no kuremesha amahoro mu Burundi.

ONU FEMMES irabandanya guherekeza Reta y’Uburundi mu gushira mu ngiro ibiba vyaragiye birafundikirwa mu mugambi w’ivyavugiwe mw’ihuriro ry’i Beijing yongera ikurikirana neza buri igihe irangurwa ry’ibiri muri iyo nteguro y’umugambi. « Nta vyo kubandanya habaho ubusumbasumabane mu bantu na cane cane mu gukora n’ugushikira iterambere rirama » nk’uko vyavuzwe na Jennet Kem, aserukira ONU FEMMES mu Burundi, igihe yariko agaruka ku majambo ya Phumzle Mlambo Ngcuka yahoze arongoye ONU FEMMES.

Mu nganda zizokurikira zizohuza abakozi ba Reta, abikorera ivyabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bazoshiraho indinganizo y’imyaka 5 bazokurikiza. Jennet Kem yibukije ati : « Ntihazoba hagikenewe gufatira ku vyo basaba mugabo abazobijamwo bazokwemeza yuko ivyo bumvikanye bazobikurikiza ».

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top