Jimbere

Kirundi French English
INDERO

Abana barenga gato 5.000 ni bo bahevye ishure muri komine Busoni

Abanyeshuri imbere y’ishuri

Abanyeshure bagera 5173 bo mw’ishure shingiro barahevye ishure mu mwaka wa 2020 ushira uwa 2021 muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw’Igihugu.

Ubuyobozi bujejwe indero muri iyo komine bumenyesha ko bufatiye ku bitigiri bufise, abana b’abahungu bahevye cane. Muri abo 5173, abahungu bangana 2693 ku bakobwa 2480.

Ubukene mu miryango kimwe mu bituma abana bata ishure

Kubwa Roger Ndikumasabo arongoye ishure shingiro rya Muhembuzi amenyesha yuko afatiye ku vyegeranyo vyagiye bikorwa ku bijanye n’umwana wese yahevye ishure, benshi muri bo baheba kubera ingorane zibarizwa mu miryango yabo. Izo na zo ni nko kubura ibikoresho vy’ishure, inzara hamwe no gutwara inda z’indaro ku bana b’abakobwa.

N’iki gituma abana babakobwa batwara inda z’indaro?

Nk’uko bibandanya bivugwa na Roger Ndikumasabo guhurumbira ibisayangana, inzara, gufatwa nabi mu miryango na canecane kubarezwe n’abagore ba 2 (ba mukase) biri mu bituma abana b’abakobwa b’i Busoni baheba ishure nk’uko icegeranyo c’umwaka w’ishure wa 2020 ushira uwa 2021 kivyerekana. Umuyobozi w’iryo shure ahanura abanyeshure kwiga gutungwa n’ivyo bafise, akanasaba abavyeyi babo kwitaho indero y’abana babo cane kuko ngo ni bo kazoza k’ejo ku miryango ndetse n’Igihugu cose.

Abana b’abakobwa batwara inda z’indaro bari kw’ishure bahura n’ingaruka mbi zitari nke

Nk’uko bishikirizwa na Josiane Nijimbere aba muri zone Gatare komine Busoni yahevye ishure afise imyaka 15 yiga mu mwaka wa 5 w’ishure shingiro bivuye ku gutwara imbanyi atifuza avuga ko bimaze kumenyekana ko afise inda yaciye aheba ishure, uwayimuteya na we aramwihakana atako aromoka. Mu miryango na ho baramuturubika ndetse no mu kibano baramwinuba.

Gukundana hataragera bimwe mu bituma abana babakobwa batwara inda batifuza

Nijimbere abandanya amenyesha yuko ivyamushikiye vyose vyateze no kwisuka mu vyo gukundana akiri ku ntebe y’ishure ngo iyo atinjira mu vy’inkundo hataragera ntiyari guhura n’izo ngorane zose. Ahanura urundi rwaruka kwihangana bakabanza bagaheza ishure ryo soko ry’iterambere rirama ibindi bikaza hanyuma.

Aho mwomenya ko umwaka w’ishure wa 2019 ushira uwa 2020 ariho hahevye abanyeshure benshi 5461 ugereranije n’umwaka w’ishure wa 2020 ushira uwa 2021.

Kino gisomwa canditswe na Ange Diela Niyera mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top