Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

Agateka k’abana : kwitwa igitwarire bisa n’ukwikorera amagogwa y’isi yose

Mu gihe umwana wese afise uburenganzira bwo kugira umuryango, gukundwa no kwitabwaho, abavuka ku « gisida », benshi bita kuvyarwa hanze canke igitwarire, barakunze guhura n’ibibazo bibagora kwitura. Bamwe baratuyagiye.

Chadrack Ndikumuvunyi, umwana w’imyaka cumi n’ine, akomoka mu ntara ya Rutana agira ati : « Ivyo maze kubona bisumba ivy’abamaze ikinjana. » Yagize araca ubwenge yisanga aba kwa inakuru hamwe na nyina amuvyara : « Nubwo namenye nteba ko ariwe muvyeyi wanje. Je nabona ko tuvukana, kuko yari akiri muto. »

Muri ico gihe, kiretse ko Chadrack Ndikumuvunyi yagira utubazo tw’uko atabona umuntu w’umugabo mu rugo yokwita papa, ibindi vyasa n’uko bimeze neza, n’aho baari mu bukene budasanzwe. Agira ati : « Twarakundana. » 

Ashikanye imyaka 5, inakuru yaritavye Imana, basigara ari babiri mu rugo, batagira icepfo n’ica ruguru. Barabayeho nabi, nyina akaguma amudyagagura, nkuko womengo niwe yazanye izo ngorane. Chadrack Ndikumuvunyi abandanya agira ati : « Haheze umwaka, niho yambwira ko agomba aje kurongogwa. Nanje muri jewe nti tuza twakira ubukene n’agasuzuguro ko mu kibano. » 

Ivyo yari yiteze vyose vyabaye indoto. Ngo uwo mugabo yaramufashe nabi, akamukubita akagoka, nyina nawe, ico yari ashoboye kwari ukwiyuha iryosozi : « Ntiyashobora kugira ico amfashije kinini, kuko yarafise ubwoba bwo kwirukanwa, hamwe yokora ibihushanye n’ivyo umugabo ashaka. » Harageze igihe bimurembera, yumva ko ubuzima bwanse, ahitamwo guta aromoka.

Bononwa n’abobakijije

Izo ngorane, Chadrack ntazisangije. Carine Manariho, yahatswe gufatwa kunguvu n’uwitwa ko ari se, (umugabo wa nyina). N’agahinda kenshi, Carine yigana ati : « nkwije imyaka 17. Nkiri muto, uwo nita papa twari tubanye neza, yari yaranyakiriye, akamfata nk’imfura yiwe. Sinigera nibuka ko atari papa amvyara. Umusi umwe, niho yaza mucumba iwanje, aza kunyagisha bisanzwe. Nikwo gutangura kunyibutsa ko atari papa wanje w’amaraso, ko afise ikintu gikomeye ashaka kumbwira. Nikwo kuvuga ko yumva umutima wiwe vyanse, ngo ankunda. Aca atangura kunkorakora, ngize ngo ndanka aca aja muvyo kumfata kunguvu. Naramwiyatse ndiruka, gushika n’uyu munsi sindasubira muhira, natse indaro mu muryango.» 

Kurukwo gufatwa nabi kw’abana b’ibitwarire, Alain Joseph Hatungimana, arongoye ishirahamwe ry’abize ivy’inyifato batagira imbibe (psychologue sans frontières), asaba ko bene abo bana bokwitabwaho cane mu kubaba hafi, kugira ngo ntibagire inkurikizi mbi cane, zituma ubuzima bwabo bwononekara burundu, akanasaba ko horwizwa inyigisho nyinshi z’ubuntu n’imibereho myiza mu ibano.

Kino gisomwa canditswe na Liesse Muhoza mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top