Jimbere

Kirundi French English
NGIZE NTI

Amahera araduherana ngo twigira abanyamuji …

Abana twavukiye mu gisagara canecane abo mu gisagara ca Bujumbura, nta kibazo co kurya amafaranga dufise. Oya pe. Kukabankako twayavukiyemwo. Iyo uri umumanuka ukagira Imana ukababamwo, utirekuye nka bo, ngo unywe inzoga n’amatabi uborerwe, urye, ukeshe canke urarane inkumi bagufata nk’uwudashoboye kuba mu gisagara. Bakwita umu «Paysan». Njebarikanuye yarumiwe.

«Ebana dukeneye gukubita frappe. Abantu batwihendeko. Bamenye ko inoti zijejeta. Nta bundi buryo bwo kuba mu gisagara buhari, ni ukwemeza. » Ayo ni amwe mu majambo uzumva izo mvukira ziganira. Kubaho mu munyenga no kwerekana ko ubuzima bushingiye ku gusayanagana, ni vyo bamwebamwe bashira imbere, bakiyibagiza ko abantu badakura kumwe. 

A.P yiyita umunyamuji kuko yavukiye i Bujumbura. Arakora akazi ariko ngo umutahe wiwe uri mu kurya inoti yakoreye. N’umunezero mwinshi wo kwiyumvamwo ubugabo ko arya amahera meshi agira ati: «Jewe ijoro rimwe ndasorora 500.000Fbu. Amahera si ayari kuri konte ahubwo amahera ni ayo nryohewemwo n’inkumi, n’abajama. Erega umwana w’umunyamuji n’ink’umu-poil yitahuye. Atagerezwa kwama yaronse icupa, inyama n’inkumi mu kwiryohera. » Eka na V.D na we nyene ngo inzoga yigurira ni Black Label canke “Hennessy”. Iyo ya nyuma icupa 1 ngo rigurwa 300.000Fbu. n’akanyamuneza kenshi mu kuvyiganira abantu, agira ati: «Mbanza kurya inkoko yiyemera. Nkaca nywa iryo cupa bantahana naborewe nabaye ivyatsi. Ni bwo buzima budutandukanya n’abamanuka. »

E.C umwigeme w’umunyamuji nawe na we abona ko umusore yiyemera ari uwirekura. Yemeza mu gusorora. Adatinya kurihira inkumi ama poulet, imivinyu, adatinya kwogana inkumi mu bwogero(piscine) kandi yibuka no kuyitahana muhira. Agira ati: « Abantu bava ruguru ntakigenda. Bakorera ku biharuro, ntibashobora no kwubahuka isupu ya 30.000Fbu. »

Uwuri muri abo bana b’abanyamuji yavuye ruguru ntakore ivyo bakora ngo ni umumanuka canke ngo ni umu-paysan. Uza wumva, bamubwira ngo nazane ibihumbi nka 300.000Fbu, baje kumwereka ingene barya amahera. Ngo umuntu yanka kuyarya akirya.  Mbere bo, ngo n’ingurane mu mabanki barazisaba kugira biryohere. Emweeee, je Njebarikanuye narumiwe. Hasigaye hariho ugukangurira abantu kurya amahera aho kubakangurira kuziganya no kwitunganiriza imigambi y’iterambere…!

Igisagara cokuvyarira nticokurerera

Hari umugabo umwe aba mu gisara ca Bujumbura. Uyu yavuye i Karusi maze agira amahirwe ubuzima buramuhira araronka ibihinda n’ibidahinda. Agira ati :« Burya igisagara co kuvyarira nticokurerera. Hari abavyeyi benshi birirwa bararira kubera abana babo babananiye. Jewe abana banje 2 ba mbere nabareze ndabadabagiza. Ico bakenera narakibaha. Eka yemwe n’imiduga narabaguriye. Narabahaye n’ivyo badandaza, ariko vyahereye mu bubare. Ikijanye n’ingene babika canke bitunganya mu gukoresha amafaranga, bari hasi. Icibagiye co, ni agatima ko kubaka izabo, ntibagira namba. Bakorana n’abo bakobwa b’ibirara bo ku munsi ku munsi. »  

Ubu, uyo mugabo avuga ko abana bakurikira abo bamunaniye, bakira kuja mu biruhuko aca abarungika ruguru kwa ba sekuru na ba inarume. Mbere hari n’abo asabira amashure ya ruguru kugira bigeyo, bamenyere ubuzima bwa bantu basanzwe. Ku bwiwe ngo ni ho bakura babona ko mu buzima ata gufyina, vyose bironderwa atacizana kandi bikorerwa ku rutonde. Kanatsinda ngo abagira umutima wo kurondera si abiyita abanyamuji kuko aba usanga ari abanyabirori gusa.

Ego nivyo kuryoherwa ni vyiza, ariko kuryoherwa mu musesekara w’ivyo wakoze ni vyiza gusumba. Si vyiza kurya ibidafise ibibisubirira ngo ni uko uri umunyamuji. Kwiziganiriza no kwitegekaniriza kazoza ni vyiza gusumba gusayangana ngo ubuzima ni buto. Bagenzi agakoni uzishimikiza mu busaza burya ugaca ukibasha, mugani w’abakurambere. Ikibwirwa ni icumva icerekwa ni ikibona.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top