Jimbere

Kirundi French English
UBURIMYI

Amakoperative : akarusho n’intambamyi biri mu kurima umuceri

Umurima w’umuceri komine Ntega mu ntara ya Kirundo/Jimbere Ali Amos aserukira CENARI ku rwego rw’igihugu.(Bubanza)/Jimbere

Umuceri n’igiterwa gikomeye mu Burundi, ntasubirizwa mu vyo abantu bafungura buri munsi. Ico gifungurwa kikaba kiza ku mwanya wa kabiri nyuma y’ibiharage mu bifungur-wa Abarundi bakunze gufungura. Ivyo rero bituma umuceri ufatwa nk’igiterwa gishobora kugirira akamaro kadasanzwe amakoperative n’ubutunzi bw’igihugu bukisununura mu gihe coshirwamwo inguvu. Twarabahotohoreje

« Mu myaka iheze umuceri wafatwa nk’igifungurwa c’akataraboneka cafungurwa n’abanyamuji canke ku minsi mikuru (Pasika, Noheri, n’iyindi), ariko ubu sikwo biri, umuceri wahindutse imfungurwa abantu benshi bafungura na cane cane abahurira hamwe ari benshi aho ni nko mu mashure, amakambi ya gisirikare, ibitaro … Eka no mu miryango yo hagati mu gihugu, umuceri ugenda uba kirumara », Ukwo nikwo vyandikwa na Jean Elysée Mbonankira, umuhinga yakoze ubushakashatsi ku giterwa c’umuceri mu Burundi.

N’ubwo biri ukwo iterambere ry’igiterwa c’umuceri mu Burundi rigenda rizingamikwa n’intambamyi zitari zike. Nk’akarorero ninko kubona igihugu kibandanya kurangura mu mahanga umuceri ufungurwa mu Burundi, aho ni mu gihe Uburundi bwimbura itoni zirenga 80.000 z’umuceri ku mwaka ariko bugakoresha itoni 72.000 gusa. Ivyo bikaba bishikirizwa n’ishirahamwe ADISCO. Bisigura ko umuceri wimburwa mu Burundi ushobora guhaza abarundi bitabaye ngombwa ko harangurwa uwundi uvuye mu mahanga.

Ikibazo kirihe none ? Twaregereye abarimyi b’umuceri baratuyagira. Salvator Karahamye ni umurimyi w’umuceri wo mur koperative Umuco w’abarimyi ku musozi wa Gatura muri komine ya Bubanza, agira ati: « Kurima umuceri bisaba vyinshi kandi biraruhisha cane, duhura n’ibibazo bitandukanye, ica mbere, ni ingwara zikarira umuceri. Ica kabiri, turabura amazi yo kwuhira imirima yacu hagaca hiyongerako ikibazo c’uguteba gutanga ifumbire, mu gihe twebwe tuba twarishe imber y’igihe. Akenshi iyo fumbire izogera kudushikira mu gihe imirima yacu bitagishoboka ko tuyifumbira. Sinokwibagira ingorane zo kubona ingurane ya banki. Akenshi duca twiyambaza abo ng’aha mu kibano bashoboye kutugurana na make make ariko n’abo baraduca intege: ku ngurane ya 200.000 Fbu, usanga bakwishuza 60.000 Fbu vy’inyungu mu gihe kitarenze n’ukwezi. »

Karahamye yongera ati: « Reta ikwiye kubuza imiceri mvamahanga kugira habe gukingira umwimbu wo ng’aha mu Burundi. ». Umukenyezi Stéphaniya, asanzwe acuruza umuceri muri koperative IASCO y’i Mitakataka muri komine ya Bubanza, nawe agira ati: « Umuceri wacu ni mwiza cyane kandi dufise ubwoko buhagije, Kazosi, Nabusegenya, nibindi. » Ali Amos, umuyobozi wa CNARI (« Confédération Nationale des Riziculteurs »), ihuza amashirahamwe 17 y’abarimyi b’umuceri bo mu ntara 17 z’igihugu, we mu ncamake amenyesha ko impamvu zibuza iterambere ry’igiterwa c’umuceri ari nka zine ku bwiwe ari: « Ihinduka ry’ikirere, kubura imbuto zirobanuye, ifumbire ikoreshwa idahagije ndetse n’ubukene mu barimyi b’ico gikorwa. »

Ali Amos aserukira CNARI ku rwego rw’igihugu. (Bubanza)/Jimbere

None hokorwe iki?

Ngo ntakindi kibaraza ishinga uretse iterambere ry’igiterwa c’umuceri eka n’abarimyi bawo, aha ni muri rwa runani rw’abarimyi b’umuceri ku rwego rw’igihugu (CNARI) rwashinzwe mu 2019, rusanzwe runahurikiye mu mpuzamashirahamwe y’abarimyi b’Abarundi FOPABU. CNARI Ikaba ifise abanywanyi barenga 22.000 (harimwo abakenyezi bagera ku 10.000). Ikibaraje ishinga, ubwa mbere na mbere, akaba ari ugushiraho uburyo butuma abarimyi b’umuceri baronka ingurane vyoroshe. Ali Amos ati: « Tugomba mbere na mbere gukemura ikibazo c’ukuronka ingurane mu gushiraho ibanki ntoya kandi ibegereye (« microfinance »), ikazoba ihurikiyemwo abarimyi b’umuceri. Nyuma y’ivyo, tukozoshiraho n’ishirahamwe ry’ukuvuzanya ry’abarimyi. »

Kugeza ubu rero Ibikorwa vya CNARI bikaba vyibanda cane ku buvugizi bw’abarimyi b’umuceri, aho ngo ni nko mu kugena igiciro cumuceri: « Kugeza ubu, tukaba tuguma dusaba ko hoba igabanywa ry’umuceri urangurwa hanze y’igihugu kuko ari igihombo gikomeye ku barimyi b’umuceri, kuko umwimbu wabo baca bawuburira amasoko.» Bitayeko kandi, kubwa Ali Amos, umwimbu w’umuceri ugomba kwongerwa biciye mu buryo bwo gushishikariza abarimyi gushinga amashirahamwe, aho bashoyoboye kurimira hamwe ariko kandi n’uguhagararira inyungu zabo bihereye aho basanzwe barimira.

Nk’uko umushakashatsi Mbonankira abitangaza, umuceri n’ingirakamaro cane hamwe wotezwa imbere, wokwinjiriza ingo cane. Akaba yandikako nko mu kiyaya c’Imbo, arico giterwa cinjiza amafaranga gusumba ibindi. Ibi bikagirira akamaro b’aba abagabo n’abakenyezi (abakenyezi barima umuceri barigenga kurusha bagenzi babo mu giterwa c’ikawa canke icayi, aho usanga imirima ikunze kwegukira abagabo gusa). Uwo muhinga agashikiriza kandi ko umuceri uza ku mwanya wa kabiri mu biterwa vy’intete ng’aha mu Burundi inyuma y’ibigori. N’ayo amatongo urimwamwo akaba agenda yiyongera ku mwaka ku mwaka, ivyo navyo ngo bikaba arivyo gushima.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top