Jimbere

Kirundi French English
UBUTUNZI

Erega ivy’amakoperative ntivyatanguye kuri Rwagasore…

Ikoperative igizwe n’abakenyezi 35 ikora imipira yo kwambara n’ibindi/Jimbere

Amakoperative ariko arijukirwa cane muri iki gihe azwi cane muri kahise k’Uburundi ku gihe ca Rwagasore. Ariko n’imbere yaho yarabayeho. Haba aho kera, ku ntwaro ya Rwagasore canke ku ma repubirika yakurikiye, amakoperative arafise uko yari atunganijwe. Eka yaranahura n’ibibazo, bimwe bigatorerwa inyishu, ibindi bikanka. Turabibayagira.

Muri make, ijambo «  koperative  »  risigura  umugwi w’abantu baja hamwe kugira bahangane n’ibibazo biba bihanze  iterambere ryabo, ryaba irishingiye ku butunzi canke irishingiye ku kibano muri rusangi. Haba ubu, canke muri kahise,  amakoperative dusanga aba ashingiye ahanini ku bikorwa vy’uburimyi hamwe n’ubudandaji kandi agakomera cane mu banyagihugu batobato.

Aho hambere abazungu bataraza, hari « ikibiri »

Kera cane, n’abazungu bataraza mu Burundi, ngo iryo zina rya koperative rikoreshwe, Emile Mworoha, umukurambere  w’imyaka  81, akaba n’umwigisha wa kaminuza yanonosoye ivya  kahise, atugereraniriza amakoperative ya none nk’ « ikibiri » c’aho hambere.

Ukuja hamwe kugira bafashanye gukutsa ikivi n’ingoga, canke bafashe uwo carariye, ni yo ntumbero y’ikibiri nk’uko Mworoha akomeza  avyigana.  «  Biciye mu kibiri, abantu begeranye mu kibano, baraja hamwe  bagafashanya  kurima.  Gutyo  ahantu  hanini  bakahakoranira  mu mwanya muto bakaba barahamaze, hama ikibazo co gucererwa kurima canke  kudashobora  kurima  hanini  bakaba  baragikemuye. »

Ku ntwaro y’abazungu guhera mu 1950

Igihe c’ubukoroni ku Babirigi, biciye mu co bise « Plan  décennal de développement du Rwanda-Urundi », umugambi  w’iterambere ry’Urwanda n’Uburundi vy’ico gihe wo kuva 1951 gushika 1961, ni ho amakoperative yabonye izuba mu Burundi.

Izo koperative zaba zishingiye ku burimyi bw’igiterwa c’ikawa nk’uko Emile Mworoha abitwiganira. Imwe muri yo yagize iterambere riboneka cane ikaba yabaye iyashinzwe n’umutware Pierre Baranyanka yari asanzwe ari n’umurimyi akomeye w’ico giterwa mu karere yari arongoye (« chefferie ») k’i Muramvya.

Iruhande y’amakoperative y’ikawa, muri ico gihe nyene harashinzwe ama « mutualités ». Ayo na yo akaba ari imigwi yo gufashanya yashingwa n’abapadiri bera hafi y’imisiyoni kugira abakirisu baze barashigikirana.

Amakoperative Rwagasore guhera 1957-1959

Avuye mu gihugu c’Ububirigi, umuganwa Rudoviko Rwagasore yazananye akanyota kadasanzwe ko gukomeza igisata  c’ubutunzi mu gihugu. Ivyo na vyo akaba yabikoze ahanini aciye mu gushinga amakoperative yahavuye mbere yitirirwa izina ryiwe.

Ku bwa Christine Deslaurier, umuhinga yanonosoye ivya kahise akaba n’umushakashatsi, mu gitabu ciwe « Paroles et écrits de Louis Rwagasore » – Amajambo n’ivyanditswe dukesha Rudoviko Rwagasore – intumbero nyamukuru Rwagasore yaha ishingwa ry’ayo makoperative kwari uko abanywanyi b’ayo bokwisununura muvy’ubutunzi n’imibano biciye ahanini mu kwifatira mu minwe urudandazwa rwari rwiziziwe n’ababirigi, abagiriki n’abayahudi batatinya kuduza ibiciro uko bashatse.

Mu mwaka wa 1957, mu kwezi kwa Ruheshi, Rwagasore yarashinze CCB (« Coopérative des commerçants du Burundi  »),  ikoperative y’Abadandaza bo mu Burundi.  Muri uwo mwaka nyene yarashikiriye kurongora ibikorwa vya CCRU (« Coopérative des Commerçants du Rwanda-Urundi »), ikoperative yahuza abadandaza bo mu Rwanda no mu Burundi  yari yashinzwe muri Ntwarante umwaka wa 1955.

Ibikorwa vya CCB vyari bishingiye ku kugura no kugurisha ikawa, itabi, ibiyoba n’ibindi hagati mu gihugu ikanabishora no hanze. Iyo koperative yaranarangura ibidandazwa bimwe bimwe hanze hama ikabigurisha ku giciro kitavuna ku banywanyi bayo. Uwo mugambi wa Rwagasore nta bwo woroherejwe na gato n’intwaro ya gikoroni.

Nk’uko Deslaurier  abandanya  avyandika, abazungu babona amakoperative ya Rwagasore nk’imigwi igeramiye uburongozi bwabo. Intandaro ikaba ari uko ayo makoperative yahuza abanyagihugu bo mu misozi n’abaswahiri aba  na bo bakaba batabonwa neza n’abazungu kuko, ku bw’ugukora cane urudandazwa, bahura kenshi n’abanyamahanga  ndetse bakanumviriza amaradiyo atanga inyigisho zo kwiganzura ubukoroni. Ivyo bigatuma rero abazungu batinya ko agatima ko kugumuka gakwizwa igihugu cose.

Kugira ahangane neza n’ingorane amakoperative yariko arahura nazo, Rwagasore yaratanze imihoho mu mabanga yo  kuba intumwa mu gisata kijejwe intwaro y’igihugu. Yaranarondeye ubufasha hirya no hino nk’uko tubisanga mu makete atandukanye abazungu

yegeranirijwe mu gitabu ca Deslaurier. Aha twovuga nko mu mwaka wa 1958, ari mu rugendo rw’akazi mu Bubirigi, Rwagasore yarandikiye ikete repuburika yunze ubumwe y’abarabu aranabonana n’abagwizatunga bo mu bihugu vya burayi asabira ingurane CCB, ico gihe yari igeze ku badandaza barenga 1.000 bayihurikiyemwo ariko kandi yari itanguye kubangamirwa n’ingorane z’ubutunzi. Aho hose, uburongozi bwa gikoroni ntibwahengeshanya kumubera intambamyi.

Atahutse inyuma y’urwo rugendo muri Nyakanga 1958 agasanga koperative CCRU isigaye igenzurwa n’intwaro y’abakoroni, Rwagasore yatanguje iyindi koperative Copico (« Coopérative Indigène de Consommation» ),  ikoperative kavukire yo gusumiramwo. Intumbero yayo ikaba kwari ukugira ifashe abaguzi guhanahana ivyiyumviro no gukorera hamwe kugira ibiciro ntivyame biraduga buri gihe aho baherereye. Mu mwaka wa 1959, CCB yahavuye yugara burundu ku bw’ingorane z’ubutunzi ndetse n’ayandi makoperative akaba atashoboye kubandanya abaho inyuma yaho Rudoviko Rwagasore yitabiye Imana.

Igihe ca 1965-1993

Inyuma yo kwikukira kw’Uburundi mu mwaka wa 1962, amakoperative yarabandanije ariko atari ku rugero rushemeye.  Imwe mu mvo z’uwo murindi uri hasi ikaba indyane zitandukanye igihugu cagiye kiracamwo nk’uko bishikirizwa na Emile Mworoha yatuganiriye ivy’amakoperative ku ma repuburika yakurikiye intwaro ya cami.

Kuri Repuburika ya mbere (1966-1976), koperative z’i Bugarama zishingiye ku burimyi bw’ivyamwa n’imboga zari zashinzwe na Paul Mirerekano ni zo zonyene zashoboye kubandanya zikora. Mworoha ati: « Kuba n’ubu igice ca Bugarama kikibonekamwo cane ivyamwa n’imboga, inkomoko ya vyose ni ayo makoperative ya Mirerekano. »

Kuri Repuburika ya kabiri (1976-1987), Reta yashoboye  guteza imbere cane ubutunzi, uruhara rw’amakoperative ntaworudeha nk’uko Mworoha akomeza aducira ku mayange. Ico gihe, amakoperative yarasubiye gushigikirwa bisumbirije. Bikuru bikuru bigaragaza iryo shigikirwa, ni ishirwaho na Reta ry’Ubushikiranganji bujejwe igisata c’amakoperative hamwe n’ishure « Ecole des coopératives du Burundi » ryigisha rikaramura abahinga bashobora gukurikirana ibikorwa vy’amakoperative.

Amakoperative nka Mutoyi y’i Bugendana i Gitega hamwe na COOPEC (« Coopératives d’Epargne et de Crédit » yo kuziganya no kuguranana tuzi n’ubu zigihagaze neza zikaba zavutse kuri iyo ngoma. Mutoyi hari mu mpera z’imyaka ya 80, nayo COOPEC mu mwaka wa 1985.

Kuri repuburika yakurikiye (1987-1993), biturutse ku ndyane zitandukanye zagiye ziraba, gushigikira amakoperative vyaracumbagiye ariko ntiyazimangana, Ekleziya Gatorika ikaba ariyo ahanini yabandanije iyashigikira. Adrien Sibomana yabaye Umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka wa 1988 gushika mu 1993 ati: « Ego ni vyo, amakoperative yarashigikiwe na Gatorika biciye mu ma Diyoseze ariko n’uruhara rwa Reta rwagumye ari nta ngere. » Uyo murongozi akamenyesha ko urahara rudasanzwe rwa Reta yiwe ico gihe rwabaye  nyabuna urwo kugabanya inzitizi zatuma (« climat des affaires ») ibijanye n’ubucuruzi bidatera imbere. Aho na ho n’amakoperative akaba yaca abonerwaho mu gutera imbere.

Mu mwaka wa 1993, perezida Melchior Ndadaye na we yaraje n’ugushaka kwinshi kwo gusubira gukomeza amakoperative. Yitavye Imana, n’amakuba yakurikiye, ivyo gushigikira amakoperative birazimangana gose.

Umurindi wo gusubira kuvyura amashirahamwe y’amakoperative ukaba usubiye kugaruka inyuma ya 2005 aho mu mwaka wa 2017 hemejwe itegeko rigenga amakoperative mu Burundi, mu mwaka wa 2019, na ho  hagashingwa ikigo c’igihugu ANACOOP («Agence Nationale de Promotion et de régulation des sociétés coopératives au Burundi ») kijejwe guteza imbere no guha intumbero amashirahamwe y’amakoperative.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top