Jimbere

Kirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru makuru yaranze akarere ka EAC

Igihugu ca Kongo carahagaritse ingendo z’indege z’ishirahamwe RwandAir zigira muri ico gihugu, i Namugongo aho bibuka abamaratiri b’i Buganda, bose ntibari bazanywe no gusenga gusa. Ngo bopfuma biyahura hako bajanwa mu Rwanda … kaze mwisomere amakuru makuru makuru yaranze akarere ka EAC

Ibikoko vyo mw’ishamba vyo muri Tanzaniya bigiye gusubira gushorwa hanze

Hari haciye imyaka itandatu yose harafashwe ingingo yo kubuza ishorwa hanze ry’ibikoko vyo mw’ishamba. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru « The Citizen », iyo ngingo yari yafashwe kugira ngo hakingirwe ibikoko n’inyoni bisanzwe bituma ba mukerarugendo isinzi bagendera ico gihugu.

Igihugu ca Tanzaniya gifise ibikoko bigera ku miliyoni 4 vyo mu bwoko butandukanye bugera ku 430. Kubw’iyo ngingo yafashwe vy’agateganyo ku kiringo kingana n’amezi atandatu, ikigo kijejwe gukurikirana ubuzima bw’ibikoko vyo mw’ishamba gihamagarira abadandaza b’ivyo bikoko kwisunga ico kiringo mu kugurisha ivyo bari basanganywe.

Kongo n’Urwanda ibintu ntibiradadanuka

Mu gihe igihugu ca Kongo giherutse kwagiriza igihugu c’Urwanda ko coba kiriko kirashigikira umugwi M23 uriko uragwanya igisirikare ca Kongo mu karere k’ubuseruko, igihugu c’Urwanda naco kikagiriza Kongo yuko iriko irifadikanya n’umugwi FDLR ugwanya ico gihugu c’Urwanda, abahanuzi batandukanye bakomeza kuganira n’abakuru b’ivyo bihugu bibiri kugira ngo batorere inyishu impari ziri hagati y’ibihugu vyabo.

Hagati aho, nkuko vyandikwa na « BBC », igihugu ca Kongo carahagaritse ingendo z’indege z’ishirahamwe RwandAir muri ico gihugu. Ikindi kivugwa muri izo mpari, ni abasirikare babiri b’Urwanda igihugu ca Kongo cerekanye kivuga ko bafatiwe ku butaka bwaco yamara Urwanda rukavyamirira kure ruvuga ko nyabuna bariko bagenzura umutekano ku rubibe rugabura ivyo bihugu bibiri. Abo nabo igihugu ca Kongo ngo coba citeguye kuzobasubiza […]

Muri Kenya hayagwa imyiteguro y’amatora y’umukuru w’igihugu 

Inkuru ijanye n’amatora igezweho, ni ukwemererwa n’umugwi utegura ayo matora kwa Raila Odinga ko akwije ibisabwa kugira aze yitoze kuba umukuru w’igihugu. Uwo mukandida yahoze ari uwutavuga rumwe na Uhuru Kenyatta agiye kurangiza ikiringo ndetse akaba ubu ashigikiye ukwitoza kwiwe, azohiganwa na William Ruto asanzwe ari icegera c’Umukuru w’igihugu. Vyandikwa na « The Star ».

Uganda : mu misa yo kwibuka abamaratiri harafashwe abagizi ba nabi barenga 30

Ivyo birori vyo kwibuka abamaratiri vyabaye ku wa 3 Ruheshi ahitwa i Namugongo aho hari hari hasubiriwe kwemererwa abakirisu isinzi gushika muri ico kibanza inyuma yuko vyari vyarahagaritswe kubera ikiza Covid19 kuva mu 2020.

Nkuko vyandikwa na « Daily Monitor », Igipolisi ca Uganda kimenyesha ko cashoboye gufata abantu 36, abenshi bakaba bafatwa bivye. Mu gihe abenshi bafatwa bivye amaterefone canke bivye mu miduga, ngo hari n’uwafashwe ariko arakwiragiza inoti za magendu.

Ngo bahitamwo kwiyicisha inzara hako bokwimurirwa mu Rwanda…

Abo ni bamwe mu bimukira bimirije kwimurirwa mu Rwanda bavuye mu gihugu c’Ubwongereza nkuko ivyo bihugu bibiri biherutse kuvyemeranya. Ikinyamakuru « BBC » kivyandika kivuga ko aho begeranirijwe, abo bimukira (binjiye mu bwongereza ata ruhusha babifitiye) ngo bafise intuntu n’akababaro kuba bariko baragondozwa ngo bajanwe mu kindi gihugu mu gihe bamwe bamwe basanzwe bafise n’imiryango ngaho mu gihugu c’Ubwongereza.

Nkuko BBC ibandanya ivyandika, indege ya mbere itwaye abo bimukira yitezwe gushika mu gihugu c’Urwanda itariki ya 14 uku kwezi kwa Ruheshi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top