Jimbere

Kirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere

Kwiyamiriza abasoda ba MONUSCO biguma bihitana abantu muri RDC

Abantu batatu barishwe barashwe ku musi w’Imana  31/07/2022, mu karere ka Beni, ku mupaka wa Kasindi, igihugu ca Reta iharanira demokarasi ya Kongo gihana na Uganda.Abo bantu bakaba barashwe  n’abasirikare ba MONUSCO mu gihe bano bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca RDC. Abandi 15 bakaba barakomeretse murizo ntureka. Ni mu gihe abantu 19 bari bamaze guhitanwa n’imyiyerekano yo kwiyamiriza inteko za MONUSCO.

Ivyo vyabaye biriyamirizwa n’abajejwe intwaro muri ako karere ka Beni ndetse bigaterwa ivyatsi n’abarongoye MONUSCO. Bavuga yuko abakoze ako kabi bamaze kumenyekana ndetse n’amatohoza kuribo yamaze gutangura.

Twokwibutsa yuko   kuva igenekerezo rya 25/08/2022, abanyagihugu bo muri RDC na cane cane mu turere twa Goma, Butembo na Beni batanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza abasoda ba MONUSCO, bavuga ko ataco bariko barafasha mu kagarukana amahoro mu gihugu. Vyandikwa na RFI (https://bit.ly/3QelCWQ )

Tanzaniya igiye gushorera  ubutare bwa « diamant » i Dubaï

Iyo niyo ntumbero Reta ya Tanzaniya yihaye, inyuma yaho iboneye yuko umwimbu w’iryo buye ry’agaciro wabaye mwinshi ndetse n’igiciro caryo kikaba kikaduga kw’isoko mpuzamakungu. Ikinyamakuru The Citizen (https://bit.ly/3d1YMTW ) candika ko amafaranga angana n’imirayiridi 11 y’amadorari ariyo yinjiye mu kigega c’igihugu ca Tanzania, bivuye mu gushora amabuye y’agaciro. Igihugu ca Tanzania kikaba kiri mu bihugu kw’isi bizwi cane mu butunzi bw’amabuye y’agaciro ya « diamant ».

Kenya : uwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu ku ruhande rwa William Ruto yagirizwa igiturire

Rigathi Gachagua akurikiranwa kuva kuri uyu wa 28/07/2022, ku caha co kunyuruza amafaranga yababa imiriyoni 1,7 y’abanyaburaya na Reta ya Kenya. Ivyo ngo akaba yabikoze hagati y’umwaka w’i 2013 ushira 2020, aho yagiye ararongora amashirahamwe atandukanye.

Mu rubanza yaciriwe, bakaba bamenyesheje ko Rigathi Gachagua yananiwe gusigura ayo mafaranga aho yavuye, ivyo uyo munyepolitike yamirira kure, akavuga yuko arivyo gushaka ku mucafuza na rirya amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya asigaje iminsi 6 nkuko tubikesha iradiyo RFI (https://bit.ly/3vy8yE5 )

Uganda : abantu cumi barahitanwe n’imvura y’igihuhusi

 Mw’ijoro ry’uwa 30 Myandagaro 2022, mu bisagara vya Mbale na Kapchorwa,  imvura ivanze n’imiyaga yirara mu mihana, inzuzi ziruzura zirasesa, amazu arabomoka n’ibindi bitari bike biratikira. Kubw’Umushikaranganji wa mbere w’igihugu ca Uganda, Robinah Nabanja, ngo izo ni ingaruka zitituka ry’ibidukikije

Ikinyamakuru Le Figaro (https://bit.ly/3PVrNiM ), kivuga ko akarere ka Mbale n’ubundi burere bwegereye ako gace buri mu bubangamirwa n’imyizurira kuko ababa murubwo burere bubatse amazu hafi y’inzuzi no ku misozi ihanamye

Rwanda : abigisha n’abayobozi b’amashure bongerewe agashahara

Inyuma y’imyaka 15 batongerezwa agashahara,abigisha bo mu Rwanda baributswe na reta yabo. Inkuru nziza kuribo kukaba nkako  ibiciro vy’ibidandazwa vyagumye biduga murico kiringo nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru BBC. (https://bbc.in/3zq3JxJ)

Iyo nyongera izoja ku mushahara w’umwigisha atahana nyuma yuko umushahara wiwe wakuweho ibindi birimwo ubwishingizi, n’ibindi bakurako ku mushahara.

Umushahara wadugijwe hafatiwe kuyo umwigisha canke umuyobozi w’ishure rya Reta asanzwe ahembwa agitangura akazi, hashingiwe ku mpamyabushobozi mu buryo bukurikira :

A2 (impamyabushobozi y’amashure yisumbuye) yahembwa 57.639 y’amanyarwanda yongejwe 50.849 ni kuvuga ko azoca ahembwa 108.488 y’amanyarwanda

A1 (impamyabushobozi y’urugero rwa mbere rwa kaminuza) yahembwa 136.895 y’amanyarwanda yongejwe 54.916 ni kuvuga ko azoca ahembwa 191.811 y’amanyarwanda

A0 (Ni impamyabushobozi y’urugero rwa kabiri rwa kaminuza-licence/bachelor’s degree) yahembwa 176.189 y’amanyarwanda yongejwe 70.195 azoza ahembwa 246.384 y’amanyarwanda

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top