Jimbere

Kirundi French English
AYAGEZWEHO

Amakuru makuru yaranze akarere

Papa Fransisiko umwungere w'Ekleziya Katorika/DR

Inyuma y’ukwo atakigiye muri Kongo, Papa arasaba imbabazi abanyekongo, Denis Mukwege ati ibiriko biraba muri Kongo ntibitandukanye n’ibiriko biraba muri Ukraine, Tanzaniya yoyo igiye gutanguza ibikorwa vyo kwimba gaz yayo…

Papa arasaba ikigongwe abanyekongo

Mu nkuka ya misa yo kuri uwu w’Imana Papa Faransisiko yarasavye ikigongwe abanyekongo hamwe na Sudani y’epfo, inyuma y’uko urugendo rwiwe rwari rutegekanijwe muri ivyo bihugu 2 mu ntango z’ukwezi kw’indwi kuza ruhagaritswe kubera ikibazo c’ubugwayi bw’ivi Papa afise. Vyandikwa n’ikinyamakuru Le Potentiel.  

Aho ni mu gihe hari abisumamwo batari bake bari bamaze kurungura ibidandazwa bizogurishwa kuri uwo munsi nk’imipira icafyeko Papa, amashapule, imisalaba n’ibindi bashikiriza ko bagize uruhombo runini… Mwomenyako urugendo rwa Papa rutahagaritswe burundu, mu gihe amagara y’uwo mwungere w’Ekleziya Katorika kw’isi yose yo kwisununura rukaba ruzoshobora kuba.

Muri Kongo kandi havugwa urugendo rw’Umwami w’Ababiligi Philippe n’umutambukanyi wiwe bagiriye mu gisagara ca Bukavu aho bakiriwe ejo ku munsi w’Imana. Aho ni inyuma yo kugendera ibisagara vya Kinshasa, Lubumbashi na Haut-Katanga. Muri urwo rugendo rw’iminsi 6,  umwami w’Ububirigi amaze muri Kongo akaba yarasavye imbabazi icese abakongomani ku mahano igihugu ciwe cakoze mu gihe c’Ubukoroni nk’ukwo tubisoma mu yindi nkuru yanditswe na La Croix.

Muri urwo rugendo yagiriye mu gisagara ca Bukavu rero, umwami w’Ububirigi yaragiranye umubonano na Dr Denis Mukwege, uyu nawe akaba yaramenyekanye cane kw’isi nk’umuganga yakira akongera akavura abagore bafatwa ku nguvu mu gice c’Ubuseruko bwa RDC aho yanabironkeye agashimwe ka Prix Nobel de la Paix. Ku bijanye n’ibitero vy’umugwi ugwana wa M23 uwo muganga yatanze ubutumwa bukomeye akaba yagize ati: “Nta tandukaniro mbona hagati y’ibiriko biraba muri Ukraine n’ibiriko biraba ng’aha. Igihugu c’Urwanda carateye Kongo kandi si irya mbere bibaye. Amakungu kurya yashigikiye Ukraine mu gutanga amamiriyaridi y’amafaranga n’izindi mfashanyo nikwo yarakwiye no kubikora kuri Kongo. N’ayahandi ho bitagenze ukwo ntitwovuga ko turi kw’isi imwe.”

Ivyo rero Dr Mukwege akaba yabivuze inyuma y’aho ingwano yasubiye kureta mu gice c’ubuseruko bwa Kongo. Umugwi wa M23 ukaba wamenyesheje icese ko ugiye gutangura ingwano ku gisirikare FARDC ca Kongo. Ibice bivugwamwo intambara kuri uno munsi akaba ari nk’agace ka Bunagana bivugwa ko uwo mugwi wagirizwa na Reta ya Kongo ko ushigikiwe n’Urwanda woba ugomba kwigarurira. Iyo nkuru ikaba yandikwa na RFI.

Urwanda mu myiteguro yo kwakira impunzi zivuye muri Kongo

Mu Rwanda ngo haritezwe umugwi wa mbere w’impunzi 50 za mbere zizoshika kw’itariki ya 14 z’ukw’indwi uvuye mu gihugu c’Ubwongereza. Vyandikwa n’ikinyamakuru Euronews aho kivuga ko cashitse muri Hoteri Hope of Kigali kigasanga imyiteguro yo kwakira izo mpunzi imeze neza. Bati:« Tuzobakira neza, bazotembera ukwo bashaka bishire kandi bizane.», ivyo bikaba bishikirizwa n’abajejwe iyo hoteri izoshikiramwo umuce wa mbere w’izo mpunzi.

Ikinyamakuru Euronews rero kikba carashitse ngo no mu gisagara ca Kigali hagai aho cashoboye kuganira n’abanyagihugu kuco bibaza kwiyakirwa ry’izo mpunzi. Abanyakigali ngo bakaba bamenyesha ko biteguriye kwakira izo impunzi igishika kandi ataco bibatwaye. Mukamenyako Kigali izoronswa amafaranga agera ku miriyoni 120 z’amafaranga y’abanyaburaya yo kwakira izo mpunzi nk’uko tubisoma ku rubuga Politico EU

Tanzania yateye umukene ku masezerano afise agacira k’imiriyaridi 30 z’amadorare yo kwimba gaz yayo

Igihugu ca Tanzaniya n’amashirahamwe Shell na Equinor cateye umukono ku masezerano yo kwubaka umuhora uzocamwo gaz yimbwe muri ico gihugu. Ayo masezerano akaba afise agaciro k’imiriyaridi 30 z’amadorare y’abanyamerika. Nk’ukwo tubikesha iradiyo y’abafaransa RFI ngo uwo muhora uzubakwa mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Tanzaniya mu gisagara ca Lindi. Amafaranga ya nyuma y’umutahe akaba azokwegeranywa mu mwaka wa 2025 imbere y’ukwo ibikorwa vyo gucukura gaz bitangura mu mwaka wa 2029

Umukuru w’igihugu ca Ouganda ati: « Ubukene igihu cacu gifise bwatewe n’ubutegetsi bwabanje hamwe n’abakoroni« 

Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 1986 yabishikirije imbere y’abarongozi bo mu turere twitwa Acholi na Lango nk’ukwo tubisoma mu kinyamakuru The Monitor.

Museveni agira ati: ‘’ Abakoroni batwigishije kurima ibiterwa ata kamaro bifitiye umunyagihugu uretse bonyene ubwabo ahi ni nk’ipampa, ikawa, icayi, itabi…ivyo rero bikaba vyaracereje iterambere kuko abanyagihugu babayeho bipfuza kwinjiza udufaranga duke two kuronka utwa bafungura ku munsi ku munsi. Niwisomere inkuru yose ng’aha.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top