Jimbere

Kirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka EAC: ikomezwa ry’imigenderanire hagati ya Ouganda na Tanzaniya, ishirwa mu mwiherero ry’urubanza rw’uwutunganya Miss Rwanda yagirizwa gusambanya abigeme bahiganwa…

Igihugu ca Ouganda ciyemeje gutanga amatoni y’isukari 10.000 kuri Tanzaniya

Mu masezerano ivyo bihugu vyompi vyaraye biteyeko umukono ku bijanye no gufashanya, igihugu ca Ouganda ciyemeje gutanga amatoni y’isukari 10.000 ku gihugu ca Tanzania

Ayo masezerano yateweko umukono mu rugendo rw’iminsi 2 umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu yagize mu gihugu ca Ouganda kuva ku wa mbere w’indwi iheze itariki 9 Rusama 2022. Samia Suluhu aremeza kandi yuko ivyo bihugu vyompi bigiye gusangira umurongo wo gutanga umuyagankuba ungana na KV 400 uzohuza ibisagara 2 arivyo Masaka muri Ouganda hamwe na Mwanza muri Tanzaniya.

Nkuko vyandikwa na Agence Ecofin, ngo hambavu yuko ivyo bihugu vyiyemeje kubandanya bifashanya mu bijanye n’umutekano, hamwe n’amagara, Tanzania yemeye kwigiye kuza iragurira imiti yo gupfupfahaza umugera wa SIDA muri Ouganda.

VOA yoyo yandika kuri urwo rugendo nyene ko Perezida wa Tanzaniya ashikiriza ko ubucuruzi hagati y’ibihugu vyo mu karere ka Afurika y’Ubuseruko muri rusangi, butegerezwa kworoherezwa hakukurwaho inzitizi z’ubucuruzi. Ni muri iyo ntumbero Tanzaniya yasezeranyije kugabanya amakori ku makamyo yo muri Ouganda kuva ku madorare arenga 500 kugeza ku madolari 150 guhera 01/7/2022.

Tanzaniya yiyemeje ko mu myaka 3 itazosubira gusumira isukari n’amavuta hanze y’igihugu

Mu gihe igihugu ca Tanzaniya gisumisha hafi imiriyoni 100 ku mwaka y’amadorari y’abanyamerika kugira kironke amatoni ashika 371.000 ashobora gukwira abanyagihugu hamwe n’amafaranga 250.000 ku mwaka y’amadorari y’abanyamerika kugira kironke amatoni 320.000 y’amavuta, Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu amenyesha ko Reta yiwe yafashe ingingo yo kwongereza umwimbu kugira mu myaka itatu ntihagire n’igiceri kizosubira gusohoka kugira ngo baje gusuma hanze y’igihugu isukari canke amavuta.

Ikinyamakuru La Tribune candika ko Tanzaniya itegekanya mu maguru masha gutanga imbuto zirobanuye za tournesol ku birimizi batobato. Hagati yaho, amahegitari agera ku 10.000 yaramaze gutegekanwa kugira ngo abanyamitahe babishoboye baze kuyarimamwo ibigazi. Hambavu yivyo, ngo Reta itegekanya kandi gufata ingingo zizotuma abanyamitahe bahurumbira kuza gushinga amahinguriro y’isukari n’amavuta

Urubanza rwuwahora ategura MissRwanda rugiye kuburanishwa mu mwiherero

Ishimwe Dieudonné atwara ikigo « Rwanda Inspiration Back Up » ryahora ritunganya amahiganwa ya Miss Rwanda ariko ubu ryamaze guhagarikwa yararengutse kuruyu wa 13/05/2022 muri sentare nkuru yo ku mugwa mukuru Kigali

Mugihe urwo rubanza rwari rwitabwe n’abantu batandukanye ndetse n’abamenyeshamakuru, umucamanza yariko araburanisha urwo rubanza akaba yategetse yuko urwo rubanza rwoburanishwa atabantu bahari naho Ishimwe Dieudonné yagirizwa ivyaha vyo gufata ku nguvu abigeme bari mw’ihiganwa Miss Rwanda no kubasaba yuko bokorana imibonano mpuzabitsina yagumye asaba yuko urwo rubanza rwoburanishwa ku mugaragaro. Tubikesha BBC.

Umuforomakazi w’umunyakenya yahawe agashimwe kw’isi kubera kurwanya ivyo gusiramura abigeme

Anna Qabale Duba akorera ku bitaro vya Marsabit County Referral Hospital yahawe agashimwe gafise agaciro k’amafaranga 250.000 y’amadorari y’abanyamerika. Uyo muforomakazi abicishije mu kigo ciwe yose Qabale Duba Foundation akaba yaragerageje kurwanya uko ashoboye imigenzo ijanye no gukata ku gitsina c’umwigeme harimwo no kubasiramura bisanzwe vyigaragaza mu miryango imwimwe naho Reta ya Kenya yabibujije. Ikinyamakuru BBC kikaba kimenyesha yuko mu 2014, abagore imiriyoni zine boba aribo bamaze gukorerwa iyo migenzo ifatwa nkiyihungabanya agateka k’umukenyezi

Ababibirigi 2 bagirizwa kuba bariganye ireresi y’abakongomani

Kuruyu wa 10/05/2022, niho urubanza rw’imisore ibiri ivukana yo muri Kongo yagiriza ababirigi babiri bategura ireresi yuko biganye igikorwa cabo. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Actualités.Cd abo basore Gilbert Balufu na Bakupa-Kanyinda Balufu bagiriza Thierry Michel na Christine Pireaux ko biganye amasanamu y’ireresi yabo yasohotse mu 2015 yitwa « Congo ! Le silence des crimes oubliés », mu gihe ireresi yabo babirigi yasohotse mu 2021 yiswe « Empire du silence » , yompi akaba yavuga amabi yakozwe mu ntambara zabereye mu buseruko bw’igihugu ca Congo

Sentare ihejeje kwumviriza abashingwamanza ikaba yahavuye ishinga yuko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa mu mezi atatu, mu ntumbero yo guha akaryo impande zose guseruka muri urwo rubanza canke kurondera abashingwamanza bazobaserukira. Naho biruko, abo bakongomani bakaba basaba indishi y’akababaro kuko bamenyesha yuko amasanamu yabo yakoreshejwe ataruhusha batanze.

Amakuru yatororokanijwe na Liévin Niyogusengwa

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top