Jimbere

Kirundi French English
INYUBAKO

« Amazi Water » canke amabombo kuri bose

Ishirahamwe « Amazi Water » ririko rikora bidasanzwe mu gisata c’amazi mu Burundi. « Ihangiro nuko gushika mu mwaka wa 2028 abarundi bose bazoba baronkejwe amazi meza hafi yabo. » Twaragendeye iryo shirahamwe baratwiganira uko bakora.

Ni abanyamahanga bakunda Uburundi baje gushigikira mu gisata c’amazi. Baramaze gukwira igihugu nka cose bubaka amazi meza na canecane aho akenye gusumba ahandi. Henshi bubaka amazi, bakoresha ubuhinga bwo kwimba (forage), bakayarondera mu buja kuzimu. Bamaze kuyatora, barayubakira, hama abayavoma bagakoresha ubuhinga bw’amaboko mu kuyaduza canke bakabaronsa ubuhinga bwo kuyaduza hakoreshejwe umuyagankuba.

Kirezi José Marie Eva umukuru w’umutumba Kayange muri komine Musigati twaramusanze aho iryo shirahamwe ryariko ririmba rirondera amazi kuri uwo mutumba arongoye. Ashimira « Amazi Water » ku mazi ririko rirabubakira, yagize ati: « Ivomo twari dusanganywe ryubatswe imbere y’ugwimo rwo mu 1993. Uretse ko hari aho hagera igihe amazi yaryo agakama, hariho n’igihe aza acafuye, kuyanwa bikagira ingaruka ku magara yacu. » Kubona iryo shirahamwe ribaronsa amazi meza rero ngo ni ikintu co gukenguruka cane.

Abashima barenga umuriyoni

Gushika ubu, abarundi umuriyoni n’ibice 3 bari mu ntara 17 kuri 18 zigize Uburundi baramaze kuronswa amazi meza n’iryo shirahamwe. Mu kwezi kwa Rusama guheruka, Robert Vanman ariserukira yararonkejwe agashimwe n’umukuru w’igihugu nk’umuntu wa mbere aterera mu kuronsa amazi abarundi.

Isoko | « Umurundi 1 kuri 3 nta mazi meza aronka »

Kanatsinda iryo shirahamwe ryarashimwe n’umukuru w’igihugu aho mbere ririko rirakorana nawe mu mugambi « Amazi kuri bose » mu kiringo co kuva mu 2021 gushika mu 2025. Gushika ubu, muri uwo mugambi, ibibanza bishika 500 biramaze kuronswa amabombo. Nayo mu mpera z’uwo mugambi, hategekanijwe ko imitumba 2500 izoba yaronkejwe amazi.

Ni gute batora aho bubaka ayo mazi ?

John Peake umuyobozi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe amenyesha ko bakorana n’intwaro ubwa mbere na mbere. Ngo barakora kandi n’ivyigwa ku busumbasusumbane bw’ikirere bakaraba ahadashika amazi kuruta ahandi akaba ariho bubaka canke naho bakubakira uwuvyipfuza ashobora kuriha uburyo bwiwe.

Bamaze kubona aho bikenewe ko hubakwa amazi, baraheza bakagira ivyigwa vyo gupima uko amazi yaho ameze (ko ari meza anyobwa,…), mu nyuma yaho bakayimba bagatako bakanayubakira. Baratanga n’inyigisho ku bayaronkejwe kugirango bashobore kuzoyabungabunga no kwikurikiranira ivyayo.

Intumbero 20-20-100

Mu vyigwa iryo shirahamwe ryagize, ryasanze umurundi 1 kuri 3 ata mazi meza aronka. Ivyo vyigwa nyene vyerekanye kandi ko ku barundi 10 abarenga 4 bagenda umwanya urenga iminota 30 kugira bashike aho bavoma.

John Peake umuyobozi w’iryo shirahamwe ati: « Tumaze kubona ivyo biharuro, twaciye twiha intumbero twise 20-20-100. » Insiguro y’iyo ntumbero ngo nuko gushika mu mwaka wa 2028 abarundi bose (100%) bazoba baronse amazi meza, bafunyirizwe urugendo, umuntu agiye kuvoma agende umwanya uri munsi y’iminota 20 hama buri murundi aronke n’imiburiburi amaritiro 20 y’amazi meza ku munsi.

Mu ntambamyi harimwo yuko ivyo barakoresha ahanini biva hanze y’igihugu kandi bigateba mu nzira kubera ibihe vy’ikiza Covid-19. Hari kandi ikena ry’abahinga b’abarundi. Ariko baramaze gutanguza inyigisho zijanye n’ubuhinga bakoresha kugira aho bubatse haronke abahakurikirana.

Amazi Water ryashikanywe mu Burundi mu 2015. Mu gihe beneryo (bava muri Reta zunze ubumwa za Amerika) baje bategekanya gutangura kurangura igikorwa ku rwego rw’akarere ka Afrika y’ubuseruko, urugero ruto rw’amazi meza babonye mu Burundi rwabatumye baca bahitamwo kubanza gukorera mu Burundi honyene imbere yuko baja ahandi. Nk’uko John Peake avyigana, ngo ni na vyo vyatumye bahindura izina ry’ishirahamwe ryabo ryitwa « Think East Africa » gushika mu 2019, barihindura  Amazi Water.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top