Jimbere

Kirundi French English
UKUBANA

Abahabara bahanzwe n’iki?

Ku myaka yiwe 24 itarenga ntirenguke, Niyongere Nosiyata n’ikibondo i mugongo yisanze ari umuhabara atari abizi.

« Igihe umugabo tubana ambwira ko asanzwe afise uwundi mugore bandikanywe imbere y’amategeko, ishavu ryarandengeye ariko nta kundi nari mfise ndabikika kuko nari nibungenze.”

Ni ku munsi wa gatanu, turi mu kigwati ca 3 muri komine Gihanga kw’ibarabara rya gatandatu, Nosiyata Niyongere ntagira ayo acira n’ayo amira. Haciye amayinga atari make umukuru w’umutumba afadikanije

n’abandi bakenyezi babana bamubwiye ko yonyaragasa akava muri iyo nzu abanamwo n’uwo mugabo.

Yagirijwe kubana nk’umuhabara hamwe n’uwo mugabo yamuvyayeko, Nosiyata asigaye asa nk’uwihaye amenyo y’abatwenzi. Uwo mugabo babana we nta co ashaka kuvuga ku bijanye n’uwo mugore wiwe. Yigumira amwa abantu kuko asanzwe ari kimyozi imbere y’imuhira iwe, Nosiyata na we akahadandariza amakarata bashira mu materefone. Uwo munsi Nosiyata ntiyari yakoze.

Haheze akanya wabona abahita bose batunga urutoki Nosiyata nk’uko umenga ni umumenja. Aho yaba ari kw’ikinga n’umwana mu mugongo umuravye ukabona yuko asa n’uwagize ubwoba gushika aho umenga yota akomoka. Nosiyata yahavuye agira ico vuze: “Jewe narinzi yuko uyu mugabo wanje yigeze kubana n’uwundi mugore ariko yarampishije ikintu gikomeye na co ni uko atigeze ambwira yuko bari baranditswe imbere y’amategeko.”

Nosiyata amaze umwaka abana na se w’uwo mwana wiwe. Aribuka ko igihe umugore wa mbere w’uwo mugabo amenya yuko yamuharitse, yaciye aza kuri uwo mutumba kwibariza no kwirabira yuko iyo nkuru ari impamo. Nosiyata ati : “Yaremeye asiga abana biwe ku Ngara aho asanzwe aba , araza kwirabira ubwiwe nyene yuko ari vyo.”

Urukundo ni ibanga

Nosiyata yaratwiganiye yuko kugira uwo mugore wa mbere yereke uwo mugabo ko atari ivyo gufyina yaraje aca abatera abana 6 yari afise: “Haheze amezi abiri adutereye abana biwe batandatu bafise imyaka iri hagati y’itatu na cumi n’itatu. Yaciye yisubirira ku Ngara”.

Naho asa n’uwufise amadidane, Nosiyata afitiye urukundo rwinshi uwo mugabo : “Turumvikana neza kandi aratwitwararika cane nk’umuryango wiwe. Jewe yari yarambariye yuko itandukana ryiwe n’umugore wiwe wa mbere ryaturutse ku kutumvikana ku bintu vyinshi kandi naremeye ivyo yambariye”. Nosiyata aremeza ko uwo mugabo yamuhaye iyindi nzu yobamwo ariko ntiyumva ukuntu yobaho wenyene afise uruyoya rw’indwi zibiri gusa.

Nosiyata aremera yuko ariko aragenza umutwe nk’uruyuzi: “Jewe sinzi ingene ibi bintu nzobivamwo. » Ku kibazo c’uko yoba yiyumva afise umutekano kuri uwo mutumba abako yishura ati: “ Mu gihe umugabo wanje akinkunda jewe numva ituze mu mutima”. Ikindi ni uko adahengeshanya kuvugira uwo mugabo babana ati: “Hariho imvo yatumye yahukana n’umugore wiwe wa mbere, none kuki abantu bamuhatira kubana ku nguvu n’umugore atiyumvamwo ndetse adakunda?”

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top