Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Mu Burundi, abantu barenga 4 000 bararonkejwe urucanco rukinga umugera w’indwara ya Ebola

Kuva aho umugera wa Ebola wigaragarije mu gihugu ca Congo ugahitana abantu barenga 2000, harakozwe ubushakashatsi bwo gukinga ico kiza batako baratora urucanco rukinga uwo mugera wa Ebola witwa « Zaïre ». Ku bw’ivyo n’uBurundi bwarungukiye kuri urwo rucanco aho abantu bashika 4 105 biboneka ko bogeramirwa cane baruronse ku bantu 4320 bari barutegekanirijwe. Bishikirizwa na Muganga J.Bosco Girukwishaka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Ku bijanye n’urucanco rwatanzwe mu ntumbero yo gukinga Ebola, muganga Girukwishaka amenyesha yuko urwo bakoresheje rukinga uwo mugera, rwatanguye gutangwa kuva ico kiza gitanguye kwibonekeza muri Congo. Rero ngo kubera ko abantu bari batanguye gupfa ku bwinshi, ngo harakozwe ivyigwa vyinshi cane bashakisha uburyo bwo kuwukinga kugeza aho mbere ico gihe banarutanga ivyigwa vy’urwo rucanco bitarahera mu ntumbero yo kuraba ko n’imiburiburi inyungu ishobora kuba nyinshi gusumba ingaruka mbi. Ni ko kurugerageza basanga rurakinga.

Nta ngaruka mbi urwo rucanco rufise

Nkuko uwo muvugizi w’ubushikirangaji bw’amagara y’abantu abandanya abivuga, ngo bari barindiriye gusa kumenya ko nk’iyo umukenyezi yibungenze canke yonsa ata ngaruka mbi zishobora kuba mu gihe yoronswa urwo rucanco. Rero ngo basanze ata kibazo rutera. Ariko amenyesha ko ivyigwa vyari vyerekanye ko uwuhawe urwo rucanco mu masaha 24 ashobora kugira ibimenyetso nk’ivyindwara ya Malaria. Ivyo na vyo ni nko kugira ingoga nke, kutamera neza mu kanwa, kumeneka umutwe, ubushuhe n’ibindi.

Urwo rucanco rwoba ruzoshikira abarundi bose?

Muganga J.Bosco Girukwishaka agira ati: « Kuri urwo rucanco, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’amagara y’abantu OMS ntirica rikingira abantu bose bari mu gihugu iyo ndwara yibonekejemwo ubwa mbere. Ahubwo icihutirwa ni ugukingira abantu bashobora kwandura ubwa mbere bivanye naho bari n’ivyo bakorera mu gace iyo ndwara ivugwamwo ». Akanamenyesha ko mu Burundi hahawe urucanco imigwi y’abantu bashizwe ku mbibe bajejwe gusuzuma abinjira. Abo na bo bakaba ari : abavuzi, abajejwe umutekano bagendura uruja n’uruza ku mbibe, hatibagiwe n’abakorera ku bitaro bishobora kwakira abofatwa na Ebola, abakorera ku kibuga c’indege, ku bivuko, …

Muganga J.Bosco Girukwishaka aheraheza amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekana yuko abaronse urwo rucanco n’ubwo bohura n’uwugwaye Ebola atandura kandi ko rumukingira mu kiringo kingana n’umwaka umwe.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top