Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Mu Burundi, ibice 3% vy’abakenyezi ntibonsa abana babo

Ibice 97% vy’abakenyezi ni bo bonsa abana babo kuva bakivuka gushika ku mezi 6. Muri bo, 83% baronsa abana ata kindi babavangiye. 14% barabonsa ariko bakavanga n’ikindi kintu. 3% ni bo batigera bonsa abana babo, nkuko biri muri raporo ya nyuma yo mu 2017 yasohowe n’ubushikirangaji bw’amagara y’abantu.

Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza akaba arongoye ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke, avuga ko mu Burundi, imvo zituma abavyeyi batonsa abana babo ari nyinshi. Agira ati: «Hari imvo zumvikana nk’iyo uwuhejeje kwibaruka aba agwaye ibere, igihute kw’ibere, imoko rifise ikibazo, ata monkwa (amaberebere afise) canke iyo aciye yitaba Imana ahejeje kwibaruka ariko ikibondo kikarokoka. Ariko kandi hariho n’izindi mvo zitumvikana. Nk’ab’usanga batinya kwonsa ngo amabere yabo yohava agwa, abandi bikava ku kazi bakora, ukutamenya akamaro ko kwonsa, ukubabara atanguye kwonsa, ukudigadigwa (ubuyega bwo kwonsa) bituma umukenyezi atinya urwonko, n’ibindi. Abo bose rero batonsa abana babo baca bahitamwo kubareresha amata yo ku nkongoro “biberon” ».

Alice Nahishakiye ni umuvyeyi w’abana 5 aba muri Twinyoni iri mu Kamenge. Uyu muvyeyi na we nyene aremeza ko hari abavyeyi batonsa kubera gutinya. Agira ati :« Burya kwonsa bisaba gutimba. Birababaza. Iyo wahuye n’umwana azi kurikwega neza uvyumvira mu bwonko. Rero umuvyeyi iyo atinya kwonsa akaba yifitiye uburyo bwo kwama yaguze amata, aca ahitamwo kureka kwonsa umwana maze akamuha umukozi akaba ariwe aja aramunywesha amata. Nanje mba butimbireko kubera impanuro nama nahawe n’abaganga ».

Rero, ivyigwa vyakozwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu 2017, vyerekana ko ibice 4% vy’abana kuva bakivuka gushika ku mezi 5, babahera amata ku nkongoro (biberon). Ibice 11% bava ku mezi 6 gushika ku mezi 9 na bonyene banywera ku nkongoro. Bikaboneka rero ko, ukwo umwana akura, ariko bagomba kumuha amata yo ku nkongoro.

 Ingaruka zo kureresha abana amata canke amaberebere yo ku nkongoro

Augustin Harushimana asanzwe akorera kw’ivuriro ry’ikigo Umugenzi w’Abakenyezi(FWA) ryitwa Ntaseka (Umukobwa Ntaseka Uwundi Araseruka) riri mu kamenge, amenyesha ko abana bonkera ku nkongoro bakunda kugwaragurika cane. Akamenyesha ko zimwe mu ndwara bakunda kugwara ari nko gucibwamwo, gutura imibe, amangati, ibirungurira, kuyorwa, kugumirwa … izo zose zikaba zituruka kw’isuku rike bagirira inkongoro baheramwo amata abana hamwe n’ibura ry’ingaburo ikwiye dusanga mu maberebere y’umuvyeyi, gutyo bigatuma umwana anamba, akabutira, eka mbere n’imigenderanire hagati y’umwana n’umuvyeyi ikanagabanuka kuko batamarana umwanya ukwiye.

Uyo yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza avuga ko abo bose badaha ibere abana babo ukwo bikwiriye ko baba biyibagije ko kwonsa bituma umwana agira amagara meza, akagira ubwenge, akiga neza, bitandukanya imvyaro ku bavyeyi, bikagabanya ugushobora gufatwa n’indwara ya kanseri n’ibivyimba ku mabere. Eka mbere ngo binatuma hakorwa imisemburo (hormones) umubiri ukenera ifasha umwana n’umuvyeyi kubaho neza, bitayeko umwana yonka ivyo umuvyeyi yafunguye n’ivyo yanyoye!

Rero, nk’uko biri mu mabwirizwa y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, umuvyeyi wese ahamagariwe kwonsa umwana wiwe ubwo nyene acibaruka agaca amushira kw’ibere akonka umuhondo kuko ufatwa nk’urucanco rwa mbere rukinga indwara zifata inzoya bikanagabanya impfu zabo. Hama umwana agaca abandanya abeshejweho n’ukwonka vyonyene gushika ku mezi 6. Ayo mezi 6 aheze, umuvyeyi aca abandanya amwosa amuha n’ibindi bintu gushika arenze imyaka 2. Mbere bikunze akonka gushika aryikuyeko. Vyinshi bikenewe Ubushikiranganji bwaravyanditse neza mu kirundi mu gatabo abavyeyi basanzwe baronswa mugihe co gupimisha imbanyi, kwivuza, gucandagisha ibibondo hamwe n’ivyo kuvyara ku rugero. Gatangwa ku buntu aho hose bikorwa.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top