Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?

« Abantu bapfa bahitanwe n’indwara ya malaria baragabanutse gushika ku rugero rurenga ibice 50%, umugera w’indwara ya Ebola wahagurukiwe bikwiye, eka n’abantu 235 bari bagwaye ikiza c’indwara ya korera baravuwe barakira. Ivyo na vyo bikaba vyashobotse kubera ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara yabantu yo gupima no kuvura abenegihugu ku buntu« . Vyashikirijwe na Thaddée Ndikumana umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida.

Kw’igenekerezo rya 27 myandagaro, mu ngoro yʹinama nshingamateka mu kigobe, umushikirangaji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yari aramutse yishura ku bibazo vyabajijwe n’abashingamateka. Ivyo n’avyo ahanini bikaba vyari bijanye naho ubushikiranganji arongoye bugejeje ibikorwa vyo gukinga no kuvura indwara zibangamiye amagara y’abarundi. Zimwe mu ndwara yagarutseko cane akaba ari indwara ya malaria, umugera w’indwara ya Ebola hamwe na korera. Izo ndwara rero ngo nkuko zibangamiye amagara y’abatu, zaranahagurukiwe kugira ziranduranwe n’imizi mu bice vyose vy’igihugu na canecane aho zivugwa cane.

Nk’uko bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, ngo muri aya mezi ane haragaragaye igitigiri kinini c’abitura amavuriro kubera indwara ya malaria na canecane mu karere k’Uburaruko,Ubuseruko no mu karere ko hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyari vyavuye kw’ihindagurika ry’ibihe, aho imibu yari imenyerewe mu kiyaya c’imbo yashoboye no kugaragara mu ntara za ruguru. Kubw’ivyo, ngo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaciye bufata ingingo ruhasha kugira iyo ndwara igabanuke canke ngo ihere burundu.

Mu Gatumba, icuma gifasha gupima umugera wa Ebola.

Thaddée Ndikumana avuga ko baciye bakorana na Reta. Agira ati: ” Reta yatanze amafaranga angana n’imiriyoni 500. Natwe twaciye dutanga akazi ku baganga 360 batari bafise aho bakora. Abo rero baciye basanga abanyagihugu muhira kugira babapime bongere bavure abasanze bagwaye malaria”.
Amenyesha kandi ko inyuma yaho, baciye baja mu bikorwa vyo gupompa akarere k’ubuvuzi ka Buye na Muyinga. Aho naho ngo harangwa imibu mu mihana, mu biharage bimbuye eka no mu mashamba yaba akikije ingo. Hambavu yʹivyo, ngo haranatanzwe imisegetera irimwo umuti wica imibu.  Agira ati:” Ku bw’ivyo bikorwa vyose twakoze, vyatumye ibitigiri vy’abitaba Imana bahitanywe na malaria bagabanuka gushika ku bice birenga 50% tugereranije no mu mwaka wa 2017”.

Hakozwe iki ku bijanye no gukinga umugera w’indwara ya Ebola na korera?

Nk’uko bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, ngo barazanye incanco 2.000 zo gukinga umugera w’indwara ya Ebola. Izo na zo ngo zabanje guhabwa abo bose bakorana hafi n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Abo na bo ni nk’abaganga, abapolisi bakora mu gisata kijwe imbibe nʹuruja nʹuruza, hamwe n’imigwi y’abapolisi n’abasirikare. Kandi hari ho ivyuma nʹabaganga bashobora gupima umugera w’indwara ya Ebola. Bishitse hakaboneka uwuwugwaye, ngo hariho abandi baganga bajejwe ku mwitaho gushika akize.
Hamwe atokira na ho ngo hari ho n’abandi bajejwe ku mufubana iteka bavyize neza bakabikora kuburyo bukingira abenegihugu. Ikindi kandi ngo kubera ko muri Congo habonetse umuti uvura Ebola watowe n’umushakashatsi Muyembe, ngo Uburundi buriko burakorana neza n’igihugu ca Congo na canecane Sud-Kivu, kugira ivyo batoye babonye bibafasha bace babishikana mu Burundi kugira abarundi bakingigwe hakiri kare.

Kubijanye n’ikiza ca Korera, Thadée, avuga ko abantu bashika 235 batowe indwara yikiza c’indwara ya korera, benshi bari abo mu gisagara ca Bujumbura no mu Rugombo ariko ngo baravuwe barakira. Ivyo bikaba vyashobotse kubera haciye hatangwa imiti ku buntu ivura iyo ndwara. Ariko kandi ngo hariko haraba n’ihimiriza ku benegihugu ryo kwijukira isuku na canecane mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi hatibagiwe no kwijukira gukoresha utuzu twa surwumwe kuko vyagaragaye ko iyo ndwara ituruka ku micafu usanga ikwiragiye mu makaritiye.

Kubera ko amagara ari nk’amazi aseseka ntibayore, Thadée Ndikumana avuga ko abenegihugu bakwiye kwumva no gukurikiza impanuro bahabwa n’abaganga eka mbere n’abo bose bakorana n’abo kugira mu ntumbero yo gushigikira ingingo n’imyitwarariko iriko irakorwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu yo kugwanya no gukinga indwara zibangamiye amagara y’abantu.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top