Jimbere

TANGAZA IVYO MUKORA NGAHA...
French English
Kirundi
Umuziki

Inyigisho 5 zikomeye twakuye mu giteramo gisozera Primusic 2019

Ejo hahise, rya higanwa ryari rimaze amezi atatu rigosora imiyabaga ifise ingabirano kuruta iyindi mu kwikora mu gahogo yararangiye. Umwigeme Laurette Tetero w’imyaka 19 niwe yaritahukanye. Kugira ngo urwo rubanza rufate ikibanza kirukwiye muri rino ci, Brarudi yo isanzwe itunganya Primusic yari yatumiye igihangange mu muziki ku rwego rw’Afrika, Diamond. Uwari kukibuga ca ETS Kamenge yahigiye vyinshi. 5 bikurubikuru ni ibi: 

Sat-B asigaye atumira Fariouz kuri stage

N’ubwo bavuga ngo « igitugu kirakura ntigisumba izosi », twaraye tubonye ko ibihe biha ibindi. Kuri programme y’igiteramo c’ejo, Big Fizzo yagira uwagatatu mu kuririmba, hagasubira Sat-B, hanyuma hakaza uwufundikira vyose, Diamond. Burya rero, mu batunganya ibirori nk’ivyo, uko umuntu ateba kuza kuririmba ni icerekana igihagararo kinini aba afise. Nimba Brarudi yatanguje Mugani Desire batazira « Fariouz » imbere ya Bizimana Aboubakar Karume ariwe Sat-B, ni uko izi ko amasifa mu rwaruka uno wakabiri ayarusha uwambere.

Kandi vyaramubabaje Big Fizzo, yahavuye anabivuga ahejeje kurirmba ati « Bampemukiye »

Erega hamwe biratahuritse: Fizzo yatanguye kuririmba mumyaka y’1997, mu mugwi « Nigga Soul », arabandanya, aca muri vyinshi, gushika aho acika ihangiro ku baririmvyi bose bo mu Burundi bashaka kwitaza mu miziki y’ubwoko bwa « rap » na « r&b ». Ico gihe, Sat-B nta myaka 10 yari bwakwize, kuko we yavutse muri 1989. Uyo musore wo mu Kanyosha yagiye gutangura kumenyekana ashikanye imyaka 20, haheze imyaka 15 Fizzo aririmba.

Ico ni ikimenyetso ko ivy’umuziki mu Burundi biriko biratera bihinduka, naho ari ku murindi utihuta. Utujambo hagati y’abakunzi b’ikigo « Bantu Bwoy » ca Fizzo na « Empire avenue » ca Sat-B agiye kwongerekana, bamwe bashaka kwerekana ko bashigikiye uwukomeye kurusha uwundi.
Fizzo yamaze gutangura gukenyurira Sat-B, mu kuzana aga petit gakaze yakuye mw’ibarabara: Kirikou.

Ico bikora gusa, ntivyari ibintu bisanzwe kubona Sat-B ahamagara Big Fizzo ati: « Nashaka abakunzi tubaririmbirire Wezere nk’uko mwabidusavye »…

Abakunzi ba Diamonds bari baje ari benshi kumushigikira

Pages : 1 2 3 4 5

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top
fringilla libero consectetur mi, risus. ut felis ante. ultricies id, ut