Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Ugiye kwipima ubwawe umugera wa Sida n’igipimo ‘Oraquick’

Inyuma y’aho bigaragariye ko hakiri abanyagihugu batinya kuja ku mavuriro kwipimisha umugera wa Sida, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu mugambi wabwo w’ukugwanya ikiza ruhonyanganda Sida, bugiye gukwiragiza ibipimo ‘Oraquick’ mu ntara zose, aho umuntu we nyene agomvye azogitahana akipimira i muhira hanyuma akakigarukana.

Haraheze imyaka yababa 4 ibipimo birenga 10.000 vyo mu bwoko bwa ‘oraquick’ bikoreshwa mu kwipima umugera wa sida bishitse mu Burundi, nk’uko muganga Aimé Ndayizeye arongoye umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya ikiza Sida n’indwara ziciye mu bihimba vy’irondoka PNLS (Programme National de lutte contre le Sida) abimenyesha. Naho haheze iyo myaka yose, ivyo bipimo ntivyari vyatanzwe mu ntara zose z’igihugu. Ngozi, Kayanza na Bujumbura ni zo ntara zonyene ubwo buryo bwari bwatanguye gukoreramwo.
Ni ho rero vyibonekeza ko hariho abakunda kwipima gusumba gupimwa maze higwa umugambi wo kubikwiragiza ku mavuriro yose yo mu gihugu, mu ntumbero yo kurindura abatinya kuja kwipimisha umugera wa Sida.

Ivyo bipimo vyagenewe bose ?

Si bose. Nk’uko muganga Aimé abimenyesha, ivyo bipimo vyagenewe imigwi y’abantu bigora kuja kwipimishiriza kwa muganga, aha hovugwa nk’abadandaza umubiri, imigwi y’urwaruka rufise ivyo ruhuriramwo kenshi, … kubera ko usanga baba batinya kubonwa n’abantu, ubona ko kw’ivuriro hatabura abashitsi.
Uwuri muri uwo mugwi wese rero azoba yipfuza kwipima ngo azosimbira kw’ivuriro rimwegereye maze asabe umuganga ico gipimo, agitahane yipime hanyuma akigarukane. Asanze yaranduye, muri ico gihe umuganga azoca asubiramwo kumupima kugira ngo yemeze ko arwaye hanyuma amutekerere impanuro ndetse n’imiti yo gupfupfahaza azobandanya afata.

Haratanzwe inyigisho z’ikoreshwa ry’ico gipimo?

Uwo muyobozi wa PNLS avuga ko zatanzwe. Nk’uko abisigura, izo nyigisho zihabwa abo bita aba ‘Père éducateurs’ mu migwi yose iba yiketswe ko bitorohera kuja kwipimisha. Abo rero bagatorwa nko mu badandaji b’umubiri canke mu bandi bose bafise ibikorwa bahuriramwo. Abo ba ‘peres éducateurs’ ngo baraheza bagahabwa izo nyigisho ubwa mbere kugira ngo baze barigisha abandi bo bubahukana kandi bashikirana vyoroshe kandi bari mu runganwe. Yumvise uwukeneye ico gipimo rero araheza agasimbira kwa muganga akakimuzanira, akipima abifashijwemwo n’umuntu yihitiyemwo we nyene yizeye, ari nk’umufasha wiwe canke uwundi.

Mu gukoresha ico gipimo rero, uwipima agitembereza ku bigunugunu ( hejuru y’ahateye amenyo y’imbere), munsi y’umunwa wo hejuru. Ahejeje kiraheza kikamuha inyishu. Gifise ikiyo gito ku ruhande. Cakije akamuri kamwe hejuru uba ugikomeye. Cakiriza utumuri tubiri twose icarimwe naho kikaba kikumenyesheje ko wanduye.

Muganga Ndayizeye akamenyesha ko ubwo buryo bwo kwipima buje gusahiriza ubundi bwahahora bwo gupimirwa kwa muganga. Ubwo rero bukazofasha cane kuko buzotuma abo bose bahora bagumirwa n’ugushika ku mavuriro kubw’impamvu iyi canke iriya boroherwa ndetse bamenye n’uko amagara yabo yifashe gutyo bafate imiti, ntibabe bagikwiragiza umugera mu kuwanduza abandi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top