Jimbere

Kirundi French English
NGIZE NTI

« Umupoil » ngo yiruka mu gihe ca « lift » gusa

©jimbere Abapoils bariko barisabira aka lift

Abantu batari bake baranegura umuco w’abanyeshuri bo muri kaminuza y’Uburundi (« abapoils ») wo kwama bahagaze kw’ibarabara bagonze urutoke basaba « lift ». Ivyo bikaba vyibonekeza mu gihe baba baja canke bava kwiga. Ariko burya uwo muco ngo ntiwizanye. Wamutse ku kuntu bahoze bagenda n’imiduga, nk’uko bishikirizwa na Jean Ndikumana, umunyeshure yahoze ahiga.

Isaha cumi na zibiri z’agatondo, ab’amarere baba bamaze gushika kw’ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo. Aho ni ku bw’injiriro bw’ikigo ca Kaminuza co Ku Mutanga. Usanga batonze ari bane bane mu tugwi. Imvo ikaba ari uko iyo baronse bashobora gutwarirwa rimwe. Baba abigeme canke abahungu, bose baramaze kubimenyera mbere bisigaye biri mu biranga « umupoil » (imvugo isigura umunyeshure wo muri kaminuza y’Uburundi). Kuri bamwebamwe, Kuja kw’ishuri n’amaguru baramaze kubigira umugani.

Jean Ndikumana ni umwe mu banyeshuri bahoze biga kuri kaminuza y’Uburundi. Agira ati: «Ukwo kugonda ntikwizanye. Abanyeshure bakiri bake mu bigo, hari ho imiduga ya kaminuza yabunguruza ikabashikana aho biga hose. Ariko uko iminsi yagiye irahera ni ko n’abanyeshuri bagiye baragwira maze bisanga bitagikunda ko baba bagishikanwa kw’ishuri. Kubera rero ko bari bamaze kumenyera kugenda bicaye buri gihe, baciye batangura kuja barasaba ‘lift’ ivy’ukurerurwa bimaze gukurwaho. Muri ico gihe ntibari bwabe benshi cane bararonka ababunguruza, biteba bicika akamenyero. Ari naho uzumva basigaye bagira bati, umupoil ntiyiruka na ho ivyiwe vyose vyoba bigeramiwe kiretse mu gihe ca ‘lift’ gusa, na yo ahandi baragawusinga (bashaka kuvuga kugenda buhoro buhoro) ».

Espérance Kabatesi we n’ubu aracagonda. Uwu agira ati: « Mw’i Rohero burya si hafi uvuye ku Mutanga ku buryo wokwama wahadiridimvye n’amaguru. Ushikayo warushe wabaye intere gutyo bigatuma umuntu adashobora gukurikirana ivyigwa atekanye. Kugonda kuba ari ukugira urabe ko woshika umerewe neza mu ntumbero yo gutonda mw’ishuri unonokewe, ata buruhe canke intuguta ufise. Kandi kubera ko dusohoka dushonje biragorana kuva mw’i Rohero ku ruzuba. Uca uhitamwo gusaba ‘lift’ ».

Birafise ingaruka mbi …

Ndayiragije Innocent agira ati: « Kiretse ko hari uwushobora kukwunguruza akagenda aragutuka ngo abanyeshuri b’ubu basigaye ari abanebwe, hari n’abashika bacerewe kubera bagumye bategereye bagasanga nk’umwarimu yahejeje gutora urutonde rw’abatonze. Hari n’abasiba hagaca hagatangwa nk’udukorwa two mu migwi gutyo bakaba baraduhomvye bikabakwegera kudakora ikibazo muri ico cigwa canke kuronka amanota make kubera hari ivyo baba batize ».

Si ivyo gusa ngo biratuma haba n’abagira akamenyero kabi ko kubona ko buri gihe batabonye uwubunguruza batova aho bari. Ngo biranatuma kandi bama baguma bumiye kuri za ngingo ngenderwako zabo zigira ziti: «Imiduga myiza yose ni iy’abapoils ».

Ariko rero naho bamwe babona ko kuba umupoil akunda kugonda urutoke asaba « lift » biva ku bunebwe canke akamenyero kabi, bo bavuga ko biva ku rugendo rurerure bafata ku buryo bagiye kwiga n’amaguru bashika indugumba yabaye nyinshi, uburuhe na bwo bwabishe.

Weho ubibona gute?

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top