Jimbere

TANGAZA IVYO MUKORA NGAHA...
French English
Kirundi
AMAGARA

Bwira mugenzi wawe uti birakomeye: udukingirizo twabuze mu gisagara ca Bujumbura

Mu gihe ngo haheze indwi zibiri zirenga hibonekeza ubukene bw’udukingirizo mu bibanza busanzwe budandarizwamwo mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu rwaruka bakunze kutwikorako iyo vyacanganye baridodomba bakibaza ingene bagiye kubikika ngo mu gihe ubu hasigaye haboneka ubw’abifise gusa…

Erega iyo uriko uravyumva ku matwi bivugangwa ko udukingirizo twabaye umuzi w’ibuye wogira ngo n’ibimwe vy’urwaruka rutabura ivyo ruterako inkuru. Hari igihe uza wumva bavuganira muri za ndimi zabo ngo: “Erega wangu kuza muri iyi minsi ntibigikunda”. Abandi na bo ukumva ngo: “Amenyo ntakiboneka”, utababayemwo canke ngo ubisiguze ntutora ikivuzwe.
Iyo ubajije impamvu amenyo atakiboneka kandi baseka ukayabona, bararabana bakitwengera, ariko bakanduruka bakubwira ko aho bahora bakura udukingirizo, haheze indwi zirenga zibiri ata n’ako gucisha inzira bakinoba. Kukabankako, burya uza kwemera ko inkuru ari impamo wishikiye mu bibanza bakunda kuburondereramwo canke kubuguriramwo.

Edson (izina ryahinduwe), ni umwe mu rwaruka bidoga ko haheze iminsi agakingirizo ‘Class’ atawugaca uruyambu mu gihe arinako gahurumbirwa n’urwaruka kuko kazimbutse. Akemeza ko gafasha cane abadafise amikoro yo kugura ubuzimvye bwo busigaye buboneka kw’isoko. Agira ati: “Twese turakuze ntamwana arimwo kandi si ikinyegezwa, hari igihe bishika ugasanga urakikozeko. Ariko ubu umushitsi arakugendera bigaherera kurabana mu maso gusa kuko bigoye kwikura amafaranga 3.000 Fbu canke 4.000 Fbu ngo uguze agafuko. Uca uhitamwo gutekereza”.

Ababudandaza bo babivugako iki?

Erega ngo burya n’udukingirizo turi kune turi gutanu! Ngo hari agakingirizo gasanzwe ngo hamwe n’akandi gafise akanovera. Ako rero uwakambaye ntiyipfuza kukambura, ngo kandi n’uwo akanovera kaciyemwo ntakandi yogutuma iyo rwambikanye.
Michel Kariwabo akora muri ‘Pharmacie Internationale’ iri mu gisagara ca Bujumbura, akaba yemeza ko udukingirizo ‘Class’ dusanzwe dukunzwe cane n’urwaruka kubera tuzimbutse, ariko ngo bamaze iminsi bataronka neza utwo babaha kubera tutakiboneka. Ngo ubu hasigaye udukingirizo tuzimvye urwaruka rutifise rutoturukira. Utwo natwo ni nka ‘Longlast’ hamwe na ‘Innotex’.

No mur’imwe mu ma ‘Pharmacie’ ari mu Nyakabiga, umukozi ahakora yamenyesheje ko udukingirizo two mu bwoko bwa ‘Class’ haheze indwi zirenga zibiri ataduhari kuko aho baturangurira naho twahakenye. Ariko nawe akamenyesha ati: “Udukingirizo tuboneka ni utuzimvye abatifise ntibaduhangara, urwaruka rutoruto rurondera Class ruraza rugasubira inyuma rutaturose”.

Muri PSI bati « Tenyenya »

Mw’ishirahamwe risanzwe rigurisha utwo dukingirizo two mu bwoko bwa ‘Class’ PSI bavuga ko na bo bavyumva bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko bagiye kubisuzuma neza barabe ko arivyo, inkuru irambuye yiyo nkuru bazoyishikiriza hanyuma bamaze kubisuzuma neza.

Kubera ko udukingirizo dusanzwe dufatiye runini urwaruka eka mbere n’abubakanye haba mu kwikingira indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka, gukinga inda zitipfujwe harimwo no gutandukanya imvyaro, birakwiye ko utwo dukoresho twamaho kandi tugatangwa ku giciro catwo.
Vyagaragaye ko naho udukingirizo ‘Class’ twoba tugisigaye twaduze tuva ku mafaranga 300 Fbu dusimbira ku 1000 Fbu n’ayarenga.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top
ipsum dapibus libero. tristique tempus felis ut