Jimbere

Kirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

Christine Ntahe i Mukike iwabo, kwerekana ca gitabo yandika ku bakenyezi b’intwari

©Jimbere | Umuhumure w’i Mukike ariko arasoma nya gitabo

Kw’igenenekerezo rya 13 Myandagaro 2019, « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » bari bageze mu ntara ya Bujumbura, muri komine ya Mukike, neza na neza i muhira kwa ba Christine Ntahe. Uwo mupfasoni yari yajanye na babiri mu banditswe muri nya gitabo ari bo Georgette Mahwera na Yvonne Ryakiye.

Abanyamukike bari bitavye akamo batewe ko kuza kwiyumvira no kubona bamwe mu bakenyezi b’intwari bibagiwe. Amaze kwunamira intatemwa y’umuvyeyi wiwe, Christine Ntahe yaciye abamenyesha ikibagenza. Ba bapfasoni bagendana baca barigana ingene bitangiye amahoro mu gisagara ca Bujumbura. Yvonne Ryakiye yarababwiye ukuntu Abahutukazi bo muri Kanyosha bagiye hamwe n’abatutsikazi bo ku Musaga badatinya kuhasiga agatwe kubera hakurya no hakuno y’uruzi Kanyosha, uwahirahira akihenda ngo arajabutse wese yaba asezeye isi.

Mugabo ivyo ntivyamuciye intege, hamwe n’umututsikazi yitwa Rehoniya Barakomeza wo ku Musaga baremeye bariroha batangura kubonana bo nyene. Mu nyuma hahavuye hava benshi babahamvya, maze Abahutukazi barashika kuramukanya ku Musaga, nayo abatutsikazi bo ku Musaga bahava barashika mu Kanyosha. Nk’uko bisanzwe, abari ngaho bose baguma batangaye.

Georgette Mahwera wo mu Kinama na we, ariko arabayagira ayo yagowe ahunga aturatura akabura ico ahembuza abana kandi kare yari yishoboye mu kwidandariza agafu mw’isoko. Wumvise ingene yahungiye mw’i Tenga, mu Rubirizi gushika muri Kongo gushika agaruke mu Kinama agasanga hose ni umusaka, vyari biteye umubabaro.

Ariko ntiyacitse intege be n’umututsikazi wo mu Cibitoke nyabuna batanguye baja inama yo gusubira kuramukanya. Erega ntivyatevye abagore baragarukiye Kinama baragaruka barasanura ivyasambutse. Kubera ata mugabo yari akirangwa mu Kinama barishiriyeho inzego, kugeza aho bo nyene bagendana urupfunguruzo rw’ibohero. Abari barongoye amazone ya Kinama na Cibitoke bahavuye boroherwa kubera ako kigoro k’izo mboneza z’abakenyezi.

Abanyamukike bareguwe n’agatwengo bumvise ukuntu abo bakenyezi bo mu Kinama bakina umupira w’amaguru kandi bakwembetse. Aho ngo abantu baca bashwabaduka bakaza kubaraba. Bivugira ngo baje kuraba abasazi, kumbe nya bakenyezi bishakira nyene ko abantu basubira kubonana.

Abari ngaho barumva ko iwabo havuka umunyamahoro. Na we ni Christine Ntahe yemeye kwiroha na we nyene agashika mu Kinama akabagendera kandi carazira ko hagira umututsi ahonyozayo ikirenge. Mugabo yarabagendeye akora mw’ishirahamwe Search For Common Ground. Amaze gusanga abo bakenyezi barateye intambwe, ngo yarabazaniye amaradiyo babone gusubira kwumva ayavugwa mu gihugu.

©Jimbere | Chritine Ntahe ari kumwe na Edwige Mbonimpa na ba bakenyezinga intahe

Bose barakeje Christine Ntahe

Canésius Ntahe, musaza wa Christine Ntahe, yarahimbawe cane n’ukubona umuvyeyi wabo yanditswe mu bagize ico bamara kidasanzwe kuri iyi si. Ati : « Ndanezerewe cane n’ukubona umuvyeyi wacu yanditswe muri iki gitabo haheze imyaka cumi yaritavye Imana. Ese ivyo natwe vyodufasha gukora ibishoboka vyose kugira ibikorwa vy’urukundo birwire mu Burundi. »

Uwo musi wahuriranye n’uko umwe mu bana ba Christine Ntahe aba mu Bufaransa yakubitiye mu Burundi kuramukanya. Yavuze ko yabonye Abarundikazi barinda, bakundana baha akarorero abarundi bari mu gihugu n’abo mu mahanga. Yarongeye ati : « Birampimbara cane ukuntu Mama yibarutse abana bane, mugabo akaba afise abandi bana amajana yitaho. »

Edwige Mbonimpa yahoze akorana na Christine Ntahe muri Studio Ijambo na we nyene yarahimbawe cane n’ukubona ivyo abo bakenyezi bavuga kugira bice ku nsamirizi bishizwe mu gitabo haheze imyaka myinshi.

Mu bari ngaho, na canecane abo ku musozi witwa Kuwimisambi bariyemeje guharanira amahoro mu kugaragaza udukorwa tw’urukundo, nk’uko Madeleine Gacoreke, umuvyeyi wabo yabigaragaje akarokora ubuzima bw’abuhutu mu 1993.

Abagize ico bashikirije barashoboye guhabwa udushimwe nk’uko vyagenda mu zindi ntara zose ico gitabo cashitsemwo.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top