Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Menya ibijanye na Ebola, ntube sindabibazwa nk’abari hano

©Jimbere | Abaganga kuri Hopital Militaire, bafashijwe n'abahinga b'Abanyamerika, bariko barimenyereza kwakira ibiketswe ko bafise umugera Ebola

Mu gihe Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bumaze iminsi busigurira ababa mu Burundi ico Ebola ari co, ibimenyetso vyayo, uko yandukira n’ingene boyirinda mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa, haracibonekeza abantu bamwebamwe batumvira impanuro zitangwa n’abaganga.

Ucinjira ku bwinjiriro bw’ibitaro bikuru vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uhasanga indobo isometseko irobine y’amazi n’isabuni ku ruhande, maze uwinjira wese akabanza kuhaca, kugira akarabe iminwe. Iyo ikaba ari imwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo kwikingira umugera wa Ebola naho hariho abatayubahiriza.
Yibereye kuri ‘touch’ n’utu ‘écouteurs’ mu matwi, umusore Léonard w’ifyeri ryinshi twamusanze ku bwinjiriro bw’ivyo bitaro yanse gose gukaraba nk’abandi imbere yo kwinjira, nk’uko bisabwa. Ibaze nawe umuntu, ntibamutumye kuvoma, nta sabune bamutumye, vyose biri aho, ariko ati: « Muko nkaraba mubanza kumbwira ico munyikekeko! »

Erega si we gusa. Nk’abantu baza ku bitaro mu miduga, bake cane ni bo bibuka guca ku gikarabiro. Ubwo ni twese tumaze kumenya Ebola ico ari co, ingene ifata, ibi menyetso vyayo n’ingene twoyikingira? Oya, kuko Seremani wo ku mu tumba wa Rweza avuga ko yumva bavuga ngo « Ebola, Ebola » ariko ataco ayiziko. Ngo nta n’iradiyo yifitiye. Ubwo weho woba uyizi?

Ebola ni iki?

Nkuko tuvyiganirwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana: «Ebola ni umugera wandukira, ubangamye cane kandi wica mu kiringo gito». Uwo mugera rero, aho ushitse uhasasika inganda. Ntutoranya. Abato n’abakuze urarigita kuko nturatorerwa umuti kuva waduka na bugingo n’ubu.

Uwo mugera wandukira gute?

Muganga Jean Bosco Girukwishaka, umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu avuga ko umuntu ashobora kwandukirwa akoze ku gikoko canduye, afunguye inyama zaco, akoze mu biyorwe (ibidahwe) vy’uwanduye. Ashobora kandi kwandurira mu ndugumba, ibiseru, amate, amaraso, amazirantoke, umwanda muto, igikomere co ku rukoba.
Ni nk’uko kandi umuntu ashobora kwandukirwa ahonyoye aho uwanduye yaciriye amate, canke amukozeko eka mbere ngo naho yokora ku kiziga c’uwishwe n’uwo mu gera canke ku ntumvyi (igikoko capfuye caranduye).

Ni ibihe bimenyetso vyawo?

Mu bisanzwe, umuntu ntapfa kumenya ko yanduye uwo mugera adashikiriye abaganga bo babinonosoye, bafise ibikoresho n’ubuhinga bwo kuwupima. Naho biri uko, hariho ibimenyetso bitangura kwibonekeza imbere y’ibindi. Ivyo bimenyetso bikaba ari nk’ubushuhe bwinshi bufata bukumbi, ugucika intege, ukudunerezwa mu mitsi, ukumeneka umutwe, ukubabara mu muhogo. Iyo ingwara iteye yiyongera, haragera n’igihe umugwayi aguma ayorwa, agacibwamwo cane ndetse agatangura no kuva amaraso.

Ni gute umuntu yokwikingira uwo mugera ?

Nk’uko tubikesha ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, birashoboka ko umuntu yikingira umugera wa Ebola mu gukurikiza impanuro zikurikira: gukaraba amazi meza n’isabuni, kudakora no kutegera ibintu vyose vyavuye mu wanduye uwo mugera eka mbere n’uwikekwa , ari ibiyogwe, amate, umwanda muto, amazirantoke, amaraso n’ibindi, ukwegera kure ikiziga c’uwishwe n’ingwara iterwa n’uwo mugera.

Naho gushika ubu mu Burundi atawuratorwa uwo mugera nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana avyemeza afatiye kuvyo ibipimo vyakozwe vyerekanye, umurundi wese yibabara akababara n’abandi arakwiye gukurikiza izo mpanuro zose zatanzwe mu gihe hiketswe ibimenyetso vya Ebola kuko ico kiza giteye ubwoba.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top