Jimbere

Kirundi French English
Jimbere Mukenyezi

« Fondation Lance d’Afrique Burundi » : abakenyezi bagera 200 barafashijwe mu bijanye no kwiteza imbere

Gufata ukuboko umukenyezi wo mu mitumba biciye mu kumuronsa inyigisho zishingiye ku bikorwa vyo kwiteza imbere, ni kimwe muri vyinshi ishirahamwe « Fondation Lance d’Afrique Burundi (LAB) » ririko rirakora mu ntumbero yo kumufasha gushika kw’iterambere rirama. Vyashikirijwe na Dr. Florence Nisabwe ayoboye iryo shirahamwe aho ryatanguza icese ibikorwa vyaryo kuri uwu wa 19 Ntwarante 2020, mu nyubakwa z’ihoteri Zion Beach.

Muri ivyo bikorwa vy’ugutanguza icese ishirahamwe LAB mu Burundi, hari haserutse abategetsi batandukanye nk’umushikiranganji Martin Nivyabandi, abaserukira amashirahamwe atandukanye Jennet Kem aserukira ONU-Femmes mu Burundi eka urwaruka rw’abanyeshure bavuye ku bigo vy’amakaminuza atandukanye, n’abandi. Mu gihe abakenyezi batari bake mu Burundi bari bagitwikiriwe n’igipfungu c’ukwisuzugura aho bibwira ko ata co bokwishoboza canke ngo bishikaneko, LAB imenyesha ko ije irondera kubatinyura n’ukububahurira kwirukira mu bikorwa ntibasigare inyuma.

Kubera iki izina « Lance d’Afrique Burundi » ?                 

Nk’uko bishikirizwa na Dr Nisabwe ariserukira mu Burundi imbere y’amategeko akaba ari we anarirongoye, iryo shirahamwe ryatanguriye muri Afirika y’epfo. Iryo cumu rero ni igikoresho cakoreshwa aho hambere hahise muri Afirika cane cane mu gihe c’uruhigi. Ishirahamwe LAB rero, rifise ihangiro rishingiye k’uguhiga ku migabane itandukanye ivyo bintu vyose vyiza vyatumye uwo mu kenyezi wo mu bindi bihugu atera imbere kugira ngo rivyigireko ribishikane mu Burundi mu ntumbero yo guteza imbere ingo, imiryango n’igihugu muri rusangi.  

Gute umukenyezi wo mu mitumba yoshikira iterambere ?

 Dr. Nisabwe agira ati : « Abakenyezi b’abarundikazi barashoboye kandi ni abanyamwete utangaje.  Ariko rero barakeneye cane inyigisho zo guhindura ivyiyumviro basanganwe bibasubiza inyuma. Barakwiye kandi inyigisho ziberekera uko bokwitunganiriza imigambi mu mutahe muto baba bafise kandi  bakiteza imbere bigashoboka »

 Barayamaze ngo « Inyakamwe inyaga imwe kandi ukuboko kuriyaga ntikwimara uburyi ». Francine, umwigisha wo kw’ishure rya kaminuza ryitiriwe umuco : « Igikunze kugirira nabi abarundikazi ari uko bafise umuco wo gukora bonyene. Baracafata ibisanzwe ikibazo co kuja mu mashirahamwe canke mu makoperative kandi ari ho bogiye barazamuranira. Ico rero ni kimwe mu nyigisho bakwiye guhabwa kuko ubaye ugikora wigunze umugambi wawe udaheza ngo urame kandi n’iyo hageze ko abandi bashigikirwa mu migambi yabo wewe ntukunda gushikirwa ».

Urwaruka rwahagurukanye inguvu zidasanzwe

Divine Nishimwe, umwigeme yari yitavye muri ico gikorwa yavuye kuri kaminuza y’Uburundi, amenyesha ko yahavanye ishaka ridasanzwe ryo gukora utugambi dutoduto duhuriranye n’agatahe afise kandi yizigiye azogira ico yishikanyeko gikomeye.

Umushikiranganji Martin Nivyabandi akaba nawe yashimiye ishirahamwe LAB ku migambi yaryo igana umukenyezi n’iterambere ry’imiryango n’igihugu muri rusangi, ariko kandi agahanura abakenyezi ko bohora na ntaryo bibuka ko umukenyezi w’umurundikazi ataho asaniye n’umunyamerika kazi canke uwundi. Kubw’ivyo rero agasaba ko iryo cumu ryohiga rigema imico n’imigenzo myiza.

Mwomenya ko aha mu Burundi iryo shirahamwe rimaze gukorera mu ntara 3 ari zo Kayanza, Bururi na Bujumbura rikaba rimaze gufasha abakenyezi bagera ku 200 kandi rinafise ihangiro ryo gushika mu ntara zigize igihugu cose.

1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top