Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

« Guca ikirimi, ikirato, n’akaragi mu kinyegero biriko bihekura benshi »

Naho abanyagihugu bakomeza kwirukira abaganga batazwi n’amategeko ngo bagiye gucisha ikirimi, ikirato n’akaragi, abatari bake biriko birabahitanira ubuzima bivuye ku guhanurwa ntibumve. Burya mu vy’ukuri ngo ikirimi n’ikirato ntibibaho, ikibaho ni akaragi, nk’uko vyemezwa na Léonard Bivahagumye, umuhinga yanonosoye ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi.

« …Ikibabaje nuko hari abazanwa kwa muganga bariko baravirirana, bamwe mbere bakarinda kwongererezwa amaraso, abandi bakahasiga ubuzima, inzoya ataco zizira zikitaba Imana. Kandi igitangaje, n’abize usanga barimwo », Dr.Léonard Bivahagumye.

Florence Ndayishimiye aheruka kwicisha ikirato ku 5000 camurembeje arabishimangira. Uwu amenyesha ko yakigarukiyeko kuko bagiheza kukimuca ngo yavuye amaraso birakomera, arazungurirwa bidasanzwe, aja gutora ubwenge asanga bamwinjije ibitaro.

None mu vy’ukuri ivyo benshi bita ikirimi ni ibiki ?

Muganga Bivahagumye amenyesha ko ico bita ikirimi ari agahimba  kazwi nk’akamirabugari canke akaregangamuhogo, mu kirundi, « luette », mu gifaransa.  Iyo umuntu  agwaye ibigoga canke uduhimba bita « amygdales » duherereye hirya no hino ufatiye aho akamirabugari kari, canke bakabona kahishiye baca bagaca ngo ni ko kagwaye kandi vy’ukuri atari vyo. Kubera ko rero umubiri wigwanira, inyuma yo kugaca bamwe barava amaraso menshi hanyuma  bagateba bagakira ariko vy’ukuri basigarana ubumuga. Ako gahimba gasanzwe gafise akamaro gakomeye : Umuntu amize ikintu igisenge c’akanwa gica gikora ku gisenge c’inyuma na ko kagakinga kugira ngo ivyo umize ntibice mu mazuru. Ikirimi rero si ingwara ibaho.

Ikirato « épiglotte »…

Ivyo abanyagihugu bita « ikirato » ni agahimba mvukanwa gasa n’agateye inyuma y’ururimi gafiswe n’abantu bose . Hari abafise akaboneka n’abo kataboneka  bivanye n’ukuntu ururimi canke izosi ry’umuntu ringanagasa. Iyo umuntu amize imfungurwa canke ibinyobwa , ururimi ruraheza rugasunika ivyo umuntu amize, ka gahimba na ko kagaca kihinda kakazibira inzira y’impwemu kugira ngo umuntu ntahave aca akorwa. Abigira abaganga rero baca bagacacura ku mutwe ngo baciye ikirato.

Akaragi « frein de langue »…

Koko karabaho. Ni  agahimba umwana ashobora kuvukana. Usanga gateye munsi y’ururimi amaja kw’isonga kakarugaburamwo kabiri. Umwana  agafise ntashobora gusohora ururimi canke kuruduza ngo bikunde kuko gaca karugumya. Umwana ajanwe kwa muganga baragaca harya ataramera amenyo kugira ngo bizokunde ko atobora neza indome.

Ingaruka zo gucishiriza ikirato n’ikirimi mu gifuri ni nyinshi

Muganga Leonard Bivahagumye umuhinga yanonosoye ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi

Hambavu y’ukuvirirana gushika aho umuntu atakaza ubuzima, umuntu aragira ama-« infections ». Uwo baciye ikirimi  hari aho amize imfungurwa canke ibinyobwa bica bimuca mu mazuru. Uwo baciye ikirato na we, kubera ko ka gahimba kazibira inzira y’impwemu kugira ngo umuntu ntakorwe amize ibintu kaba karahimbuwe, imfungurwa canke ibinyobwa biza birahusha inzira bigatuma haba « infection » zo mu mahaha kandi ntibiba bikivurwa  ngo umuntu akire.

Muganga Bivahagumye rero agahamagarira abanyagihugu bose ko bojijuka ntibagume basesagura ubutunzi bwabo mu bibahitanira ubuzima. Agasaba abajejwe intwaro ko botuza iyo ngendo na cane cane abatwara imitumba n’amakaratiye bagafata iya mbere mu gushengeza abo bantu.

1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top