Jimbere

Kirundi French English
NGIZE NTI

Aba « bavacanciers » bacu bagiye kutugwaza imitima !

Ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye ugira gutya ukahasanga imyidogo iguma inebagura yongera ihanura aba ba « comefrom » baza kuruhukira mu gihugu c’amavukiro bazaniye benewabo, incuti n’abagenzi impano zitagira akamaro aho kubaha ibibafasha kwibeshaho. Njebarikanuye yavyihweje kera ahitamwo guhanura.

Uzumva babita aba « Vacanciers, Come From, Expart ».  Njebarikanuye ngo amaze iminsi abihweza asanga iyo baje mu kiruhuko mu gihugu c’amavukiro akenshi bakunze kuza bazaniye imiryango, incuti n’abagenzi utuganuke n’impano z’itandukanye. Ariko ugasanga izo mpano atakintu kigaragara ziterereye mu buzima bwo mu rugo canke mu buryo bwo kwibeshaho bw’ababa bazihahwe.

N’agashavu kenshi agira ati : « Bagenzi benewacu muza mu biruhuko mu Burundi, hagarike kuzana izo mpano zizimvye nka za iPhone12, JBL, Smart Phone, Samsung S9, Bluetooth cask, ibirato, udushakoshi, imigufu yo mw’izosi, ku maboko, amasaha n’ibindi bizimvye cane mubiha abo batoya banyu, bavyara banyu, ba so, ba sowanyu, incuti n’abagenzi. Ivyo si vyo ahanini bakeneye. Bakeneye kubaho. Kumbure kwisahiriza muri utu na turiya. Muze muraraba kuko abo bose mubizanira nuko kumbure mutababaza ivyo mwobazanira bobasaba amafaranga kuko ni yo benshi bakeneye kugira ngo bikenure bongere bakore imigambi.

Ubwo koko murabanza kuraba ingene umuntu abayeho kugira mumenye mu vyukuri akeneye iki ? ukibaza uti ni ikihe kintu nomuha kikamugirira akamaro ? Mukavugana kugira wumve uko amerewe naho benshi bihagararako. Mureke guha abantu utuganuke canke impano ata co zimaze. Hari n’igihe usanga asayangana ariko ugasanga amaze iminsi aca mu bihe bitoroshe mu bijanye no kwibeshaho mu muryango kumbure kubera abo yitwararika ari benshi. 

Hanurwe mwumve… !

Ubwo ntibibababaza kubona nk’ikintu mutanze bivuye ku mutima kibaye impfagusa ? Mumenye neza ko ivyo vyose muba mwabahaye biherera mu minwe y’ababikamisha kuri Bata ! Ya iPhone12 ifise agaciro k’imiriyoni 3 z’amarundi, ikagurishwa 400.000 Fbu, ya JBL bakamuha 20.000Fbu, wa mugufu ukagurwa 1000 Fb kw’igarama ! None aho uba wungutse iki ?

Ehe rero bagenzi ndabahanure murakwiye kumenya ko abo benewacu, bashiki bacu, incuti n’abagenzi muba mwasize mu gihugu ivyo bakeneye bidasa n’ivyo mukeneye. Burya umuntu umuhaye ayo madorari 200$ biramuryohera gose gusumba ikintu umuguriye. Hama mukamenya ko aho gutanga iPhone12, Samsung S9, mwotanga basi na 150$ canke 300$ gutyo agaheza akayakoresha mu kwikenura. Erega so canke sowanyu wasize i Bujumbura urashobora kumuzanira nk’agapantaro keza na 50€ ku ruhande mu kibanza c’ico gi ‘tablette’.

Canke mubigira mubibona kuko muba mutanezwe gose ukabaho neza kwa bene wanyu canke muba muje kwerekana ko mweho ikibazo c’ubuzima caciyemwo? Hari n’abaza ico bafashisha abo basanze ari ukubayerereza mu butambiro, kubajana mu bibanza vy’iratiro vyo hagati mu gihugu nk’uko umenga bazobihembuza umwana yaraye ubusa canke ngo birihire ishure murumunawe. Emweee, twikebuke! Bibwirwa benshi bikumva benevyo!

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top