Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

« Gukina uruvuma, gukubita umumari, guteka ibundi, kwoga mu ruzi… », biracakinwa ruguru iwacu ?

Mu gihe c’ikiruhuko co muci, hariya ruguru mu mitumba, hari inkino zitandukanye, n’ibikorwa biryohera abana. Ukwo ibihe bigenda birahinduka, ni kwo n’ibiryohera abana bitandukana. Edygard Ndayizeye aribuka ubuto bwiwe, akibaza nimba vyoba bikiri ukwo bikimeze ruguru iwabo.

« Ndiko ndamara imisi itari mike mu gisagara ca Bujumbura. Aho mperereye, ndihweza ukwo abana bo mu gisagara bakina, bikantera agahinda, nkibuka umunezero twaba dufise ruguru iwacu aho hambere hahise. Icambere kimbabaza, ni ukuntu abana umenga ntibazinanye kandi babana, badakina bikwiye, canke bakaguma mu minwe y’abayaya babareze, kandi bariko barakura, bakababuza gukina.

Hariya ruguru iwacu, benshi bakunze kwita mu rutoke, si twe twabona burakeye ngo tuzindukire kuvoma amazi badutumye, akazuba katse natwe tukaba dutanguye gukina.

Kenshi, abavyeyi baba baduhaye inyana zo kuragira, ni ho twaba turonse akanya keza ko gukinira hamwe n’abana bose bo ku mutumba. Haba hari imikino itandukanye. Twararaba ahari ikibuga kimeze neza tugakina umumari, duhejeje tugatera agapira n’ubugesera bukaduka. Twari dufise abahinga bazi kubanga umupira neza, no gukora umumari kuburyo butangaje. Inzara idukubise, twaba tuzi aho dukura ibijumbu mu mirima, tugateka ibundi, tukabirya vyokeje neza. Vyarashika, mbere na kenshi tukonesha, canke za nyana zacu tugasanga zagiye kure, bikadufata umwanya kugirango tuzitore. Aho rero twaba tuzi ko aho dutahira tuza gukubitwa bikwiye n’abavyeyi. Twavyita kuryamira inkoni.

Izo ngeso zaratugora guheba, kuko vyaba biryoshe cane. Bamwe bagenda barabiheba bivanye n’imyaka, ukwo tugenda turakura, kuko n’ibikorwa vyaba biriko biriyongera. Ikindi cakunda kuturyohera, kwaba ari ukuja kwoga mu nzuzi. Emwe, naho vyaba birimwo impanuka nyinshi, bivanye nuko hashobora kuba abana batwarwa, ntitwatinya kwitayo, tukoga nk’amafi. Iyo bishitse hakagira uwuhakwa gutwarwa, haba harimwo ababizi cane baca bamuroba. Uwo mwana kenshi ntiyagaruka ku ruzi kubera ubwoba. Yarurabira kure. Hafi y’inzuzi haba hariho ibiti, tugaca dukora n’uruvuma. Ntabeshe, kuja ku ruvuma, ni wo mukino wakundwa cane n’abana, kuko warimwo umunyenga mwinshi. Wamenga turi mw’ijuru.

Iyo nibutse ivyo vyose, ndakumbura iwacu, nkibuka abo twakuranye, nkumva ibigumbagumba vyinshi mu mutima. Nkaheza nkiyumvira nimba abana b’ubu ba hariya iwacu, ko boba bagikunda imikino ibashira hamwe, bakaryoherwa bikwiye imbere yo kuzosubira kw’ishuri mu kwezi kw’icenda.»

Kino gisomwa canditswe na Edygard Ndayizeye mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top