Jimbere

Kirundi French English
GUPAGASA

Haracariho ibibazo vyinshi bizingamitse iterambere ry’amakoperative

Mu ntumbero ya Reta y’Uburundi amakoperative afatwa nk’inzira y’ugushika kw’iterambere rirama. Ariko kugira ngo ivyo bikunde bisaba inguvu n’ivyiyumviro vya benshi kugira ngo hatorerwe umuti w’ibibazo bikiri vyinshi mw’ico gisata.

Ugushaka kwa Reta kwo kwongera inguvu mu makoperative kugaragaza intumbero yayo yo kugira amakoperative igikoresho co gushika kw’iterambere rirama mu gutsinda ubukene na cane cane hagati mu gihugu. Ikigaragara mu Burundi co kimwe no mu bindi bihugu vya Afurika, ni uko ikibazo c’ubukene cibonekeza gusumba hagati mu gihugu. Nk’uko ISTEEBU (2014) ibigaragaza, ingo zo mu bisagara zifashe neza kurusha iza ruguru, aho ubukene buri ku rugero rwa 23,6% gusa ugereranije na 62% hagati mu gihugu.

Tubanze twibukanye: ku wa 28 Ruheshi 2017, niho hemezwa ku mugaragaro itegeko rigenga amakoperative mu Burundi. Ku wa 12 ntwarante 2019, hashizweho ikigo ANACOOP gishinzwe gukurikirana no gusuzuma amakoperative mu Burundi, hakurikira gutanguza amakoperative yo ku mutumba yiswe Sangwe, izo nazo zikaba zahawe ingurane y’imiliyoni 10 z’amarundi, zishurwa mugihe cyimyaka 2. Ibintu vyiza vyo kwishimira …

Ariko impungenge ntizibuze kuko kuva amakoperative atanguye gukora mu Burundi kuva mu myaka ya 1950, kugeza n’ubu inyuma y’imyaka 70, ibintu ntibishimishije muri ico gisata. Kuri iyi ncuro, itanguzwa ry’amakoperative ya SANGWE imbere gato y’amatora yo mu 2020 vyatumye bamwe bafatako iki gikorwa ari ico kurondera amajwi maze amafaranga bayasimbirako barayagandagura nk’ukwo twagiye turavyibonera kandi tubibiyagirwa na benshi ku mitumba aho twagiye turaca.

Ibibazo bica bivuka ni nk’ibi: n’iyihe mpamvu ituma amakoperative adater’imbere mu Burundi kugeza ubu? Vyoba biva ku kuntu abantu basanzwe babayeho? K’umuco w’abarundi? N’iyihe nteguro yashizweho kugira ngo kuri iyi ncuro umuzo wa koperative ushobore kuvyazwa umusaruro? Twaregereye abakorera bamwe muri ico gisata baraheza baradusigurira uko ibintu bimeze.

Ibibazo bihari n’ibihe?

Kugirango iterambere rirama rigerweho, reta igomba gukemura ibibazo bikomeye vy’uburongozi bubi biri muri koperative. Uwo n’umwihwezo wa Libère Bukobero, umunyamabanga mukuru wa ADISCO. « Bivuye ku burongozi bubi, dusanga mu makoperative, uzosanga amakoperative agenda asubira inyuma aho gutera imbere. Uwurongoye koperative yishiramwo ko ari akaryo keza kuri we yo kurya. Ngo Impene irisha aho iziritse. Abagize inzego zirongoye Koperative n’abo aho kwamirira kure kenshi bafatanya nawe canke kubera gutinya ko bashirwa ku ruhande baramutse barwanije ubwo bunyonyezi bagaca bihorera. Iki nikibazo gikomeye cane kw’iterambere ry’amakoperative. »

Kubwa Déogratias Niyonkuru, Umuhanuzi muri ADISCO, iyindi ntambamyi ihari ni iyo kwandika n’ugutunganya neza imigambi ya koperative ku buryo abanywanyi bose bayumva kumwe kandi bakayigira rwabo: « Imigambi iyo itizweko neza bituma n’amabanki canke amshirahamwe y’ukuguranana adashobora kuyiha agaciro ngo ayironse ingurane. Vyongeye kandi, bitewe n’uko amakoperative menshi ari mu bworozi n’uburimyi, iterambere ryayo ritegerezwa guca mw’iterambere ry’ico gisata gisanzwe kiri no mu bihambaye mu buzima bw’igihugu kuko gikoresha abarundi barenga ibice 80%.»

Ikindi kibazo ni uko mu gihugu c’Uburundi ibice 10% bonyene ari bo bafise uburyo bwo gusaba ingurane muri banki, bigaca bigora amabanki gushira ingurane mu gisata c’uburimyi gisanzwe kidateye imbere: « Imirima y’imiryango, ni mitoya cane mu bunini ( munsi ya hegitari imwe), kur’ubwo itanga n’umusaruro muke. Muri ico gihe abashira imitahe muri ico gisata c’uburimyi baca baba bake. Na bake bayishirayo akenshi baca bashira mu biterwa njabukamazi gusumba ibiterwa mbumbarugo. »

Kuri iki kibazo cerekeye amakoperative yo mu burimyi n’ubworozi, iyindi ntambamyi ikomeye ni ukubura uburyo bwo gushiraho abafundi b’indimo n’abavuzi b’ibitungwa bashobora gukurikirana imirima n’ibitungwa vy’abarimyi mu ngo zabo canke ku rwego rw’amakoperative ku munsi ku munsi.

Ikindi gikenewe muri rusangi, n’abahinga, bigisha abanywanyi bahurikiye mu ma koperative uburyo bw’ugutegura imigambi myiza n’amabanki ashobora gushima.

Inyishu none zoba izihe?

Dufatiye ukwo ibintu bimeze ubu, icizere kirahari ko dushobora kubona iterambere riciye ku ma koperative. Icihutirwa ni ukwo mbere na mbere, abanyagihugu bobanza bagasigurirwa bikwiye ivyiza vy’amakoperative. Bishikirizwa na Evrard Ndayikeje umuyobozi mukuru wa ANACOOP. Avuga kandi ko ANACOOP iri ku kivi kugira ngo amakoperative yose ashobore gushiraho inzego z’ubuyobozi nk’uko amategeko abiteganya: « Twariyemeje gukuraho inzitizi z’ubuyobozi zigira ingaruka ku bikorwa vyo gushinga, guteza imbere, no kwagura amakoperative

Vyongeye kandi, mu rwego rwo gutera intege amakoperative, cane cane ku bijanye no kubura amasoko, imwe mu ntambamyi zugarije amakoperative, ku wa 18 Nzero 2021, Reta y’Uburundi yashyizeho ANAGESSA (Ikigo c’igihugu gishinzwe gucunga no kubika umwimbu wo mu burimyi , ubworozi n’uburovyi ku isoko. Iki kigo nico kigena igiciro n’ubwoko bw’ibicuruzwa bigomba kugurishwa, hamwe n’ukurondera amasoko.

N’ubwo biri ukwo dufatiye ku ntege nke n’ukudashika ku ntumbero vyashiriweho ibigo vya Reta mubihe vyaheze, benshi baribaza niba ANAGESSA izoshika ku ntumbero yayo. Kur’ubwo ANAGESSA izohangana n’ibibazo vyinshi bikomeye. « Ica mbere, gukorana n’abandi vyega mu kuzamura umwimbu, ntidushobora kubungabunga umwimbu tudafise. Ica kabiri ni gushiraho uburyo bwiza bwo kubika umwimbu kugira ngo ntuborere mu bubiko. Ikindi kibazo gikomeye ni ukugurisha ibicuruzwa vyiza bikwije ibisabwa n’amategeko mu gihe kenshi usanga kenshi ibicuruzwa mu Burundi bidakwije ibisabwa ugereranije n’ibicuruzwa mu mahanga, ivyo bikaba biri mu vyotuma ivyimburwa vy’abarundi bitagurishwa neza mu makungu », nk’uko bisobanurwa na Mathias Siniremera, umucuruza.

Ikindi c’ugukomeza n’ubivugizi bw’amakoperative. Muri iyo ntumbero yo gukomeza amakoperative, Inades-Formation niyo yabaye iyambere mu gushiraho inani z’amakoperative ku rwego rw’igihugu ( fédérations ). « Abarimyi bashiraho amakoperative ku rwego rwimisozi, ayo nayo agashiraho ihuriro ku rwego rw’amakomine, gushika ku rwego rw’igihugu mu gushiraho FOPABU (Forum des Producteurs Agricoles du Burundi) ihuza amashirahamwe y’abarimyi-borozi b’ibiterwa bitandukanye kikaba gifise intumbero yo gushimangira ubuvugizi bw’abarimyi imbere ya Reta », ibi bigashikirizwa na Sylvain Nimubona, umuyobozi ajejwe imigambi muri Inades-Formation.

Mu ncamake, umunywanyi wa koperative wese ategerezwa kwumva n’ugutahura ibikorwa n’imigambi ya koperative. Kugira ivyo navyo bishikweko hakaba hagikenewe inyigisho nyinshi kugira binyengetere mu banyagihugu mu gihe benshi muri bo batizera amakoperative nk’umushinge w’iterambere rirama …

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top