Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Ibintu 5 ukwiye kumenya ku ngwara y’igisukari

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo, Uburundi burifatanya n’amakungu  mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara y’igisukari. Icivugo kizoshika mu 2023 kigira giti : « umugwayi  wa diabete wese ahabwe umuti », Mbega ivyayo vyifashe gute ? 

Mbega ingwara y’igisukari yoba ari iki ? iva kuki?

Nk’ukwo twabiyagiwe na muganga Raissa Kaneza akorera mu kigo kijejwe gukinga ingwara y’igisukari co mu Ngagara, ingwara y’igisukari ituma mu mubiri urugero rwayo ruguma iri hejuru y’urwemewe (hyperglycémie chronique), ivyo bikava k’umubiri uba utagishoboye gukora inkabuzo insuline ijejwe gucungera isukari mu mubiri ; bikava kandi ku mubiri utakira neza iyo nkabuzo insuline ngo ikore ico ijejwe. Iyo ngwara rero ngo mu nkomoko zayo hakaba ahanini ari ukwihereza ivyo kunywa no kurya birimwo ikigero kinini c’isukari mu gihe kinini, hakaba hariho n’igihe ishobora gukomoka ku muryango biciye mw’ihanwahanwa ry’amaraso (hérédité). 

Ibimenyetso vy’iyo ngwara ni vyinshi ariko muri vyo harimwo ukuja ku mwanda gato kenshi gashoboka  umuntu agasohora umwanda muto mwinshi, ukunyoterwa cane ku buryo umuntu ashobora kwihereza ama litiro 5 y’inzoga, kubura intege, gutakaza ibiro, gutakaza akayabagu n’ibindi.

Mbega ingwara y’igisukari yoba iri mu bwoko ubuhe ?

Muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya ingwara y’igisukari avuga ko iri ubwoko bune ubwo nabwo akaba ari :

*ubwoko bwa mbere (type 1) ikunda gufata abantu bonze, abakiri bato bari  mu nsi y’imyaka 30 mugabo ntikibuza ko nabafise imyaka myishi ibafata.

*ubwoko bugira kabiri (type 2) : iyo nayo ifata abantu barenza imyaka 40 kubera ibiro vyinshi baba bafise.  Ariko muri kino gihe irashobora  no kwibonekeza mu bakiri bato nkuko nabo bashobora kugira ibiro vyinshi (obesité)

*ubwoko  bugira 3 (diabète gestationnel) : ifata abapfasoni bibungenze, iyo itowe inyuma y’indwi 20 zaho aherukira kubona ubutinyanka (20-24 semaines d’aménorrhées ), iyo ibonetse imbere ico kiringo iba iri mu bundi bwoko.

*ubwoko bugira 4  ni diabète ivuye ku ngwara z’urwagasha pancréas mu rurimi rw’igifaransa  kuko arirwo rujejwe  gukora inkabuzo insuline icungera urugero rw’isukari ngo ntirube umurengera (hormone hypoglycémiante). Izo ngwara z’urwagasha nazo akaba ari : Pancreatite (itosekara ry’urwagasha rivuye ku migera canke utundi turwara), bivyimbe (cancer y’urwagasha) n’izindi.

Indwara y’ igisukari iravurwa igakira ?

Indwara y’igisukari ntikira ni indwara ngendanwa, naho mu buvuzi  hamaze kw’ibonekeza abantu bamara igihe kinini hagati y’amezi atandatu n’imyaka icumi badafata umuti  urugero rw’isukari rukaguma  rumeze neza kandi ata muti bafata ariko benshi iragaruka inyuma y’igihe. Nubwo biri ntawokwihebura kuko umuntu ashobora kubana iyo ngwara igihe kirekire mu gihe uba ufata umuti neza ni ukuvuga ko  aba yitera urushinge: Insuline, birashoboka ko umuntu arambana Diabète kandi akaguma ameze neza.Uwuyirwaye, Umuganga amuha impanuro, ubumenyi Ku vyerekeye kwitunganiriza ingwara canke imiti ituma isukari isubira kandi ikaguma mu rugero rwiza rutonona ibindi bihimba vy’umubiri. Umuganga akanamukurikirana kugira amufashe gukinga ingaruka mbi ngendanwa (complications chroniques mu rurimi rw’igifaransa) canke ivyuririzi (morbidité mu rurimi rw’igifaransa) bijanye n’indwara y’igisukari.

Mbega mu Burundi, indwara by’igisukari yoba yifashe gute ?

Mu Burundi  ibiharuro vyerekeye indwara y’igisukari  ntibiraja ahabona nkuko bivugwa na muganga Raissa Kaneza wo mu kigo kijejwe kurwanya indwara y’igisukari ,  ariko  afatiye ku biharura vy’abarwayi  bakira, iriko iragwirirana ku rugero ruteye ubwoba. Kuva uno mwaka  bamaze kwakira abantu bababa 1400  bashasha baje kwikurikiranisha ubwa mbere kubera Iyo ngwara( 1400 nouvelles consultations par an).  Kuva 2018  bamaze kwakira  abantu 20 000 bamaze kuza kwivuza kuri iryo vuriro kandi 90% baba bazanywe n’ingwara y’igisukari. Ku bw’uwo muganga  ngo ikibabaje cane ni uko abarenga 50% ry’abagendana ingwara y’igisukari batazi ko bayirwaye, ivyo ni ibiharuro vya IDF( fédération internationale du Diabète).

 Mbega  umuntu agwaye indwara y’igisukari yo kwitwara gute ?

Nkuko muganga raissa abandanya abivuga, iyo umuntu bamusanganye ingwara y’igisukari hari ivyo ategerezwa gukora kandi akubahiriza impanuro ahabwa ivyo navyo akaba ari : guhindura imibereho ku vyerekeye gufungura no kunonora imitsi, gufata imiti iyo bikenewe, kwisuzuma mu gukinga ingwara z’ivyuririzi (complications), gukurikiza amasango yokwisuzumisha no kubonana na muganga,  guhimiriza  umuryango w’uwurwaye iyo ngwara  ko bokwipimisha igisukari kubera ko biba  bimaze kuboneka ko hariho abayirwaye , kugira barabe ko itoba ari ingwara y‘umuryango (maladie héréditaire). Mu ncamake agahanurwa gukurikiza impanuro aronswa, harimwo no kwirinda ubugunge,  akumva ko atari wenyene. Muri iki gihe c’ikiza koronaviisi, hoho ngo abagwaye ingwara y’igisukari bokwikingira kuko iyo bayanduye irakunze kubasinzikaza

1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top