Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Gushigikira ikigo Humura giseruka ku bakozweko n’amabi afatiye ku gitsina

Ubushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira buzoshigikira ikigo Humura mu gufasha abakozweko n’amabi afatiye ku gitsina

Mu gihe hahimbazwa umunsi mukuru w’igihugu wahariwe ugushigikirana, umugambi « Twiteho Amagara » w’ishirahamwe Cordaid ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, washikirije kuri uwu wa 6 Myandagaro 2021 ingabire y’ibikoresho umushikirangani arongoye Ubushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira. Iyo ngabire ikazofasha ikigo Humura c’i Gitega mu gutunganiriza abacitura bahuye canke bakozweko n’amabi afatiye ku gitsina. Iyo ngabire ikaba iciye amafaranga y’amarundi angana na 149.603.700 Fbu

Iyo ngabire igizwe n’ibikoresho bijanye no kwakirirako abacituye. Ivyo na vyo akaba ari intebe za « plastiques » 120, amameza ya « plastiques » 50, intebe zo mu biro 6 n’amameza yo mu biro 2. Hatanzwe ibikoresho nyabwonko bigizwe na « ordinateurs » 4 (3 zo mu biro, n’imwe ngendanwa) na « imprimantes » 2. Imiti itandukanye yo kuvura abakorewe amabi, n’ibikoresho vya minsi yose vyo mu biro.

Umugambi « Twiteho Amagara » wanaronkeje ico kigo ibikoresho bitandukanye bigizwe n’indya ari vyo: amatoni 4 y’umuceri, amatoni 4 y’ibiharage, amatoni 4 y’intete z’ibigori, amatoni 4 y’ifu y’ibigori, amaritiro 1250 y’amamesa, amaritiro 1250 y’amavuta y’amakoto, hamwe n’ibindi bikoresho bigizwe n’amasorori 400, imyambaro y’ibitenge 500, uburengeti 250, amakarato y’amasabuni yo kumesa 200, udupaki tw’udutambara dukoreshwa mu bihe vy’ubutinyanka 3000, ibikombe vyo kunywa amazi vya « plastiques » 400 n’amabasi 400. Vyose bikaba biciye amafaranga y’amarundi 149.603.700Fbu.

Ivyo bikoresho vyose vyiyongeye ku modoka Cordaid yaronkeje ikigo Humura kugira gishobore gushikira abakozweko n’amabi afatiye ku gitsina hamwe no gukurikirana igikorwa ico kigo cashinzwe.

Abashikirijwe ingabire bakengurutse

Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu n’Iterambere ridakumira yari yitavye ivyo birori akaba ari nawe yashikirijwe iyo ngabire, yashimiye ishirahamwe Cordaid ku bufasha yatanze ku kigo Humura c’i Gitega, mbere aca agirako avuga ko ico kigo cari carerekanye ko gisanzwe gifise ubukene bw’ibikoresho kugira gishibore gufasha neza abacitura. Ariko kandi yasavye ko abantu bose bokwubahuka bagashengeza abakora ayo mabi kuko intumbero ihari atari iyuko bokwama bafasha abantu bahuye n’amabi afatiye ku gitsina, ahubwo nyabuna ko uwo muco mubi woranduranwa n’imizi, ntihasubire kuvugwa amabi afatiye ku gitsina. Agira ati : « Dushaka ko ubu buryo buriko burakoreshwa muri iki gisata buheza bugafasha no mu bindi bisata vyo guteza imbere abafise amikoro make. »

Sylvie Nzeyimana nawe asanzwe arongoye ikigo Humura yakengurutse iyo ngabire, aca agirako asezeranira abayimuronkeje ko izokora ivyo yagenewe, mbere ko abitura ico kigo bazohora bafashwa mu gufungurirwa, bagakurikiranwa mu buryo bw’ubuvuzi n’ubundi bufasha bwinshi bakenera. Anamenyesha ko kuri ico kigo, biciye mu bufasha bwiza n’nyigisho batanga, abacitura bagenda bagabanuka, kuko barigeze kuba bakira abantu barenga 2000 ku mwaka, ariko ubu bakaba bababa 1000 ku mwaka.

Hafashimana Marie Rose, umwe mu bafashijwe n’ikigo Humura kubera ko yahora arara araturatuzwa n’uwo bari bubakanye, arakengurukira ubufasha ico kigo gitanga. Avuga ko ubu arara mu nzu kandi abanye neza n’umunega wiwe kuko bahanuwe bikwiye. Uyu mukenyezi rero akaba yanungukiye ku ngabire umugambi Twiteho Amagara watanze, aho yaronkejwe igitenge, ifu y’ibigori, ibiharage, ibibasi n’igikombe. ivyo na vyo akaba yavyishimiye cane ko bizomufasha kuba aramaze kabiri, ubonako nk’uko avyivugira mu gihe c’ici baba ata co bihereza.

Mwomenya rero ko, kuva mu 2019, ishirahamwe Cordaid ririko rishira mu ngiro umugambi Twiteho Amagara ufashwe mu mugongo n’ubumwe bwa Buraya mu ntara za Gitega, Bururi na Makamba. Ihangiro nyamukuru ry’uwo mugambi rikaba ari ugufasha guteza imbere amagara y’abantu harimwo akanovera, hatibagiwe irondoka rijanye n’amagara meza no gukinga amabi afatiye ku gitsina hamwe no guhangana n’ibiza bifatiye ku magara y’abantu.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top