Jimbere

Kirundi French English
GUPAGASA

Imbabura ya Ndirakobuca ikoranye ubuhinga budasanzwe bwo kuziganya no kutonona ibidukikije

Jean-Marie Ndirakobuca ni umusore w’ubwira butangaje mu bikorwa vyo kwiteza imbere. Afise imyaka 26. Kenshi aba ariko aragendagenda mu turere dutandukanye tw’Uburundi atwaye imbabura bamutumye. Ayishikanye, ni na we ayicomekera. Iyo mbabura ikoresha amakara y’ibikungwe biva ku mise y’ibigazi nayo mu kurambisha amakara ntiworaba. Ababizi ni abanyagihugu bahora bazimbwa n’ay’ibiti ata n’uburyo bifitiye. Akanyamuneza kuri bo ni kenshi kuko bayiguze bakibonera ubudasa.

Igwirirana ry’ibikungwe biva ku mise y’ibigazi mu ntara za Rumonge, Makamba na Bujumbura, ni ryo ryatumye Ndirakobuca yikangurira kwiyumvira ingene yotangura kubikoramwo umugambi . Uwo musore akoma akoko i Bubanza, akwije imyaka 7 arangura uwo mwuga. Agira ati : «  Nahagarikiye amashure mu mwaka w’icenda ndaheza nsimbira mu gihugu ca Congo. Maze gushikayo, naciye niyandikisha mu kigo c’imyuga ari na ho nakuye umugambi wo guhingura imicafu iba yavuye mw’ihinguriro ry’ibifungurwa ».

Ivy’iyo mbabura n’amakara yayo bisize ubwenge…

Uwo musore w’umuhinga mu kwiyungunganya arasigura ukwo abigenza mu guhingura amakara:« Ndafata ivyo bikungwe biva ku mise y’ibigazi nkabiturira nkurikije ubuhinga nize hanyuma nkateba nkaronka amakara. Ibiro 100 vy’ivyo bikungwe ndabigura amafaranga 3000 ;inyuma yo kubiturira, nshobora kwokora nk’ibiro 20 vy’amakara. Ngereranije, umufuko w’amakara ngurisha amafaranga 30000 uba wantwaye ayari hagati ya 15000 na 20000 yose hamwe , ay’abakozi, ibikoresho n’ay’ukuvyunguruza arimwo ».

Ku bijanye n’ingene akora izo mbabura, agira ati : « Mu bisanzwe ndazikora kuri ‘commande’. Hariho umugenzi nahaye akazi duheza tugafashanya iyo hageze igikorwa co gusudira n’ugucomeka imbabura kw’isoko ry’umuriro (kw’ibeteri rya terefone ngendanwa, ‘chargeur solaire’ eka no ku muyagankuba). Igiciro c’imbabura kirahindagurika bivanye n’ukuntu ingana( Igurwa hagati ya 80000 na 150000) ».

Uko iyo mbabura n’ayo makara bikorana : « Ukira gucomeka iyo mbabura kw’imwe muri ayo masoko y’umuriro yadondaguwe kugira ngo haboneke umuyaga uhuhuta, ubona urubeya rw’umuriro ukaze rutanguye kuduga. Aho rero, ni nka kurya uba washize ibeteri rya terefone ku muriro kandi n’umuriro uba usanzwe uri mw’iryo beteri nyene uhera buhorobuhoro. Akandi karusho, inkono isha mu mwanya muto cane kuko wa muyaga uhuhuta utuma iyo mbabura iguma ishushe cane. Umufuko w’amakara waguzwe 30000, ushobora kumara amezi 6 canke 7 wakoreshejwe neza ».

Ngo ari nka hamwe yoronka uburyo bukwiye, yipfuza gusangiza abandi ubwo bumenyi

Biteba canke bitebuka, Ndirakobuca amenyesha ko afise ihangiro ryo gushinga ishirahamwe ryo kwigisha urundi rwaruka uwo mwuga wiwe ateko anabakurikirane. Agira ati : « Muri iyo ntumbero nyene, ndiko ndayaga n’amashirahamwe amwe amwe ashobora kunshigikira ». Uwo mugambi wo gukora amakara hisunzwe no gukingira ibidukikije ukaba uje wiyongera ku yindi y’urwaruka rw’abarundi 2 ari bo Leila Kateferi akoresha ibishishi vy’umuceri na Kaze Delphin, asaba ko hokoreshwa ibitiritiri vy’ibigori.

Tubibutse ko ikoreshwa ry’amakara ava mu biti, mu Burundi risigaye riteye ubwoba. Ni mu gihe ikiro kimwe c’amakara kiva mu biro 10 vy’ibiti. Abatohoji 3 b’abarundi babikozeko ubushakashatsi basanze abanyagihugu baba mu bisagara bonyene bakoresha amatoni arenga 100.000 vy’amakara ku mwaka, ibituma ibiti vyo mu mashamba vyicirwa ku bwinshi. Ivyo vyigwa vyakozwe rero bikaba bigabisha ko hamwe umurindi wo kwicira ibiti woguma uko biri ubu, mu myaka 25 gushika kuri 33 iri imbere, Uburundi buzoba bumaze gutakaza amahegitari agera 171.625 y’amashamba.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top