Jimbere

Kirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Burundi: Iminsi 16 abashingwamanza b’abakenyezi bari mu rugamba rwo kugwanya amabi afatiye ku gitsina

Mu minsi 16 urwego rw’abashingwamaza mu gisata c’abakenyezi rwamaze rwumviriza, abashikiwe n’amabi afatiye ku gitsina, abashika kuri 3 bahuye n’amabi yo gufatwa ku nguvu barumvirijwe, amadosiye 12 yari mu masentare ya Bujumbura yarashoboye gukurikiranwa. Ni mu gihe bihuriranye n’imyaka 71 hasinywe amasezezerano yo gukingira agateka ka zina muntu hari mu 1948.

Nkuko bishikirizwa na Maître Annick kabanyana arongoye urwego rw’abashingwamaza mu gisata c’abakenyezi mu Burundi, ngo haracibonekeza amabi afatiye ku gitsina, ivyo rero bikaba biva ku kutamenya kwa bamwe n’abandi. Rero ngo gufatwa ku nguvu, gukubitwa mu ngo, kwakwa ijambo mu bagabo ni amwe mu mabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ivyo na vyo bakaba badashima ku bishira ahabona mu gutinya kwigaragaza mu kibano, ahubwo bagahitamwo ko bokwiyumvikanira ngo bavyimarire.

Rero Annick kabanyana avuga ko ukutamenya hamwe no kudasobanukirwa inyifato ku bakorewe amabi afatiye ku gitsina ari vyo vyatumye urwego rw’abashingwamanza bahurikiye mu gisata c’abakenyezi bafata iya mbere ngo bakurikirane bongere bafashe abashikiwe n’ivyo vyago bakabura aho bitura ngo bumvirizwe canke ngo babakurikiranire imanza igihe bari mu mburano.

Ukudahana biboneka, amahorerane mu kibano…

Julienne ni umwana w’umwigeme wo mu gisagara ca Bujumbura bivugwa ko yatewe inda maze uwayimuteye akamwigarama. Se wiwe n’umwidogo mwinshi agira ati: «Umukobwa wanje yari yiga mu mwaka wa 7, aterwa inda.n’uwayimuteye aramuvuga, tubishize mu butungane ntitwatunganirizwa, nyene kubikora yiraramiye». Yongerako ati: « Ariko ubu ho ko twituye urwego rwiyemeje kubikurikirana,nizeye ko nzotunganirizwa ».

Rero muri iyo minsi 16 urwo rwego rw’abakenyezi b’abashingwamanza bamaze bumviriza ababitura barakiriye abashika kuri 3 bahuye n’amabi yo gufatwa ku nguvu, ama dosiye (12) yari mu ma sentare ya Bujumbura yarashoboye gukurikiranwa. Muri yo 9 yari muri komine Ntahangwa, 3 akaba yari muri komine Muha, atatu muri yo akaba yashizwe mu mw’iherero. Ivyo bigatera intege urwego rw’abakenyezi b’abashingwamanza kubandanya gukora rugwanya rwongera ruhana abagirwa n’amabi ashingiye ku gitsina.

Muri uwo mugambi wogutuza uguhohoterwa bifatiye ku gitsina.

Ukutajijuka n’ukudahimirizwa zimwe mu ntambamyi zituma hadatuzwa amabi afatiye ku gitsina.

Umushingwamanza Haissa Harerimana avuga ati: «Kubashikiwe nayo mabi ntibatahura ko uwakoze iryo bara abwirizwa gushengenzwa agakubitwa intahe mu gahanga. Ugucira amande uwahohotewe biramugabanura ingorane aba yagize. Abenshi kumenya uko bakurikirana aho imanza zigeze birabagora bivanye naho baba canke bakuriye».

Mu rugamba rwo gushaka kurandurana n’imizi amabi afatiye ku gitsina urwego rw’abashingwamanza b’abakenyezi batanguje aho bagiye hamwe ngo bafashe ababitura, babumvirize bongere babakurikiranire imburano kugira zihute, ngo warahuye n’intambamyi yo kubura uburyo bukwiye bituma badashikira abenegihugu bo mu ntara zo hagati.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top