Jimbere

Kirundi French English
INDERO

Imvo zotuma akazi katongera gutangirwa mu makomine…

Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’abakozi ba Reta yaratunganije ikibazo co gutanga akazi kuri uwu wa 2 Nyakanga 2021 ku bigisha 1000 mu gihugu cose. Ico kibazo cakorewe mu buyobozi bw’indero mu makomine, caranzwe n’utunenge tutari duke. Bamwe bati bihereye aba DCE kurya, abandi na bo bati abakenyezi n’abarumuna b’abafise ikibanza mu mugwi ujejwe ivy’akazi muri komine ni bo bahungukira…

Nta nkeka ko abarondera akazi ataribo babonye harageze igenekerezo rya 2 Nyakanga 2021 ngo bapime amahirwe yo kuronka akazi. Bitayeko bamwe bamwe bari bamaze kuronka amanota 15 y’amadosiye. Abasizeko n’urupapuro rwerekana ko bafashije mu kwigisha baba bafise amanota 30. Ikibazo na co, cari ku manota 70.

Imyidogo rero yatanguriye kuri ayo manota y’amadosiye. Bari guhiganwa ku kibazo gusa. Bamwe wumva bagira ngo kugira uronke aho ufasha mu kwigisha urinda guteka imitwe. Ngo utazwi, ntube uvukana n’abayobozi b’amashure canke mupfana ikintu nturonka aho « ubenevola » (aho uba urafasha kwigisha). Ugize Imana ukaronka iyo wigisha na ho, ngo usanga ari mu yindi ntara canke iyindi komine. Urwo rupapuro na rwo ntirwakirwa kuko bisaba ruba ari urwo muri komine usabamwo akazi. Ni ukuvuga, ikomine ubamwo canke uvukamwo (kandi umurundi ata ho yimirwa mu gihugu c’amavukiro). Vyumvikane rero ko abaronka amanota 30 batarakora ikibazo atari uwo ari we wese, kuko ngo hari benshi bipfuza gufasha kwigisha ariko batemererwa n’abayobozi b’amashure.

Bavuye gukora ikibazo c’akazi, abatari bake batashe bacikugura ngo cari umwotsi. Kuronka amanota 67/70 vyasa n’ibitera amakenga bamwe. Bamwe batangura kuvugira mu bwongoshwa amanyanga yibonekeje. Uri abavuga ngo ikibazo cibwe, uri abavuga ko bataronse amanota bivanye n’impapuro zabo zimwezimwe zafuswe bahejeje ikibazo, abandi batangura kwidoga ngo hari abakoze bashize utumenyetso inyuma ku mpapuro,… muri make ngo ikibazo nticari mu muco namba.

Ivyavugirwa mu bwongoshwa bija ku mugaragaro…

Imbarutso ya vyose ni intara ya Kirundo muri komine Bugabira na Vumbi. Ni ho imyidogo y’amanyanga yatanguriye. Umuntu umwe yakorokeye kuri Whatsapp atanga ijwi ry’ukungene itangwa ry’akazi ririko rirabamwo ikimenyane. Bamwe mu bari mu migwi yatowe muri komine bagashaka gukomera akazi abakenyezi babo, ahandi bakandika ikete bakwiragiza mu migwi ihuriramwo benshi ya WhatsApp bavuga ibijanye n’abakora ikibazo baheza bagashira utumenyetso ku mpapapuro kugira baze kuzihindura mu nyuma,… nta nkeka ko bashaka ko bishikira inzego zo hejuru zibijejwe.

Ubona ko irirenze umunwa riba rirenze impinga, vyahavuye bishika kure. Umushikiranganji w’abakozi ba Reta Domine Banyankimbona ari kumwe n’umugwi w’igihugu ujejwe gutanga akazi yahavuye yishikira ku rubuga. Arashika mu Kirundo muri komine Bugabira, araja i Vumbi, arashika mu makomine amwe amwe y’i Ngozi na Muramvya, arabandanya mu Cibitoke na Bubanza yirabira ko amanyanga yagiye aravugwa afise aho ahagaze.

Uwo mugwi w’igihugu wagiye urafuta imigwi imwe imwe yari ihagarariye ibijanye n’itangwa ry’akazi mu makomine, abarondera akazi bamwe bamwe barakurwa ku ntonde kuko bari mu manyanga, abandi bakurwa amanota y’impapuro batanze zitari mu muco. Muri komine Buganda yo mu ntara ya Cibitoke ho, ikibazo cari catanzwe carafuswe. Ntibukeye kabiri Ubushikiranganji bw’Indero butangura guhagarika abayobozi bamwebamwe biboneka ko batahagarariye amabanga bari bajejwe mw’itangwa ry’akazi, urunani mpuza ma « syndicats » COSESONA rutangura guhagarika bamwebamwe mu barongoye ama ‘syndicats’ y’abigisha ku rwego rw’amakomine rwongera rutera ivyatsi ingendo mbi abo bayobozi bakuwe berekanye mu gihe hatangwa akazi ku bigisha bashasha. Eka, muri make utu nenge twaribonekeje. Aho rero ni hake muri henshi hataramenyekana. Za Bisoro muri Mwaro hari uwitwaye asaba umugwi w’igihugu ujejwe gutanga akazi ateretswe amanota yaronse kandi yarakoze ikibazo,…

Mu kurindira ko Ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta bagira ico bashikirije ku bijanye n’ingene muri rusangi babona uko itangwa ry’akazi ryagenze ku gihugu cose, abatari bake mu bakoze ikibazo basaba ko kubera ko gufuta ikibazo ca kozwe mu gihugu hose bigoye, kumbure kubera uburyo buba bwarakoreshejwe, ko itangwa ry’akazi ryova mu makomine rigasubira mu mugwi w’igihugu ubijejwe. Hama abamaze gufatwa n’abazofatirwa mu manyanga yabaye mw’itangwa ry’akazi ku bigisha bashasha bagahanwa gutyo akazi kagakora uwugashoboye. Hoye gutangwa akazi ku kimenyane…

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top