Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Imyiteguro yo gukinga ikiza ca Ebola mu Burundi igeze hehe?

©Jimbere│ Joseph Butore ariko arasigurirwa ubuhinga bukoreshwa n'ikigo INSP mu gukinga Ebola

 Mu gihe indwara ya Ebola isa n’iyibangamiye igihugu kibanyi ca Congo, kuri uwu wa 20 myandagaro, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yazindutse agendera ibibanza bimwebimwe mu ntumbero yo kuraba aho igihugu kigeze citegurira gukinga ico kiza. Aho ni mu gihe horamuka havuzwe umuntu yoba yinjiye ku butaka bw’Uburundi canke umurundi yoba ari mu gihugu afise uwo mugera w’indwara ya Ebola.

Joseph Butore yatanguriye urugendo mu Gatumba ku mupaka w’Uburundi na Congo, ari kumwe na bamwe mu baserukiye amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, OMS, PAM na OIM. Ico kibanza ni kimwe mu vyikekwa ko ariho umugera wa Ebola ushobora kwinjirana. Amaze kuhashika, Joseph Butore yasanze abahajejwe na cane cane abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, barahashize ibikarabiro bibiri birimwo amazi arimwo imiti yica imigera ya Ebola. Uwuhaciye wese arinda gukaraba iminwe. Si ivyo gusa barahazanye n’igipimo c’ubushuhe mu ntumbero yo kuraba zaba ingenzi canke abarundi, abafise ubushuhe burenze kugira bace bajanwa gusuzumwa. Joseph Butore, akaba yaciye abandaniriza mu kigo co muri INSP ( Institut National de la Santé Publique), ahari ibikoresho vyose bikenewe mu gupima umuntu wese azoba yerekana ibimenyetso vy’umugera wa Ebola. Ivyo bipimo navyo bizoheza vyerekane ko uwo muntu afise ingwara ya ebola canke akomeye.

Avuye mu kigo co muri INSP, Joseph Butore yaciye aja ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye. Uwushitse wese kuri ico kibuga asanganizwa imiti yo gukaraba mu minwe. Ahejeje aca imbere y’icuma gipima ko adafise ubushuhe burenza ibice 38 (°C). Umwe mu bakozi bo mu gisata gikinga Ebola aho ku kibuga c’indege, amenyesha ko biteguye bihagije, kuko hari na rusehabaniha yo kurerura umuntu wese yokwerekana ibimenyetso vya Ebola.
Inyuma yo kuva aho ku kibuga c’indege, Joseph Butore yasozerereye urugendo rwiwe ku Mudubugu muri komine Gihanga, i Bubanza ahari ikigo cubatswe na OMS. Ico naco kikaba kizokwakira kikongera kikavura abo vyogaragara ko bafise umugera w’indwara ya Ebola. Aho na ho hakaba hari ivyumba vyo kubataramuriramwo, baba ab’igitsina kobwa canke hungu. Aho ku Mudubugu hakaba hariko haranatangirwa urucanco rukinga umugera wa Ebola ku bantu bogeramirwa cane gusumvya abandi mu gihe vyoshika iyo ndwara ikinjira.

Ivyavuye mu rugendo

Joseph Butore avuga ko hakiri hamwehamwe bisabwa ko hongerezwa inguvu n’uburyo nko mu Gatumba hakunda kuba hari uruja n’uruza rw’abinjira n’abasohoka. Abo rero na bo ngo baharurwa hagati y’abantu 4500 na 5000 buri munsi. Ku bw’ivyo, ngo indobo zibiri ziri muri ico kibanza ntizikwiye ahubwo hakwiye kwongerezwa ibibanza kugira ngo ayo mazi arimwo imiti akwire henshi kandi kuri bose. Yarasavye kandi ko hokwizwa ibibanza vyo gupima Ebola no ku yindi mipaka (Kobero, Kayanza, Rumonge, Cibitoke), nkuko bimeze kuri INSP no muri CTE yo ku Mudubugu, kugira ngo uwo mugera ukingwe mu mpande zose z’igihugu.

Joseph Butore akaba yanashikirije ko imyiteguro yo gukinga umugera w’indwara ya Ebola uriko uragenda neza. Akagira ati: “Ibikorwa biriko birakorwa ni vyiza kandi bikingira bose, zaba ingenzi canke abasangwa. Tuve hasi rero twese mu kwitabira akamo kose twoterwa n’ababijejwe”.

Yarongeye arasaba abantu bose, baba abarundi canke abanyamahanga, ko boca ku mipaka izwi n’amategeko. Ni mugihe umuntu ashobora kuba agendana umugera wa Ebola, agaca ku mupaka utazwi akanduza abandi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top