Jimbere

Kirundi French English
AKAHISE

Intambamyi abakenyezi bagira ku bijanye n’amatongo

Mu mico n’imigenzo y’ikirundi ugutorana itongo vyamye bikumira umukenyezi canke umukobwa. Umukobwa ntiyigera atorana kwa se wiwe. Kuva kera na rindi, ibijanye n’ugutorana ntivyigeze bihinduka, nta muco vyigeze bijamwo kandi hari abakibona yuko harimwo n’akarenganyo.

Abakurambere bati «Ntamwana n’ikinono». Ariko uwo mwibutsa ntiwigeze ushirwa mu ngiro mu bijanye n’ugutorana mu matongo.

Imbere y’ivyo twobanza kwerekana agaciro k’itongo mu mico y’ikirundi. Abarundi bamye bakunda cane itongo kandi bakavyerekana. Itongo barazwe na basekuru, itongo rishinguwemwo ababo, itongo ribafasha kugumana ubuntu bwabo, itongo bahanahana hagati y’abana b’abahungu bavutse mu muryango umwe…

Itongo ni ikintu umurundi wese w’umutima yiyumvamwo. Ni naho kenshi wumva aba n’abandi bavuga bati jewe harya ni ho nataye uruzogi. Itongo kandi hari abarifata nk’iry’umuryango. Ugasanga umuryango runaka wiharije umusozi ugasanga iryo tongo ni ryo buraro n’uburamuko bafise.
Bisigura ko itongo ry’umuryango ryegukira abari mu muryango wa se rugo.Mu gihe rero Uburundi ari igihugu aho hatorana abagabo, birumvikana neza yuko umukobwa atakibanza yari afise canke yahabwa mu gihe co gutorana. Umukobwa mu basirwa abarundi ntibemera yuko ajamwo. Bavuga bati umukobwa azotorana iyo agiye kwabirwa, “ Mu Burundi”, nta co aba afise avuga kw’itongo yavukiyemwo.

Ku ntwaro ya cami, umwana w’umukobwa ntiyahirahira ngo asabe kuzoronka ibisigi. Na vyo kenshi vyaba bigizwe n’itongo canke inka hamwe n’ibindi bintu aba yararondeye nk’itongo ry’umuheto.

Imigenzo y’ikirundi yari ifise uko itegekanya ibijanye n’ukuronka itongo. Ibimenyerewe cane ni ibijanye n’itongo ry’umuryango. Akenshi itongo mu Burundi umuntu yarironswa ari uko arirazwe n’abavyeyi biwe.

Ugutorana rero biri ubwoko bubiri: hari ugutorana ikintu usize urazwe n’abavyeyi hamwe n’ugutorana ikintu utakirazwe n’abavyeyi bawe. Ugutorana ikintu utakirazwe n’abavyeyi vyashika mu gihe abavyeyi baba bapfuye giturumbuka ugasanga ntibaronse umwanya wo gusiga bavuze ingene abana babo bazogabangana ibisigi. Ivyo vyaba biraba abana bavukana kandi b’abahungu gusa.
Mu bana bashobora gutorana haba harimwo abazwi n’umuryango ku mugaragaro hamwe n’abandi bana bashobora kuba bavutse mu kinyegero ku bandi bagore ariko se rugo akaba abemera nk’abana biwe. Ariko umukobwa canke umukenyezi aba imfura canke umuhererezi nta burenganzira yari afise bwo gutorana.

Pages : 1 2

1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top