Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Isuku rike mu mashure y’ibinyoni rifise inkurikizi nyinshi

Mu gihe umwaka w’ishure wa 2021-2022 ugiye gutangura, mu mashure y’ibinyoni (gardienne) yakira utwana tucimenyereza ishure, harakunda kwibonekeza isuku rike mu tuzu twa surwumwe. Ivyo bigatera ihahamuka ribatera kwiyononako canke bakahandurira indwara kukugutinya kwinjira aho hantu…

Umwigeme yahoze yiga mw’ishure ry’ibinyoni, Fanny*, kugutinya kwinjira mu kazu ka surwumwe kubw’ubucafu bwaho, yarigeze guhitamwo kwihagarika hanze. Ariko bikaba bitagenze neza : « Ndibuka nkiri muto, kubera natinya kwinjira mu tuzu twa surwumwe umunsi umwe nagiye kwihagarika hafi ya toilette. Aho rero abana bakunda kuhakinira batera amabuye hejuru kuri « toilette » kugira bakange umwana ariyo. Uwo munsi rero nsutamye ndiko ndagira umwanda muto niho ibuye ryatewe n’aba bana ryankubita kujisho. Natashe ijisho ryameze nabi kumvo z’uko natinye kwinjira indani nka girira hanze. »

Ako n’akarorero kuwashoboye kwubahuka agakora ivyo twokwita kwonona ibigo vy’ishure. Ico gihe Fanny yari akiri muto. Ariko hari utundi twana bahitamwo kuvyigumizamwo. Utwo twana tuba difise imyaka iri hagati y’itatu n’itanu.

Ingarukambi ntizibuze

Akenshi umwana aba yashikiwe n’ikibazo co gutinya kuja kwituma biroroshe kumubona mw’ishure. Nkuko Caritas Hakizimana icegera c’umuyobozi w’ishure nshingiro rya Kinindo abisigura, akenshi uyo mwana ntakurikira mw’ishure. Canke ugasanga yigunze nk’uko yoba arwaye. Hari naho, bimurengera akiyonona maze abo bigana bakiha iryinyo.

Abo bana biga mu mashure y’ibinyoni barashobora gucibwamwo, kuyorwa, amacinya, cholera n’izindi ndwara ziterwa n’isuku rike.

Iruhande y’indwara ziva kw’isuku rike zifata abana bakiri mu mashure y’ibinyoni, abo bana birashika bagakura batinya utuzu twa surwumwe dukoreshwa na benshi.

Nicole* akaba yaratuyagiye ko kugeza ubu afise ubwoba bwo gukoresha utuzu twa surwumwe tujamwo benshi. Ariko we ikimubuza kujayo si umucafu waho gusa ariko riho atinya ivyo yosangayo : « Ndibuka nkiri umwana bavuga ko ama « toillettes » yo kw’ishure harimwo udu shetani. N’ubu ndatinya ama toilettes ahuriramwo abantu benshi, nama niyumvira ko nohura n’udushetani. »

« Inyigisho z’isuku ni nkenerwa mu mashure y’ibinyoni »

Darcy Akimana agiye mu wa kabiri mw’ishure ry’ibinyoni mu Kinindo. Igihe Jimbere Magazine yahagendera, yaratwiganiye ko mw’ishure bahora babigisha ingene bokora isuku ku mubiri wabo: « Iyo tuvuye muri toilettes tuca dukaraba n’isabuni n’amazi ».

Ishure rya Kinindo n’ishure ryakira abana barenga 1.500 bose bagahurira mu tuzu twa surwumwe 8. Kubw’ivyo, Caritas Hakizimana abandanya ashimika ko iyo ari imwe mu mpambamyi zituma abana badakurikira neza mw’ishure: « Umwana aguma arunguruka, ntashobore kwinjira. Maze akirigwa atamerewe neza, ntabe agikurikira umwigisha neza ».

Ariko ivyo ntibikwiye ! Mu mashure y’ibinyoni iruhande yo guherekeza abana mu tuzu twa surwumwe, Caritas Hakizimana yongerako ati : « Impambamyi turonka muvyerekeye isuku muri aba bana n’uku kuntu dufise utuzu twa surwumwe basangira n’abana bakuze. Kuko barya bana bakeneye isuku rya buri mwanya. Iyaba twari dufise akazu ka surwumwe kabonyene kandi twugara, kodufasha ».

*Aka kamenyetso kari ku mazina twatoye kuko abadushingiye intahe batashimye ko tuvuga amazina yabo

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top