Jimbere

Kirundi French English
UKUBANA

Itegeko rishasha ku bijanye n’ingo n’imiryango ntivyoba bisa n’ukwemezwa ibintu ku gahato?

Iryo jambo ryavumerewe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi: “ Gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017 ingo zose zo mu Burundi zizobe zanditswe imbere y’amategeko kugira ngo dukinge amabi abangamira canecane abakenyezi hamwe n’abana.” Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bwaciye bwihutira gushira mu ngiro iryo jambo gushika aho kwemera kubana n’umuntu mukurikije amategeko vyacitse itegeko ntabanduka.

 Nta munsi wijana ata rubanza rw’ubugeni rubaye mu Burundi. Ababanye batubakanye mu kuri birukira gihutihuti kwiyandikisha imbere y’amategeko ku biro vy’amakomine babamwo . Wihweje wokwibaza yuko abarundi bari mu gihe c’ugukundana birenze urugero. Ahibambewe! ni ugutinya kuriha ihadabu ryibihumbi 50 vy’amafaranga y’amarundi muri iki gihe ubukene buzura inzara.

Mu gihe hari abavuga yuko iryo tegeko rihonyanga ubwigenge bwa kiremwa muntu, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwo bumenyesha yuko : “ Iyo ngingo yafashwe kugira igabanye ingeso y’uguharika hamwe

no gutwara inda zitipfujwe mu ntumbero yo guhimiriza abarundi kuvyara ku rugero kuko n’amatongo yaraze”. Naho bose batabitahura gutyo ariko bikaba bifise intumbero nk’iyo womenga ntawutobishigikira. Haguma ho ikibazo; mbega none umugabo ahitamwo umugore uyuhe ngo bandikwe?

Umugore azwi n’amategeko canke umuhabara?

Hari ikibazo gikomeye cane: mbega ni ubutegetsi bujejwe kuvuga uwo umugabo ahitwamwo ngo bubakane imbere y’amategeko? Mbega birakunda yuko umugabo yo kwandikanwa imbere y’amategeko n’umugore bari baravanye kandi asize mu nzu uwundi babana? Kubera gusa vyavuzwe n’abajejwe intwaro ngo twubahirize amategeko y’ikibano turimwo?

Mu biro vy’amakomine bavuga bati ku bafise abagore benshi urubanza ruba rwiciye, babwirizwa bose kwandikanwa imbere y’amategeko n’umugore wabo wa mbere kuko bitagenze uko bose boca bandikanwa n’abagore babo ba kabiri. Ku bijanye n’uwo mugore agira kabiri, iyo hariho abana ni bo bonyene baheza bakandikwa imbere y’amategeko ndetse se wabo akemanga kubafasha mu bijanye n’uburyo baba bakeneye. Buri munsi i Bubanza, imiryango irihagati y’ine n’itanu ni yo yama yubakana imbere y’amategeko.

N’abitwara imbere y’abategetsi baba bangana nk’uko nyene bashaka gutunganirizwa mu bijanye n’ukubagaburira ubutunzi buri mu miryango , abasaba ivyo bagaburira abana babo hamwe n’izindi ngorane ziturutse ku guharika.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top