Jimbere

Kirundi French English
Jimbere Mukenyezi

« Nawe Nuze »: kuva 2016, abakenyezi ibihumbi 46 baramaze gufashwa na Care International Burundi mu ntara ya Kirundo

© Jimbere│Abakenyezi b'i Vumbi berekana intambuko z'ingene batunganya ifu y'ubuyi nk'uko bavyigishijwe na Care Burundi

Amadorari y’amanyamerika yababa 1 800 000 niyo iryo ishirahamwe rimaze gukoresha mu ntara ya Kirundo mu bisata vyo guteza imbere umukenyezi ribicishije muri uwo mugambi wo kuziganya no kuguranana, ugizwe n’abakenyezi 46.000. Ha mbavu y’ivyo harabaye ukwigisha ivy’agateka ka zina muntu, guteza imbere igiterwa c’umuceri, kurima ibiterwa vy’imboga, kwigisha gufungura neza, …

Vyashikiririjwe i Bwambarangwe na Afurika Juvénal aserukira iryo shirahamwe mu Burundi kuri uwu wa 25 gitugutu aho yifadikanya n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi, mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi ndetse n’uwo gufungura neza (Iyo minsi mikuru ikaba ihimbazwa kw’isi yose itariki 15 na 16 gitugutu). Hari inyuma y’urugendo bagize ku wa 24 aho iryo shirahamwe ryari ryaramutse ryereka ubwo bushikiranganji ibikorwa rimaze kurangurira mu makomine ya Vumbi, Kirundo na Ntega.

Muri komine Vumbi

Abakenyezi bo muri iyo komine bahurikiye muri Cotafem (Coopérative pour la Transformation Agro-alimentaire par les Femmes) baremeza ko Care International Burundi ariyo bakesha ubuhinga n’ubumenyi bafise bw’uguhingura ifu y’ubuyi mu biharage, umuceri, ingano, ibigori, isoya, n’ibindi. Ibisafuriya bitatu bita muvelo bakoresha mu gukayambura intete, icuma gikoreshwa mu kwanikira ivyo bakaranze, igikoreshwa mu kuvanga intete n’ikizisya, vyose barabihawe. Aho rero ntihibagiwe imiriyoni 6 Care International Burundi yabaronkeje nk’umutahe wo gusuma ubwo bwoko bw’intete bwadondaguwe nk’uko vyemezwa na Suzanne Rwasa, arongoye akarere ka Kirundo na Muyinga mu bikorwa vyo guteza imbere umukenyezi.

Béatrice Nahimana arongoye ishirahamwe Cotafem, avuga ko iyo isoko yagenze neza bashobora guhingura ibiro 300 vy’ifu ku munsi. Naho biri uko, ngo hari intambamyi y’uko bataronka neza aho babisohorera. Akanamenyesha kandi ko batagira imirima yabo bwite borimamwo izo mbuto batarinze gukotesha. Kuri ivyo, bagasaba reta ko yogira ico ibafashije bakagura urudandazwa mbere bakagira n’indimiro zabo kuko bakoresha amahera menshi mu gukota aho barima.

Icuma gikobora umuceri catantzwe na Care International Burundi

Muri Ntega

Ku mutumba Kinyovu, abakenyezi bahurikiye mu ma koperative barashimira Care International Burundi ku migambi « Nawe Nuze » na « Twuzuzanye » yabazaniye. Yaje ibigisha ivyo kuziganya no kuguranana itako ibaha inyigisho zo kwuzuzanya mu ngo, izari zarasambutse zunga ubumwe gushasha, iterambere risubira gusasa indava mu miryango.

Hejuru y’ivyo, abanyagihugu baho bakaba baragabanye n’icuma gikobora umuceri giciye imiriyoni 19 kuko babaye aba mbere ku rwego rw’ikomine mu gutuza amabi akorerwa umukenyezi nk’uko bishikirizwa n’uwrongoye ishirahamwe Care mu Burundi.

Muri komine Kirundo

Ku mutumba Rambo mu mwonga : Umuceri urashishe kandi uravyibushe wohora uraraba ingene uteye igomwe. Care International Burundi ifadikanije n’abahinga ba Kaminuza y’Uburundi bo mu kigo Izabu, yaronkeje abakenyezi birimizi bahurikiye mw’ishirahamwe « Rwemarika » ubwo bwoko bw’umuceri utandukanye n’iyindi.

Cécile Miburo aserukira iryo shirahamwe, amera nk’uwushinga intahe, avuga ko ku buringanire bahora baterako umuceri bakimbura ibiro 70 basigaye bahakura ibiro 300. Bikabanezereza cane kuko ikibazo c’inzara kiriko kirakemuka.

Umushikiranganji Martin Nivyabandi akaba ashimira ishirahamwe Care Burundi kuri ivyo bikorwa vyose ryaranguye biza biteza imbere umukenyezi mwirimizi n’ingo muri rusangi. Mbere agahamagarira n’ayandi mashirahamwe kugwiza ibikorwa bishigikira umunyagihugu mutomuto aho kwishinga gukoresha inganda. Nayo abo banyagihugu ngo bakwiye gukamisha imfashanyo bahabwa mu kuziganya utwo baronka. Akabibutsa ko ishirahamwe rigira ikiringo rikorera mu gihugu, cahera rikimukira ahandi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top