Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

« Simba naravyaye intahekana iyo ntatera akagere impanuro za muganga nkazirutisha iza nyokuru… »

Hari amabwire menshi abakenyezi batari bake bakenyereyeko ajanye n’ibintu bafuruguta kugira ngo bikunde ntibasame imbanyi batipfuje: uri abihereza imisabiko, abaterateranya utu na turiya ariko bikarangira bibatekurukanye. Ico bikoze co biragaragara ko bafise ishaka ryo gutandukanya imvyaro kandi ko babona ingaruka z’ukutabikora. Twaratohoje…

Burya rero ntimubone hari abakenyezi batihutira kuja kwa muganga ngo bagirwe inama y’ingene bobigenza kugira ngo batandukanye imvyaro, hari imvo nyinshi mu makuru twahawe zerekana ko na bo bifitiye ubundi buhinga bivumburiye, bizeye, nubwo nyene butaberera. Duce ku mayange bumwe mu bwashizweko imitima na benshi buteba bubabera ibamba.

Agatambara mw’ikoma…

Ndorere Vestine*, ni umukenyezi wo mu ntara ya Gitega. Uwu avuga ko hari impanuro yahawe na inakuru kugira ngo bikunde atandukanye imvyaro kuko ngo na we arizo zamufashije akivyara. Vesi ntiyahavuye yererwa…

Nk’uko Vestine abivuga, uku ni kwo inakuru yamutekeye umutwe: “ Mwananje, ukabona uribarutse, uvuye mu kiriri, urashobora gukora imibonano mpuzabitsina atangorane kuko utarerera umwana (utarabona amaraso y’ubutinyanka) ntusama. Ariko rero igihe uzoba ubonye ayo maraso ya mbere, uzofate agatambara ukibinde, bugingo amaraso yajojoteyeko uyapfundike, uce uja kukamanika ahantu mw’ikoma abana badahamvya. Ntuzohirahire ngo ukamanure utagomba kuvyara. Igihe kazomara mw’ikoma, ni co gihe uzomara utarasama nubwo uzoba uryamana n’umugabo umunsi ku munsi.”

Ariko rero, ngo yaramubwije ukuri ko bishitse imbeba zikakarya canke zikagatwara, azorinda apfa adasubiriye gusama inda n’imwe. Vestine ivyo yarabikoze, irya mbere abona birakunze aca arya akara bagenzi biwe ngo ariko abarangira uko bazohora babigenza, yamara nta co vyahavuye bitanga, imbanyi zose baguma bazitwara bakiva mu kiriri batangazwa n’ibiriko bibabako, nk’uko bavyivugira.

Umuhanyu w’igitoke = Umwaka umuvyeyi adasamye

Donavine Barazi* avyaye gatatu. Na we afise ubuhinga yabwiwe na bagenzi biwe bujanye n’ukuntu yovyitwaramwo.  Ngo bamugiriye inama yo kuzunguruka mu matongo ateyemwo ibitoke arondere icoba camye ihando rimwe risa: “Ukazoribona, uzoba wihereje. Ikizoba gisigaye ni ukukironderera utuboga tw’imbwija, ugiteke hanyuma ucihereze umunsi ubonye amaraso irya mbere inyuma y’ukwibaruka.” 

Abo bagenzi biwe bamenyesha ko aho ubuhinga buhagaze ari aha hakurikira: nimba rya hando ryari rifise imihanyu 10 y’igitoke, uno muvyeyi azomara imyaka 10 nyene adasubiriye gusama, nubwo azokora imibonano mpuzabitsina n’umugabo wiwe igihe ashakiye cose. Barazi yarabigendereje kabiri, yakurikije intahekana ubutarariye, bisigura ko bitamukoreye.

Ubundi buhinga kama bwijukiwe ariko bubahinyukana hadashize kabiri

I Makamba, abakenyezi bamwe bavuga ko bifashisha imbuto z’ipapayi kugira ngo ntibasame. Babonye uwuriko apfisha ubusa urwo rubuto ngo bonabipfa kuko aba ariko asesagura umuti kama. Bavuga ko bafata akabuto kamwekamwe inyuma y’imibonano mpuzabitsina kurya kw’ibinini. Na bamwe mu bakenyezi bo mu ntara kama ya Kirimiro baravyemeza abandi bakabihakana. Aho ni aho batikoze ku binini bita aspirine igihe bahejeje kurangura amabanga y’abubatse bakarenzako agafanta ka Coca cola. Ngo baca biraramira. 

Iyi migirwa yose ahanini ikorerwa mu gifuri kandi n’uwo ubibajije ntakira kubikwiganira. Akenshi igenda irahanahanwa   mw’ibanga ntangere hagati mu bakenyezi ubwabo, canecane abo mu mitumba ariko ingaruka zikabagarukako bidatevye. Haba ukwicuza iyo abana babo babuze icepfo n’ica ruguru, babuze utwo batamira, barira babaraba mu maso, bano bavyeyi na bo ata co bari bubamarire kubw’ubwinshi bwabo, ata n’aho uburyo bari bubukure.

Twaregereye muganga Frederic Faustin Irambona akorera ku bitaro mpuzakarere vya Gitega, aho twamubajije nimba vy’ukuri muri ubwo buryo bwose bwa kera ata na bumwe bwemewe, aratangara cane ati: “Bwa bundi inyigisho ziri kwinshi, ni na co gituma abigeme n’abapfasoni basama inda ku bwinshi”.  Nyabuna yahamagariye uwo wese yipfuza gutandukanya imvyaro kwegera abaganga bakamufasha ahandi ho iyo migirwa yose yadondaguwe ngo ni ibinyoma vyambaye ubusa, bizotuma benshi basesa kandi kuyora bizobarusha.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top