Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Ngo sinokwubakana n’uwufise VIH Sida kuko nta n’umwana akomeye yovyara…

Umuntu agendana umugera utera ingwara ya Sida arubaka n’umuntu atawufise ntawumwanduze, kandi aravyara n’umwana akarinda akura atanduye uwo mugera mu gihe bagiye barakurikiranwa neza n’abaganga babijejwe. Ariko hari aboba bagira amakenga, ko bohava bandura. Insiguro y’umuganga …

Burya abantu batari bake birashika bakinuba umuntu agendana umugera wa Sida. Bitayeko hari abazi y’uko iyo umuntu yanduye VIH Sida ivyiwe biba birangiye, aba asigaye abaho arindiriye isango ngo atabaruke, kuko udakira. Kandi ko n’abo barinze barangurana amabanga mpuzabitsina idakingiye baca bandura ubwo nyene n’abana bavutse muri iyo mibonano bavukana uwo mugera. Ariko burya ngo ivyo abantu biyumvira si vyo. Ngo nk’iyo vyamenyekanye kare abaganga barakingira abatarandura ntibabe bacanduye bakanapfupfahariza abamaze kwandura.

Augustin Harishimana ni umuganga twaganiriye. Uyu asanzwe afasha abakenyezi bariko baribaruka, harimwo no kurinda abakenyezi banduye uwo mugera kutanduza abana bibungeze, mu gihe co kwibaruka canke mu kwonsa. Uyu muganga rero avuga ko iyo umuntu yanduye uwo mugera akaba afata imiti neza, ko hari igipimo bakora c’amaraso baraba ko imigera ifise ubushobozi bwo guhanahanwa. Agira ati : »Iyo ico gipimo bita « charge virale » kiri « indétectable » ntaba afise ubushobozi bwo kwanduza umuntu ».

Iyo rero umwe mu bubakanye canke mu bashaka kwubakana yamaze kwandura, hariho umuti baca baza baraha uwutarandura akaba atokwandura.

Uti none ico gipimo gikorwa gute?

Uyo Augustin Harishimana ati:  » Ni amaraso bafata, hama bakayajana muri « laboratoire », atari zose ariko hariho ahari icuma co kuyapima nk’i Bujumbura benshi bayajana muri Swaa Bujumbura ».

Eka mbere uyo munganga abandanya avuga ko n’irya miti yo gupfupfahaza uyifata neza, inyuma y’amezi atandandatu gusa ntusubira kwanduza. Ariko uretse kuyifata n’aho uba warashitse aho utanduza urashobora kwongera kwanduza.

Bite ho ku bagore bibungenze kugira ntibanduze  abana

Muganga Agustin Harushimana avuga ko, ubwa mbere na mbere abagore bose babapima umugera. Iyo hagize abo basanze bawugendana barabakurikirana. Hama mu kwibaruka ngo hariho uburyo bwo kuvyaza uwugendana umugera wa Sida bukoreshwa. Ikintu rero nyamukuru baca bihanizwa ni ukurenza umwaka bonsa. Iyo bakurikiranywe neza rero ntibanduza abana babo.

Ngo n’aho mu maberebere hasanzwe harimwo umugera, uwo muganga agira ati: » Umwana atarakwiza umwaka ntaba aragira udukomere canke ngo akomeretse imoko kugira habeho guhanahana umugera na nyina. Ikindi umwana aja ku miti akivuka gushika akwize umwaka n’igice hari n’ibipimo tuguma dukora turaba ko atanduye. »

Mu gihe rero bizwi ko umwana yandura mu buryo butatu (akiri mu nda, ariko aravuka n’iyo ariko aronka), biba ngombwa ko umuvyeyi agendana umugera utera indwara ya Sida akurikiranwa neza, co kimwe n’ikibondo yibungenze.

Uyo muganga rero akebura abantu bose muri rusangi gukura amakuru atomoye ku mavuriro abegereye afise ibisata vyakira abagendana umugera VIH utera indwara ya Sida kuko ni ho abaganga babikoramwo usanga bakarihirizwa ubwenge gutyo ugasanga bamana amakuru yo kandi agezweho ku bijanye n’uwo mugera. Ico kumenya ariko kandi ni uko kwandura umugera wa Sida bica ku bice birenga 90% ku guhuza ibitsina bidakingiye n’uwugendana umugera wa Sida

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top