Jimbere

Kirundi French English
UKUBANA

« Nta mukobwa wo kwigurira utuntu kandi afise umu ‘chéri’… »

Abahungu canke abagabo batari bake bariyemeza gukora ibintu nka vyose mu rukundo canke mu ngo kugira berekane ko bashoboye. Utuntu twose dusaba amafaranga tukabazwa umuhungu canke umugabo n’aho umugore yoba ayafise. None koko ubwo urukundo rurakwiye kuba umuzigo umuntu azegembana kandi afise uwo muremurura. Erega ni uguhohoterwa mu bintu batazi. Akagohe nkebuzi ka Njebas

Ni ibintu bimeze nk’ibimenyerewe. Rimwe na rimwe babigira batazi ko ari uguhohotera abahungu canke abagabo. Ubu rero hari abakobwa canke abagore bamwebamwe bamugajwe n’uko abahungu canke abagabo aribo babaha ivyo bakeneye nka vyose. Ngo nta mukobwa wo kwigurira utuntu kandi afise umu ‘chéri.’  Ni hamwe iyo weekend igeze, uza wumva umukobwa ngo, Allo Cheri, mbe weekend gute? Tuyirira he? Kandi ‘bajou’, n’igisuko cashaje ndashaka ko nogihindura, hama mfise n’urubanza ejo nari nipfuza gusiga inzara. Aho rero hari igihe uwo abikubwira aba afise akazi, mbere anavuye guhembwa.

Ese ho ngo ama « unité » araheze, bamwebamwe uza wumva ngo chéri ngabira ijana ry’ama unite, canke ukumva ngo iyi SMS nkwandikiye chéri ni iya nyuma ziramperanye, umbabarire niwabona ntagusubije. Canke ngo narinshaka ko tuvugana kuri « WhatsApp » none utumega twamperanye. Umuhungu nawe kubera ukwanka gusuzugurwa no gushaka kumwereka ko ata vyo yobura, mu kumuha ivyo yamusavye araheba agashirako n’agasunuzo. Hari n’igihe usanga n’utwo atanze ari utwo arinze kugurana.

None koko ukwo kwihagararako kw’abahungu kuzobageza he? Vugisha ukuri ikivyimvye kimeneke. Ntutinye gukengereka canke guhebwa ngo ubuze ico uha uwo ukunda!

No mu ngo biriyo…

Mu rugo na ho uza wumva nk’umukenyezi ngo: amata yaheze, igikombe camenetse, imbugita yabuze…zana amahera tuze kubigura. Kandi twari utuntu dusanzwe nawe nyene yoshobora kugura. Ikibabaje gusumba ni mu gihe usanga nk’umugabo ari mw’ibohero canke ari mu bitaro ukumva umugore ngo, erega umwana bamwirukaniye amahera y’ishure, kandi aha ubona rero tunamaze kabiri turya ibitagira umunyu, raba aho wokwaka n’ideni. Na we ku kwihagararako, umugabo wumva ngo ja kwa kanaka aguhe ideni nzoririha.

Umugore we aba azi ko ariko abwira umugabo kugira abitorere umuti ariko siwe aba ajejwe imyitwarariko yose yo murugo kuko urugo ni babiri. Erega nta guhohoterwa gusumba ukwo. Nta kuntu umugabo yoba arwaye canke ari mw’ibohero ngo umugore agume amusaba umunyu n’amavuta mu rugo kandi n’umugore yobirondera akabironka.

Rero burya uguhohoterwa ku bantu biri mu buryo bwinshi n’aho bimwe batabimenya. Nk’ayo ni amahohoterwa agirirwa abagabo mu bijanye n’ubutunzi. Ariko ikibabaje ni uko n’abahungu canke abagabo bashaka kwihagararako ngo berekane ko bifise. Bashoboye. Hari igihe bita mu madeni kumbure iyo bavugisha ukuri umugore canke umukobwa bari kumwe yari kugira ico aterereye.

Bahungu, bagabo nimureke kwiyemeza ivyo mudashoboye. Emera ico muri, mwoye kwirya mukimara ngo ni bwo bugabo. Namwe bigeme, bakenyezi erekane ko mushoboye, iyo umugabo yabuze mumwunganire, mureke kwama murindiriye ivyo muhabwa mu ntoke. Kuko iyo mutabihawe bibica mu mitwe mukibaza ko mutitaweho. Abo mubisaba na bo bituma bahangayika mu kwibaza uko bari buvyitwaremwo. Ni uguhohoterwa. Ikibwirwa ni icumva icerekwa ni ikibona.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top