Jimbere

Kirundi French English
UBUTUNZI

NUKU: Nawe Urashoboye KUbikora

Ni na co gituma kuva mu mpera z’umwaka wa 2020, JIMBERE hamwe n’ikigo c’ukumenyesha amakuru Kaze Com, barikumwe n’Ingome n’Ubuholandi, bafashe iya mbere mu gushiraho urubuga rufasha guteza imbere no gushikana kure ibikorwa vy’urwaruka rwikorera utwabo na canecane urwaruka rwo mu gihugu hagati ata n’umwe akumiriwe.

Mu kumenyekanisha uwo mugambi NUKU biciye mubinyamakuru, uwo mugambi ukaba ufise ibinyamakuru bigera kuri 10 bikorana. Ariko rero, hambavu yuko urwaruka rwashoboye kwitahura rukitunganiriza imigambi y’iterambere, umugambi NUKU ufise ihangiro ryo guhuza urwo rwaruka n’abashobora kurufasha mu kubaha inyigisho, uburyo, kubaronderera amasoko n’ibindi. Gutyo usange urwo rwaruka rubaye imboneza mw’iterambere ry’imiryango n’ubutunzi mu kibano. Iyo ni yo ntererano dutanga mw’iterambere ry’igisata c’abikorera utwabo
gisanzwe kinakomeye mu Burundi.

Muri iyi nomero ya mbere y’aka gatabu ku mugambi NUKU, murasangamwo urwaruka ruriko ruritunganiriza imigambi y’iterambere rwo mu ntara zitandukanye nka Karusi, Kirundo, Ruyigi na Gitega.

________________________________________________________________________

Ni urwaruka rungana rute rw’abarundi ruzi ibahasha y’amahera y’amarundi arenga imiriyaridi 2? Ikigega kijejwe gushigikira no guteza imbere imigambi y’urwaruka «FIGA» catanze kw’ibanki y’urwaruka «BIJE» mu ntumbero yo gushigikira imigambi y’urwaruka ?

Kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro 2021, iyo banki yaramenyesheje ko mu madosiye 825 amaze kwemererwa
gushigikirwa, hafi igice kimwe kuri bitanu ni ay’urwaruka rwishize hamwe mu makoperative. Kandi kugera muri
Nyakanga, amakoperative 8 gusa agizwe n’urwaruka ni yo yaronse ingurane ingana hafi imiriyoni 60 y’amafaranga y’amarundi atanzwe n’iyo banki y’urwaruka.

Kubera iki hatangwa ingurane nke ku rwaruka ?

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top