Jimbere

Kirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Burundi : ngo hamwe Reta yogwiza aba « Sages-femmes » mu kazi, vyogabanya impfu z’abibaruka

Umwuga w’abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza (Sages-femmes) umaze imyaka 17 mu Burundi. Kuva ubayeho abakenyezi bapfa bariko baribaruka bagenda baragabanuka. Bavuye ku barenga 500 baja ku 334 mu 2017, aho rero haba hafatiwe ku bakenyezi 100 000  baba bagiye kwibaruka. Ariko ngo n’aho biri uko, abakora uwo mwuga ngo ntibakunda kuronka akazi kandi bafise uruhara ntangere mu kurokora ubuzima bw’abavyeyi n’ibibondo.

Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi avuga ko igikorwa abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza bakora ari ntangere. Ariko ngo n’ubwo Reta itanga akazi ku bavuzi buri mwaka n’abo banonosoye irondoka rijanye n’amagara meza barimwo, ngo baracari bake. Agira ati: « Ishirahamwe mpuzamakungu rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS) ritegekanya ko hoba hariho uwanonosoye ivy’irondoka rijanye n’amagara meza 1 ku benegihugu bashika 5000. Ariko hafatiwe ku bari mu Burundi, uwanonoseye ivy’irondoka rijanye n’amagara meza 1 asangirwa n’abenegihugu bashika 50.000. »

Akavuga ko hagikenewe gutera intambwe kugira ngo abo banonosoye uwo mwuga bashobore kwongerezwa kuburyo mu bitaro bitandukanye hoba hariyo umu sage-femme 1 gushika no mu mavuriro matomato.

Abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU, UNFPA na OMS mu Burundi bariko barifatanya n’amashirahamwe ahurikiyemwo abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe

Muganga Jean Baptiste Nzorironkankuze afatiye ku biharuro biva mu cigwa cakozwe 2017, anamenyesha ko abakenyezi bitaba Imana bagiye kwibaruka bashika ku 334 hafatiwe ku baba bibarutse bashika 100.000, na yo abana batakaza ubuzima bariko baravuka bangana na 23 hafatiwe ku bana 1000 bavuka. Akamenyesha ko ihangiro ry’igihugu ari uko gushika mu mwaka wa 2030 ico gitigiri coba caramanutse gushika 140 gusa. Ivyo rero kugira babishikeko ni uko abanonosoye uwo mwuga bohabwa akazi ari benshi.

Abababa 1200 nta kazi bafise…

Richmond Tiémoko  aserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA, ryitwararika ibijanye n’igwirirana ry’abantu hamwe n’irondoka rijanye n’amagara meza, amenyesha ko ibitigiri vy’abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza bikiri bito cane mu Burundi. Agira ati : « Aha mu Burundi hari abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza bakora bangana 241 gusa.  Nk’ubu dufatiye ku gisata co kuvyaza abakenyezi conyene hoba hakenewe abanonosoye uwo mwuga barenga 580. Aho rero siniriwe ndavuga ko banakenewe nko mu bijanye no guhimiriza ikibano kwijukira kuja kwa muganga gupimisha imbanyi, kubahimiriza kuvyarira kwa muganga, gukangurira abavyeyi gusubira kwa muganga inyuma yo kwibaruka, gupima umugera wa Sida, gutanga incanco ku bana, kwigisha urwaruka ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza n’ibindi vyinshi. »

Bernadette Nkanira arongoye ABUSAFE, ishirahamwe rihurikiyemwo abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza mu Burundi nawe avuga ko, ko OMS itegekanya ko uwanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza 1 yitwararika abantu 5000, mu Burundi hakaba hoba hari abantu imiriyoni 12, ni ukuvuga ko abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza boba bakenewe ari 2400. Akamenyesha ko mu Burundi kuva mu 2005 gushika ubu hamaze gusohoka abanonosoye ivy’irondoka rijanye n’amagara meza 1407, ariko abamaze kuronka akazi ari 241 gusa. Ni ukuvuga ko abarenga 1200 batariko barakora. Mbere akavuga ko mu gihe hokurikizwa ivyo OMS isaba, abo bose badafise akazi bokaronka kandi ntibanakwire.

Ivyo rero bikaba vyavuzwe kuri uwu wa 27 Rusama 2022, mu gihe amashirahamwe y’abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza mu Burundi yariko arifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe ku civugo : » Abakenyezi barakeneye abanonosoye irondoka rijanye n’amagara meza ku neza y’amagara yabo n’ukubaho neza ». Uwo munsi usanzwe uhimbazwa buri igenekerezo rya 5 Rusama uko umwaka utashe. Ivyo birori bikaba vyahuriranye kandi n’ihimbazwa ry’isabukuru ry’imyaka 100 iheze uwo mwuga ukorwa kw’isi yose.

Uyo munsi ukaba wahimbajwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bufashwe m’umugongo n’amashirahamwe mpuzamakungu ya ONU, UNFPA, na OMS.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top