Jimbere

Kirundi French English
UBURIMYI

TAPSA: umugambi muzima mu burimyi bugwiza umwimbu kandi butonona isi, ibidukikije n’amagara y’abantu

©Jimbere | Mu bikorwa vyo gusozera umugambi TAPSA, hari haje abavuye mu bihugu 3: Uburundi, Urwanda na RDC mu ntara ya Kivu y’uburaruko

Kuri La Détente mu gisagara ca Bujumbura, itariki 12 na 13 Mukakaro 2022, hariko harabera uruganda rwo gusozera ikiringo c’imyaka ine umugambi TAPSA umaze uriko urabica bigacika mu kugwiza umwimbu hakoreshejwe uburyo kama

Mu gihe bariko baririmbura baraba ibimaze kurangurwa n’ivyokorwa kugira ivyashitsweko ntibigende amazi mayongo, Joseph Nigeze arongoye Inades-Formation Burundi avuga ko icatumye hashirwaho uwo mugambi w’uburimyi bugwiza umwimbu kandi butonona ibidukikije n’amagara y’abantu, bashaka gutorera umuti ibibazo bihanze abarimyi bo mu karere k’ibiyaga binini aho bahura cane n’intambamyi z’ihindagurika ry’ibihe, ukubura ibikoresho bikwiye vyo kugwiza umwimbu, kubura ubwigenge mu bijanye no kuronka ivya nkenerwa mu burimyi n’ibindi. Akishimira ko biciye kuri uwo mugambi, ubu abarimyi bashobora kugwiza umwimbu biciye mu buryo kama bitunganiriza bo ubwabo.

Ndikumana Audace umushingwabikorwa w’umugambi TAPSA mu karere k’ibiyaga binini avuga ko uwo mugambi umaze kurangura ibintu vyinshi mu kiringo c’imyaka ine: «Twarigishije abenegihugu akamaro k’uburimyi kama, butonona isi, ibidukikije kandi butabangamira amagara y’abantu. Mu vyo twashimikiyeko harimwo kutazera inze mu bikoresho vya nkenerwa mu burimyi ahubwo ari ukora mu bwigenge ntangere. Muri uwo mugambi, twarabigishije ubuhinga bwo gusasira ibiterwa vyabo kugira barinde isi ukugaduka, gutyo yamane akabongera. Haratanzwe ibitungwa nk’inka, ingurube, inkwavu n’ibindi bishobora gutanga ifumbire ikoreshwa mu mirima, twarabigishije guhingura ifumbire bakoresheje nyabarega yaba iyo mu kuzimu canke iyo ku rusi bakaronka intabire. Hanyuma, abarimyi barahamenyeye gukora amapepiniyeri yo kugwiza imivyaro y’ibiti, barize kudapfisha ubusa amazi y’imvura mu kubahamagarira kuyatega kugira bayakoreshe mu kuvomera ibiterwa, no kuyakoresha ibindi. »

Umugambi TAPSA wahora ukorera mu karere ka Afurika y’ibiyaga binini: Uburundi, Urwanda na RDC mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Wahora ushirwa mu ngiro n’amashirahamwe atanu ari yo Acord Burundi, Acord Rwanda, Capad, Uwaki na Inades Formation Burundi isanzwe ari yo iwugenzura.

Si ivyo gusa, Vedaste Mwenende ajejwe gukurikirana ibikorwa muri Acord Rwanda avuga ko, abagenerwamugambi bahungukiye n’ubuhinga bwo kwihingurira imiti bakura mu biterwa kama bakoresha mu guhungira no mu gupompa ibiterwa vyabo. Aho rero ngo ntibokwibagira n’ibikorwa vyo gukingira inzuzi, ukwigisha abantu gutera ibiti bibana n’indimo, ugutera imbuto zivanze, n’ibindi vyinshi vyabaye kirumara muri uwo mugambi w’uburimyi butonona ibidukikije ufashwe mu mugongo mu bijanye n’uburyo na CCFD-Terre Solidaire hamwe n’ ikigo c’Ubufaransa kijejwe iterambere AFD.

Nawe Théogène wo mw’ishirahamwe Uwaki du Nord ryo muri RDC avuga ko muri uwo mugambi w’uburimyi butonona ibidukikije, bungutse uburyo bwo guhingura ifumbire kama bashobora kubika no gukoresha nk’amazi. Akishimira ko ubwo ari uburyo bushasha bungutse kandi ata handi buri.

Joseph Nigeze arongoye Inades-Formation Burundi, ari kumwe na Samuel Pommeret yaserukiye ikigo CCFD-Terre Solidaire

Abarimyi bihaya ivyiza vy’uwo mugambi

Hakizimana Mélance umurimyi wo mu Giheta mu ntara ya Gitega arakenguruka canecane ko umugambi w’uburimyi butonona isi ndimwa,ibidukikije n’amagara y’abantu TAPSA waje gusubiza agateka uburimyi kama. Agira ati: « Uyu mugambi TAPSA waje ari inyishu ku barimyi. Ubu nta bukene bw’umwavu n’imiti yo guhungira canke gupompa imirima tugifise. Biciye ku nyigisho twarose, turakoresha ifumbire dukura mu vyo dukubura mu nzu n’imbere y’inzu, mu vyatsi duharura tukarunda canke mu mwavu w’ibitungwa. Kandi turimbura tukongera tukarinda umwimbu wacu ibungwe dukoresheje iminyota, ingungo, ntiruhunwa n’ibindi. Umugambi TAPSA, wadusubije ku gukoresha ubuhinga kama mu ndimiro, urakaramba. Tuzowusangiza abandi na mpaka. »

Na we Judith Nijimbere umurimyi w’i Cendajuru mu ntara ya Cankuzo avuga ko ubwa mbere ataramenya umugambi TAPSA yarima ntiyimbure kuko ata mwavu yakoresha. Ariko ngo kuva atanguye kuza araronka inyigisho z’ingene bokwironderera ifumbire bakura aho babaye n’imiti yo gupompa imirima iva mu biterwa kama, ngo umwimbu waciye wiyongera. Bitayeko, ngo yarahawe muri uwo mugambi TAPSA igitungwa kimuronsa ifumbire n’amata.
Afatiye ku vyiza yaboneye kw’ifumbire n’imiti kama, Judith Nijimbere atera akamo abarimyi ko imbere yo kwiruka inyuma y’ibikoresho mvaruganda, bobanza kwitunganya bakiga kwibako mu kwitunganiriza ifumbire kama kuko bayirenza ko amaso aho baba. Anatera akamo Reta ko yoshiramwo inguvu, igakora ivyigwa kuri ubwo buhinga kama mbere ikabuteza imbere gutyo igihugu n’abenegihugu bakisununura mu burimyi ata co bwonona haba mu bidukikije canke ku magara y’abantu.

Hariko harerekanwa ivyo TAPSA yashitseko mur’iyi myaka 4 irangiye…

Ibikorwa vyarivugiye, umugambi TAPSA wongerwa ikindi kiringo

Ndikumana Audace ati: « Kubera ko vyagaragaye ko umugambi TAPSA ari ngira kamaro, vyabaye ngombwa ko wongerwa ikindi kiringo c’imyaka ine kugira hatsimbatazwe ivyakozwe hongere hagurwe akarere umugambi uzokoreramwo . Uzorangira mu 2026.»
Bimwe mu vyo bagiye gushimikirako mu gice ca kabiri c’uwo mugambi nk’uko Audace abivuga: « Tuzobandanya gushira mu ngiro ibikorwa bizoba vyavuye mu bushakashatsi bujanye no gukoresha uburyo kama mu kuvura ibiterwa hamwe no kwica ubukoko mu buryo butabangamira ibidukikije canke amagara y’abantu. Uburyo n’ubuhinga butandukanye bwo kwitegurira ifumbire buzokwigishwa abarimyi. Ntituzosiga inyuma guhimiriza abarimyi gukora ibikorwa bijanye no guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Tuzokwagura akarere uwo mugambi ukoreramwo. Tuzoguma twerekana ivyiza biva muri uwo mugambi kugira abajejwe gufata ingingo bagire ico bakoze kuri ubwo burimyi butonona isi ndimwa, ibidukikije n’amagara y’abantu. Ikirenze kuri ivyo, hazobaho ukurahuriranirana ubumenyi biciye mu ngendo shure ku mashirahamwe yo mu karere k’ibiyaga binini ari muri uwu mugambi.»

Privato Ndayihanzamaso akora mu kigo c’ubushakashatsi ca ISABU mu gisata kiraba ingwara n’ubukoko butera ibiterwa, avuga ko imiti kama yo kurwanya ingwara z’ibiterwa iriho kandi ikora neza ikingira n’ibidukikije. Agira ati: «Igihe iterambere ryaza, bakijukira imiti y’ikizungu, abantu barayihurumbiye. Ariko ico tutamenye n’ingaruka mbi iyo miti yari ifise ku bidukikije no ku magara y’abantu. Rero tumaze kubimenya, turiko turashaka kugaruka ku miti y’ikirundi. Ubu turiko turaraba n’imba iyo miti ikora neza. Iyo tuzobona ko iza imbere y’iyindi, tuzoyandika, tuyihe abo dukorana, hanyuma twigishe abarimyi ingene boyikoresha mu buryo bubereye. »

Mwomenya rero ko urwo ruganda rwari rwitabiriwe n’abegwa n’umugambi TAPSA bose. Ni ukuvuga abenegihugu, abajejwe intwaro, n’abajejwe ubuhinga, kugira iyo migwi yose uko ari 3 ikorane ibone ivyaranguwe, ivyahindutse canecane ku neza y’abo uwo mugambi ugenewe. Eka n’abajejwe ubushakashatsi, mbere n’abigisha muri kaminuza ntibatanzwe kugira bashire hamwe ivyiyumviro, barabe ko ivyo bakora mu bushakashatsi bwabo bobihuza n’ivyo basanga ku rubuga abenegihugu bakoresha, hanyuma buzuzanye barabe icoshobora guhinduka, nk’uko bivugwa na Audace Ndikumana.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top