Jimbere

Kirundi French English
Ubuhinga

Ubuhinga bwa none, uburyo nyabwo mu bijanye n’uguteza imbere itunganywa ry’amakoperative

Uburundi buri mu bihugu bifise urugero rw’abakoresha ibisata vy’amabanki rukiri hasi, ku muga-bane wa Afirika (ibice 20%). Amakoperative yo arahagirira ibibazo. Biri uko mu gihe, bibiri vya bitatu (2/3) vy’abarundi batunze amaterefone ngendanwa yobafashije gushikira vyoroshe ibisata bijanye n’ivy’ubutunzi.  Ubwo hokwijukirwa ubuhinga bwa none ntiyoba inzira irashe mu guteza imbere ibijanye n’itunganywa ry’amakoperative? Tubiyage…

Ugukoresha ubuhinga bwa none bifasha amakoperative gushira inguvu ku bisata nyamukuru nk’ic’ubudandaji ndetse bikanatuma abanywanyi    b’ano    makoperative    bagwiza  umwimbu. Mu Burundi ho, bivanye   n’impamvu   zitandukanye,   amakoperative   atari  make  aracakoresha  urupapuro  n’ikaramu  mw’itunganywa ry’ibikorwa vyayo.

Intambamyi    muri    iki    gihe    ziba    nyinshi   kuko   batakaza   umwanya   utari muto  haba mu bikorwa vy’ukwandika abanywanyi, kwandika amafaranga  asabwa  ku  munywanyi  mu  kiringo  runaka,  mu  kuziganya,  mu    bijanye    n’ingurane,    kugura    ibikoresho  vyankenerwa    n’ibindi.    Twaravyiboneye mu rugendo twagize mu     makoperative     atandukanye     akorera mu Burundi.

Kubwa  Yves Bunoko,  umwe   mu   rwaruka  rugize  koperative  Sangwe  Buringanire   ikorera   muri   komine   Ntega,  mu  ntara  ya  Kirundo,  hari  impamvu    nyinshi    ziza    gusigura    igituma     haba     ugucererwa:     « Ukutamenya  ingene  ubuhinga  bwa  none   bushobora   gutorera   inyishu   ibibazo     bimwebimwe,     ukutagira     ubushobozi bwo  gukoresha  ubuhinga   bwa   none   hatibagiwe   ikena ry’imitahe n’ibindi. »

Yannick Chokola,  umuyobozi  mukuru  wa Auxfin Burundi, ishirahamwe  risanzwe  rikorera  mu  bijanye  n’ubuhinga  bwa  mu  turere  two  hagati  mu  gihugu,  arasigura  igituma  ikoreshwa  ry’ibikoresho  vya kera  bikorwa  n’amakoperative  rifise  ingaruka  nyinshi  kuriyo  :  «  Ubwa  mbere, haraba ugutakaza umwanya igihe  hariko  haronderwa  impapuro  ziriko    ibikenewe,    nta    biharuro    canke  ivyemezo  vyizewe  mfatirwako  usanga bihari biza bifasha gutegura ibizorangurwa    muri    kazoza    no    mu   gufata   ingingo,   nta   makuru   y’ibigezweho  ku  masoko  aboneka  vyoroshe,   ukubura   umwanya   wo   kwicarira   ibindi   bikorwa   vyokujije   koperative nk’ubudandaji, ugushora, ugusubiza ingurane, n’ibindi.»

Benshi bataramenya tunyegeje mw’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none Uturusho 

Ukuriha    ibidandazwa    ukoresheje    terefone biramaze iminsi bikoreshwa mu Burundi. Kandi   rero, ubu buryo bwokworohereza cane amakoperative.

Umwihwezo wa Chokola: « Turamaze kubona ko abanyaguhugu bahurikiye mu makoperative  batoroherwa  iyo  bakeneye   ingurane   mu   mabanki   cane cane bivanye n’uko bategereye mu bisagara ahagwiriye amabanki.» Abandanya  agira  ati  :  «  Burya  igihe  hari amakoperative  asaba ingurane, amabanki   abanza   kumenya   neza   ko    vy’ukuri    ano    makoperative    abaho, ko afise abanywanyi bari ku kivi,  ko  atapfuye  kwandika  igitigiri  c’amafaranga  asaba  gusa,  ko  afise  ingwati  koko,  ko  afise  intunganyo  nziza  n’ibindi.  Bivanye  n’uko  rero  amabanki  n’ayandi  mashirahamwe  yo       kuziganya       n’ukuguranana       adakorera  ku  mitumba  yose,  ano  mabanki     ategerezwa     kurungika     abakozi   bayo   ngo   baje   kuraba   ko    vy’ukuri    ano    makoperative    afise    ubushobozi    bwo    kwishura    ingurane  ariko  arasaba.  Ibitorohera  ano   mabanki.   Ni   mu   ntumbero   yo   gutorera   inyishu   ivyo   bibazo   ishirahamwe    Auxfin  ryatororokanije  inkuru zose zisabwa ku makoperative  amwe  amwe  akorera  mu  Burundi  kugira  ngo  nk’amabanki  akeneye  kubibona  ntarinde  gufata  ingendo  atakaza    ubundi    buryo    ahubwo    bashobore kubironka hafi. » Kubwiwe,  ha   mpande  y’uko  ikoreshwa   ry’ubuhinga   bwa   none   ryorohereza     amakoperative     mu     gushikira   ingurane   mu   mabanki   kuko    rituma    amabanki    abona    vyoroshe   umutungo   n’itunganywa   ry’ayo      makoperative      agaheza      agatanga    ingurane    bitagoranye, riraseruka mu gusahiriza amakoperative muri    vyinshi:    « Ibikorwa   biroroha.   Ibintu   vy’ano   makoperative usanga    bitarimwo    amakosha    aturutse    k’ukwihenda.    Amafaranga     yinjira     ariyongera, ayasohoka  mw’itunganywa  ry’akazi  akagabanuka.    Hejuru    ya    vyose    rero,      ivyegeranyo      n’impapuro za   koperative   bitunganywa   neza   kurusha,   bikanashingurwa   neza.», Yannick Chokola

None neza na neza amakoperative akoresha ubuhinga bwa none gute ?

I Gitega, Evrard Bizoza ari mu buhinga bwa none, aza yaratanguye gufasha amakoperative    atandukanye    mu bijanye n’ubwo buhinga, aratuyagira: « Dufatire akarorero kuri koperative y’ukuziganya      n’ukuguranana :  imbere y’uko ino koperative itangura gukoresha  «  logiciel  »  ikorerwamwo  ivy’ubutunzi, isabwa kubanza gukora ivyigwa   igatororokanya   ibikenewe   ku bikorwa vy’ino koperative hamwe rero n’abanywanyi bayo. »

We agira   ati : « Intambwe ya mbere,    koperative    yotororokanya    ibikorwa    vyayo    n’ibisata    vyayo    yipfuza      kukorerako.  Ibwirizwa  kwihweza   ivyo   yokwunguka   n’ivyo   yohomba   igihe   ikoresheje   canke   ntikoreshe   ubuhinga   bwa   none,   imigambi    y’iterambere    ifise    ari    nk’ukumenyesha  abanywanyi  bayo  ibijanye    n’ihindagurika    ry’ikirere,    impanuro     zitangwa     n’abafundi     b’indimo,      ibijanye      n’amasoko      n’ibindi.  Ku bwanje,  ubuhinga  bwa  none ni inyishu ku makoperative. »

No mw’ishirahamwe Auxfin Burundi ijambo   ni   iryo   nyene.   Utudirisha   dukorerwamwo ibisata  bitandukanye («  applications  »)  twashizweho,  ni  utugana   guteza   imbere   ubuzima   bw’abanywanyi      b’amakoperative : «    Amakoperative    twahereyeko    mu  gikorwa  co  gushira  ivyayo  mu  buhinga  bwa  none  ni  ayasanzwe  ari    mu    bakiriya    b’ishirahamwe    PAM,   mu   bisata   4,   ic’amasaka,   ic’ibigori,  ic’umuceri  n’ic’ibiharage.  Ubwa  mbere  turabandika,  bakagira  ikonti   muri   Ni-cash,   kimwe   mu   bisata   bifasha   mu   kurungikiranira   amafaranga  hakoreshejwe  terefone,  maze   amakoperative   agashobora   gushikira  vyoroshe  ingurane  zitozito  kuko  igisata  ca  Ni-cash  gisanzwe  gifitaniye      ubucuti n’amabanki amwe    amwe    cokimwe    n’ayandi    mashirahamwe   ashobora   gutanga   amafaranga. »

Chokola amenyesha ko hari   uburyo  amakoperative    akoresha    igisata   Ni-Cash   aronka   amakuru   ajanye   n’ivy’amasoko: « Muri   ubwo buryo    nyene    turarondera    amasoko akomakomeye ashobora gushorerwamwo umwimbu nka PAM aho   umukiriya   uwo   ari   we   wese  atangura  kumenyesha  urugezo  rw’umwimbu  azokwimbura  imbere    y’uko    n’ibiterwa    vyera. Aha, abari   mu   makoperative bo baba baramaze kumenya urugezo rw’ibidandazwa bikenewe kw’isoko maze bakabikorerako  kuko  bazi  ko  isoko iri ngaho.»

Kuba   ikoreshwa   rya ry’ubuhinga   ngurukanabumenyi   na   ryo   nyene   rikiri  hasi  mu  Burundi  (ibice  13,2%)  nk’uko  ARCT,  igisata  kijejwe  ivyo  gutumatumanako  amakuru  mu Burundi  kivyerekana,     biri     mu vyatumye  ishirahamwe  Auxfin rishiraho   utudirisha «   applications   »  dufasha  amakoperative  kuronka  amakuru  naho  atoba  afise  uburyo  (amamega) interineti isaba kugira  yoye  kwama  agira  inyuma  y’amajambere. Nuko rero, mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vy’ubukene  mu ngo n’imiryango,  ku  gataka  k’Uburundi  biciye mu makoperative,    Reta    irakwiye  guherekeza  no  gushigikira    ibijanye  n’ikoreshwa    ry’ubuhinga  bwa none.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top