Jimbere

Kirundi French English
INDERO

Ubukene bw’amazi, ikibazo gihanze amashure atari make yo hagati mu gihugu

Ku mashure menshi yo hagati mu gihugu haribonekeza cane ubukene bw’amazi butuma isuku ku magara y’abanyeshure ahungabana. Ni amakuru yatohojwe mu ntara ya Bubanza na Cibitoke

Mu ntara ya Bubanza kw’ishure shingiro rya Gihanga I hari abanyeshure bashika 1274 bagizwe n’abahungu 622 hamwe n’abakobwa 652. Ariko kuri iryo shure hakaba hari ibombo ry’amazi ririko utu robine dutatu hamwe n’umuringoti uriko udutoboro dushika 10 bubakiwe n’ishirahamwe ECOSSAN.

Umuyobozi w’iryoshure Joseph Nitunga avuga ko ayo mazi adakwiye kuko abanyeshure ari benshi kandi bataronka uko bakaraba. Agira ati: « Amazi ni make cane kuko abana ari benshi. Iyo bavuye gukina baragwanira kuri utwo turobine ugasanga baratwishe».
Ku bijanye no gukaraba n’amazi meza n’isabuni ku banyeshure, umuyobozi avuga ati: « Abanyeshure barahawe inyigisho zikwiye ku bijanye n’isuku nk’iyo bavuye mu kazu ka surwumwe, iyo bagira bafungure, iyo bahejeje gufungura ndetse n’ibindi vyinshi. Ariko abana ntibavyubahiriza iyo bari hano kw’ishure kubera ata mazi akwiye n’isabuni bihari».

Mu ntara ya Cibitoke hoho ni agahomera bunwa!

Ku mashure amw’amwe ari mu ntara ya Cibitoke haribonekeza ubukene buteye ubwoba bw’amazi aho ahinanase ngo barafise amazi usanga ari irobine imwe nahonyene hakaza amazi make cane. Aho ni nko kuri ecofo Rugombo I aho hari ibomba rimwe na ryo nyene barisangira na ecofo Rugombo III.

Aho rero vyibonekeza ko abanyeshure ari benshi cane. Asa n’uwugereranya umwarimu umwe yavuze ko kuri ayo mashure uko ari abiri hoba higa abanyeshure barenga 2800. Ecofo Ndava I, na Ndava II hoho hari ibimenyetso vy’amabomba yigeze kuhubakwa ariko ntagikora.

Umunyeshure Niyonkuru Grace yiga mu mwaka wa gatandatu kuri imwe muri ayo mashure avuga ati: « Twebwe gukaraba n’amazi meza n’isabuni nta vyo dukora kuko amazi aha kw’ishure atayo dufise. Ariko twarigeze kuba dukoresha amazi ya honyorukarabe, mugabo utu bidons yaba arimwo abanyagihugu bahegereye baca batwiba». Eka mbere n’umurezi waho Raphaël agira ati: « Biragoye cane kuko nk’iyo umwana avuye mu kazu ka surwumwe atera aza mw’ishure adakaravye kandi aba afise akamoto katameze neza. Ivyo rero biraheza bikanatera umudugararo mw’ishure».

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top