Jimbere

Kirundi French English
UBUTUNZI

Ngibi ibituma abakenyezi (birimizi) baronswa ingurane rusangi ku bwinshi ugereranije n’abagabo

  • Ubuheruka, mu kwezi kwa gatatu, Jimbere yari yashize ahabona ibiharuro vyerekana ingene mu ntara zo mu bumanuko bw’igihugu c’Uburundi ingurane zitangwa.
  • Mu mwaka 2019, ku banyagihugu 20.933 bahawe ingurane rusangi n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana « COOPEC » mu ntara za Makamba, Bururi na Rutana, ibice 52% ni abakenyezi.
  • Ibiharuro bitangaje cane mu gihe icegeranyo cakozwe mu gihugu cose n’i banki y’igihugu « BRB » co cerekanye ko abagabo ari bo baronka ingurane cane kurusha abakenyezi.

Apollinaire Manirakiza, umuyobozi w’igisata kiraba ivy’ubutunzi bw’abanyagihugu birimizi mw’ishirahamwe « Fenacobu » (urunani rwama « COOPEC » mu Burundi) aratanga umuco kuri ivyo biharuro vyatanzwe : « Dufatiye ku bitigiri vy’abaka ingurane, dusanga muri rusangi abagabo ari bo bayironswa cane ugereranije n’abakenyezi. Imvo ni uko abagabo usanga ari bo bafise ibintu vyinshi bakora vyinjiza amafaranga, bakagira amatungo nk’uko imico n’akaranga vy’abarundi bivuga ko Serugo ari we afise ububasha ku matungo y’urugo. Ivyo bituma rero ari bo bayihabwa kuruta (kuko ari bo bafise n’ivyo boriha). Gomba murabe, akarere karaba ivy’ama-Coopec mu bumanuko bw’Uburundi kerekana ko abahawe ingurane yasabwe ku giti cabo benshi ari abagabo : ku bakiriya barenga 23.000 batwituye, abakenyezi bashika 23% gusa. Bitandukanye no ku ngurane rusangi y’amafaranga make aho n’umunyagihugu w’uburyo bubayabaye ashikirwa.  Nk’akarorero, ni gake wosanga umuntu w’umugabo agiye kwaka ingurane y’amafaranga 50.000 ngo agiye kudandaza inyanya. Ikindi na co iyo ngurane itangwa ku bari mu mashirahamwe matomato ntisaba ubwishingizi mu mabanki. Ni aho rero uca usanga abakenyezi baje gusaba ingurane ari benshi. »

Uko iyo ingurane rusangi ikora …

Manirakiza agira ati : « Muri Fenacobu, twarabonye ko ubwo bwoko bw’ingurane bwatangujwe mu mwaka wa 2018 bwahurumbiwe cane. Kubw’ivyo twaciye dushiraho abakozi bajejwe gukurikirana ivy’iyo ngurane gusa kuko nimba dushaka kwikora neza, bizovana n’ukuntu ivyayo bitunganije haba mw’itangwa canke mw’irihwa ryayo : uwo mukozi ategerezwa kwama ari hafi y’abahabwa iyo ngurane, akamenya neza ko umugwi w’abunze ishirahamwe nyene kwaka ingurane arimwo ufatanye mu nda, ikoreshwa neza ry’iyo ngurane, n’ibindi … ».

Désiré Iraboneye, umukozi ajejwe gukurikirana ivy’itangwa n’ikoreshwa ry’iyo ngurane rusangi mu ntara ya Makamba, twahuye ari mu kazi kiwe ka minsi yose ko kugendura imigwi yatse ingurane rusangi, araheza arasigura uko abigenza : « Kuva mu mwaka wa 2018, hafi ku mutumba uwo ari wo wose mu yigize intara ya Makamba hari imigwi irenga ijana igizwe n’abantu kuva kuri 5 gushika 10. Imbere yo kubaha ingurane, tubanza kubaronsa inyigisho zimara nk’indwi 6 canke 8 zerekeye ikoreshwa ry’amafaranga. Izo nyigisho kandi zitangwa kugira ngo hihwezwe ingene abo bantu biteguriye kurangura imigambi yabo. Ni mu ntumbero kandi yo gukinga kugira ngo iyo migwi ntizohave isambuka igihura n’intambamyi ya mbere ».

Léonie Ininahazwe, umwe mu baronkejwe ingurane rusangi i Makamba ari kumwe n’umukozi wa COOPEC ajejwe gukurikirana ivy’itanga n’ikoreshwa mir’iyo ntara

Léonie Nininahazwe, umwe mu bamaze kuronswa ingurane rusangi mu ntara ya Makamba. Agira ati : « Umugwi wacu ugizwe n’abakenyezi 5 hamwe n’abagabo 2. Ubwa mbere twahawe ingurane y’ibihumbi 350000, ni ukuvuga ko umwe umwe yahawe 50000, hari mu 2018. Ico gihe COOPEC yaduhaye ukwezi kumwe kw’ukwitegura, turaheza dutangura kuza turariha ayo dusabwa ku kwezi ku kwezi (10.900Fbu). Nahereye ku kudandaza inyanya, mu minsi itatu nkaharura nkasanga nungutse amafaranga 5.000Fbu. Ubu ndakora, nkarangura nkongera nkaranguza inzoga. Nunguka ayari hagati ya 3.000Fbu na 4.000Fbu ku munsi ».

Intumbero nyamukuru ituma « COOPEC » itanga ingurane rusangi, ni ugufasha abayironka gushika ku rugero rwo kwikorera utwabo bakoresheje n’imitahe yabo : « Mu bice 2 iyo ngurane itangwamwo ku mwaka, umunywanyi w’ishirahamwe wese ahabwa 50.000 akayasubiza mu kiringo c’amezi 6, maze akaja aratanga amafaranga 4.500 ku gice. Mu gice kigira 3 n’ica 4, umunywanyi ahabwa ingurane ya 100.000Fbu, akariha 21800 ku kwezi. Mu nyuma baraheza bagasabwa kwuguruza amakonti yabo muri Coopec kugira ngo bashobore kuzoronswa ubundi bwoko bw’ingurane ». Bishikirizwa na Manirakiza.

Nk’uko biri mu cegeranyo ibanki nkuru y’igihugu BRB iheruka gushira ahabona cerekeye itangwa ry’ingurane mu gihugu cose, abakenyezi baronka ingurane ku rugero ruto ugereranije n’abagabo, haba ku yisabwa ku giti c’umuntu canke iyisabirwa mu mashirahamwe : Abagabo bayironka ku bice 77,19% mu gihe abakenyezi bayironka ku bice 58,08 % mu makonti y’ingurane. Ubudasa bubonekera neza mu buremere bw’ingurane zitangwa: Abagabo bafise ibice 77,96 % bwazo haba kuzisabwa ku giti c’umwe umwe,  ku bari mu mashirahamwe na ho bagashika ibice 86,42 %. Twizere yuko aho buca ibanki y’abakenyezi itangura gukora ubwo busumbasumbane buzogabanuka …

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top