Jimbere

Kirundi French English
AMAGARA

Ubuvyibuhe burenze ku bubatse: « Ayo tubayemwo ntarindwa »

Itariki 4 Ntwarante, ni umusi mpuzamakungu wahariwe ubuvyibuhe burenze urugero – « obésité ». Ikaba ari indwara inatuma haza urukurikirane rw’izindi ndwara, nk’igisukari, ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Bamwe mu bubatse bafise ico kibazo barayagiye uruganda rwa Jimbere ayo babayemwo.

Abonye umunzane upima ibiro, ahakwa guhahamuka. Kankundiye*, umuvyeyi w’abana 4, harimwo n’amahasa, afise indwara yo kugira ubunini burenze. « Aho mperukira kwipimisha narimfise ibiro 135. Haheze amezi atatu. Ntakwo ntagira ngo bigabanuke. Abantu barambwira ko biriko biraza, mugabo jeho nta gihinduka mbona. Bigatuma rero ntinya gusubira kwipimisha ibiro. Noca nihebura nsanze atacavuyeko kiboneka. »

Hampande y’ubwoba buturutse ko amagara yiwe ageramiwe, uwo mupfasoni asanzwe afise ibindi bibazo vyo mu rugo. Ntivyamworoheye kwiyugurura ngo abiyage. Kanatsinda biramutera agahinda. Arabanza akibuka ubuto bwiwe, ataraba munini cane, mbere, n’igihe yubaka, Kankundiye yarateye igomwe, yuzuye umunezero. « Nubatse mfise ibiro 75. Nari umupfasoni akwiye, umugabo wanje yaranyishimira. Maze kuvyara umwana wa mbere, inyuma y’amezi atarenga 5, nari mfise ibiro 97. Aho vyari bikigendeka. Nakurikije amahasa. Aho rero vyaciye vyanka. Kugira nshobore kubonsa neza, bambwiye ngo bisaba gufungura cane. Nanje bikaba bitangwa nabi, akayabagu nkaba atari ako ntira. Naravyibushe cane, biteye akoba. » Kankundiye, na ho yagerageje kugira ibikorwa binonora umubiri, nta kinini kiravamwo.

Ikibazo nyamukuru afise, nukwo umugabo, naho atarabimushwanira ko, asa n’uwutamwakira. Mbere Kankundiye akemeza ko yoba asigaye amuca inyuma. « Abantu barambwira ko yoba afise umuhabara. Sindamufata, kandi birangora no kubimubaza, mu gihe nshobora kuba ntamushikira aho ashaka, kubijanye no kurangura amabanga y’abubatse. Mpfana ishavu, amakosa nkayata ku mubiri wanje, wampemukiye. »

Ivyo bibazo, Kankundiye ntavyisangije. Bigirimana*, w’imyaka 47, akaba afise ibiro 128, we umugabo yaranamwirukanye, yizanira uwundi. N’umubabaro mwinshi, agira ati : « Jewe namye mfise ubunini, mugabo butarengeje urugero. Vyagiye kwanka maze kwubaka,a ho ibiro vyabaye umurengera. Vyatayeko, sinashoboye no kuronka ikibondo, inda zagumye zikoroka, bakansigurira ko vyoba bituruka ku bunini. Haheze imyaka 7 nubatse, umugabo yatanguye kuza aranyigenzako, ataco namugize, n’amakofi aratinda arajamwo. Aho hose nagumye kuri  »Nikwo zubakwa » ndatimbira mu rugo. Harageze igihe ndabona ko no kunyica bishoboka, kandundura, akaza arazana abandi bagore, akabaraza mu cumba cacu, jewe nkarara mu c’abashitsi, amarira akarara aratemba. Nikwo kumbwira ko ku neza yiwe nomubisa, amaraso ataraseseka, akambwira ko hakubandanya abana nanje, yopfuma akora amaraso, akaja mu mpimba. Naciye mbona ako aho atari ahanje. »

Si ikibazo c’abapfasoni gusa

Ndikumasabo*, na we ni umushingantahe agendana iyo ndwara yo kuvyibuha cane. Avuga ko, kuba afise ibiro 142, biteye icuka kibi mu rugo rwiwe. « Biragoye kuvugira ahabona. Mugabo si icoroshe na gato. Ibiro vyinshi vyatumye haziramwo indwara y’igisukari, hamwe n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Si ivyo gusa. Kubera ubwo bunini, ntibigikunda ko mba umushingantahe nk’ukwo narimeze, ngifise ibiro biri munsi ya 90, mu bijanye n’amabanga y’abubatse. Ivyo rero, hambavu yo kubabaza uwo twubakanye, na jewe ubwanje birantera umutima mubi, bigatuma urugo rutagenda neza, ukwo twavyipfuza. »

Icokorwa …

Jean Paul Uwinza, umuhinga yanonosoye ivyo gufungura, amenyesha ko ukwo kuvyibuha birenze urugero biva ku gufungura cane ibintu birimwo isukari nyinshi, canke ibirimwo ibinure vyinshi. Akavuga ko igikenewe mu kubigwanya haza imbere uguhindura ingene abantu bafungura. « Mu kwirinda canke mu kugabanya ubunini, hakenewe kureka gufungura ivyo bituma ibiro vyiyongera, kandi, imfungurwa zo mw’ijoro zikaba izoroshe, ziraremera umubiri. Ku bw’ivyo, gufungura imboga n’ivyamwa vyoshigwa imbere. »

Na yo Alice Nkunzimana, yanosoye ibijanye n’inyifato, asaba abubakanye n’abo bafise ico kibazo c’ubunini burenze, kubaba hafi, hakubaharira ivomo. « Ni ingwara ikira, mu gihe abayifise bafashwe mu mugongo n’ababari hafi. Ku bubakanye rero, nta nkeka ko ari umwanya mwiza wo kugaragaza bimwe baragana, vyo gukundana mu mahirwe no mu marushwa. »

*Amazina yahinduwe

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top