Jimbere

Kirundi French English
IBIDUKIKIJE

Ubuzima bw’abantu bo ku Mugoboka muri komine Mukaza ngo si nk’ubw’abanyagisagara…

Ivyo rero abanyamugoboka bakabivuga bafatiye ku kuntu babayeho batagira amazi, umuyagankuba, amabarabara, nayo ibihomoka vy’ibimanga bituruka ku ruzi Ntahangwa vyo, ngo biza bisongera isibe. Bakavuga  mbere ko batanatahura ukuntu aho hantu ari mu gisagara ca Bujumbura kandi hatabisa…

Ni uducimbiri 2: Mugoboka ya mbere na Mugoboka ya kabiri. Utwo twose turi muri karitiye Mutanga Sud yo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Kaneza Jeanne  umukenyezi wo ku Mugoboka ya kabiri, ibido mu ntoki n’umwana mu mugongo agiye kuvoma agira ati: « Hageze kuja kuvoma turaganya. Dufise ibombo ry’amazi rimwe gusa duhurirako twese abo ku Mugoboka ya 2. N’abo ku Mugoboka ya 1 bafise ibomba rimwe. Kandi hose yama yakamye. Uja kuvoma ugasanga n’imitwe iriko irayaga ari ukunyaranira amazi gusa. Imvura iguye tuba dutomboye.  Nk’ubu ici ryaturitse, duca  dukoresha amazi y’uruzi Ntahangwa ibikorwa vyose, no kuyanwa bidasigaye inyuma. Ubuzima tubayemwo si nk’ubw’abanyagisagara, kuko bobo baba bayifitiye mu mazu.»

Minani Alain umugabo yariko ararengana nawe ati: « Aha ikibazo si icamazi gusa. Uragwaza umuntu mw’ijoro, kugira ashike kwa muganga mumuhambirira mu mashuka mugasengeta gushika mugeze kw’ivuriro ryo ku Mugoboka ya 1. Nta barabara na rimwe dufise ryocamwo umuduga, ni utuyira twinjira mu nzu z’abantu gusa. Na yo ikitakivugwa n’ibihomoke vy’ibimanga bituruka ku ruzi Ntahangwa.  Ubu ho n’iryo vuriro rihari n’urusengero vyegeranye bigira bitwarwe n’ivyo bihomoka. Bizomera nk’inzira yahuza Mugoboka ya mbere n’iya kabiri yasenyutse ikajana n’inzu z’abantu zitari nke.»

Emmanuella Bucumi umukenyezi yari avuye gusyesya utugori ku Mutanga Nord, nawe nyene amera nk’uwunganira abandi, avuga ko n’ikibazo c’umuyagankuba kibahanze.  Agira ati: «Kubera ubukene bw’umuyagankuba, imashini zisya tuzisanga mu makaritiye awufise. Amatereviziyo nayo ku bayafise barahevye barayafuka n’udutambara kuko nta co bayakoza. Ino ku Mugoboka nta co harushije imitumba ya ruguru, ni nka co kimwe. » Abantubahobose rero bagahuriza ku gusaba Reta amazi, umuyagankuba, amabarabara n’ugutunganirizwa neza ahari ibihomoka gurtyo hagasa neza ubuzima bukoroha.

Mu buyobozi bwa komine nabo bati: « Aho bikunda turiko turagerageza ivyo dushoboye…»

Musitanteri wa komine Mukaza Rénovat Sindayihebura avuga ko ivyo bibazo vyo ku Mugoboka babizi, ariko kuba ata matara, ata mazi ata n’amabarabara ahari bivana n’uko hasanzwe hadatunganijwe neza( hatari viabilisé). Ngo ata mabarabara ahari Regideso ntijanayo amatara canke amazi.

 Rénovat Sindayihebura ati: «Ikibazo duca tugisubiza ku benegihugu baho. Bisabwa ko bicara bakumvikana bakicira amabarabara bo nyene ubwabo kugirango duce tubasabira Regideso ibaronse amazi n’amatara. Ariko aho tubona ko bishoboka twama turiko turasaba Regideso ibafashe kugira ngo ibarose amatara n’amazi. Vuba Regideso igiye gutanga amabombo rusangi kugira abenegihugu babandanye baronka amazi.»

Mugabo ku bijanye no gushinga amapoto y’amatara, uyo musitanteri avuga ko bikenewe ko amapoto  ashingwa ku mabarabara azwi kugira ngo ntihaze hagire umuntu avuga ko bashinze ipoto mw’itongo ryiwe. Rero ngo nibumvikana bakicira amabarabara bazobasabira umuyagankuba.

Na yo ku kijanye n’ib’ihomoka vy’ibimanga bihari, Rénovat avuga ko bikeneye uburyo bwinshi kugira bikorwe. Ko komine mbere n’ubushikiranganji bubijejwe butovyishoboza bwonyene. Ariko amenyesha ko hariho umugambi wo kugikora uriko urigwa mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije bafadikanije n’abasanzwe bafasha igihugu c’Uburundi, ko vuba uburyo bushobora kuboneka bwo gutangura gukora ibimanga bihari.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top