Jimbere

Kirundi French English
UBURIMYI

Ubwoko  indwi  bushasha bw’ibiharage buriko burahonjwa n’abenegihugu kugira bwemezwe kurimwa

Kuva ku wa 28 gushika ku wa 30 Ruheshi 2022, igisata gikora ubushakashatsi ku mbuto z’ibiharage muri Isabu hamwe n’ikigo kijejwe kwemeza imbuto ko zibereye kurimwa ONCCS  bari mu gikorwa co guhonja abanegihugu batandukanye bo mu karere ka Kirimiro, Kumoso na Mugamba ku bwoko  7  bw’imbuto bushasha bw’ibiharage Isabu iheruka gukorako ivyigwa kugirango barabe ko bwokwemezwa gutyo butangure kurimwa mu Burundi.

Ubwo bwoko bwose buri mu mugwi w’ibiharage bigufi (DAB). Bitandukaniye ku bunini, ku mabara no ku mforo yavyo. Nta mazina bwite yavyo biratorerwa kuko bitaremezwa n’ikigo kibijejwe. Inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe mu kigo Isabu ku bwoko 185 bushasha bw’ibiharage bwari bwavuye mu kigo mpuzamakungu kijejwe guteza imbere ibiterwa mbumbarugo (CIAT), basanze ububereye kurimwa mu Burundi ari ubwoko 7 gusa, nk’uko bishikirizwa na Eric Nduwarugira arongoye igisata c’ubushakashatsi ku giterwa c’ibiharage muri Isabu.

Ivyo biharage vyateragiwe mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante, vyimburwa ku wa 14 Ruheshi 2022. Vyabonetse ko vyera kare, gutyo bikaba vyofasha abarimyi kuvyikorako mu gihe gito hamwe boba babirimye. Inyuma y’ivyigwa vyakozwe, Eric Nduwarugira avuga ko, hampande yuko ivyo biharage vyera ningoga, basanze birinda ingwara kandi vyimbuka neza mu turere dutandukanye, na canecane mu biyaya bibayabaye no mu biyaya vyo hasi. Agira ati : « Hasigaye gusa ko ikigo ONCCS kivyemeza hanyuma abarimyi batangure kubirima no kubishira kw’isoko bazi neza ko vyemewe n’amategeko. »

Uruhara rw’abenegihugu rurakomeye mw’iyemezwa ryizo mbuto

Abenegihugu batandukanye b’i Murongwe muri komine Mutaho mu ntara ya Gitega (Kirimiro), ab’i Bukemba mu ntara ya Rutana (Kumoso)  n’ab’ i Gisozi mu ntara ya Mwaro (Mugamba) : abagore n’abagabo, abato n’abakuze barahonjeje kuri ivyo biharage ikigo Isabu cakozeko ubushakashatsitsi kugira bumve ko vyokwemezwa kurimwa mu Burundi. Ubwo butandukane bw’abavyumvirije rero ngo ni ukugira baronke ivyiyumviro bitandukanye kuko abantu badashima kumwe bivanye n’aho bari n’imyaka bafise nk’uko bivugwa na Eric Nduwarugira.

Hakizimana Gaspard arongoye igisata kijejwe kwemeza ibiterwa mu kigo ONCCS amenyesha ko mu vyo baraba harimwo uko izo mbuto ziboneka uzirabishije ijisho zitarakinjikwa, ko biryoshe umuntu abifunguye, ko bifise akanovera canke bitagafise, umwanya bimara bitetswe, ukuntu bikakama, amazi akoreshwa kugira bishe, ukuntu umufa uba umeze mu gihe bihiye, ko bishaya canke bidashaya n’ibindi. Agira ati : « Mu kwemeza imbuto tubanza gukorera ku vyiyumviro vy’abarimyi abadandaza n’ababifungura. Bakavyumviriza hanyuma bakatubwira uko bumva bimeze, bakanabitorera amazina mu kirundi. Turaheza tukisunga ivy’abenegihugu batubwiye ko bisa n’ivy’abashakashatsi bavuga. Tukabona kuvyemeza canke kubisubiza inyuma. »

Claudine Niyonsaba umurimyi w’i Bukemba, avuga ko iyo abarimyi babahaye akaryo ko kwumviriza no gutanga ivyiyumviro ku mbuto nshasha ziba zivuye kugeragezwa n’abashakashatsi bituma na bo barima canke basuma ubwoko bw’imbuto bazi kandi bakunda kuko baba baragize uruhara mu kwemeza izo mbuto.

Akabirya: ivyo biharage bigwiriyemwo icunyunyu ca fer na zinc…

Hampande yuko ibiharage vyose bihuriye kuri ndemamubiri, nsanganyangaburo na ntanganguvu, ubwo bwoko bushasha bw’ibiharage buriko burasuzumwa ngo bwemezwe burafise akabirya busumbije ibindi kuko bwikwije ku vyunyunyu vya zinc na fer. Ivyo na vyo bikaba bifise akamaro kanini ku magara y’abantu harimwo no kwirinda gufungura nabi.

Yerekana akamaro k’ivyo vy’unyunyu n’impamvu vyokwemezwa kugira birimwe, Eric Nduwarugira avuga ko icunyunyu ca fer congereza amaraso abantu bitereye mu myaka hamwe n’abakenyezi bibungeze. Na yo icunyunyu ca Zinc, gifasha abakiri bato na canecane abana bakiri ku ntebe y’ishure gufata neza ku mutwe ivyo biga bagatako bakabitahura. Anavuga kandi ko ico cunyunyu ca  fer kinafasha abakuze na cane cane abagabo mu bijanye n’irondoka.

Mu Burundi rero kugeza ubu, ibiharage bimaze kwemezwa ko bikwije amategeko yo kurimwa bikaba bishika ubwoko 52. Ikigo ONCCS, kikaba kigiye kwihweza ivyiyumviro cahawe n’abenegihugu bahonjeje k’ubwo bundi bwoko 7 bushasha, nicabwemeza buzoca bukwira ubwoko 59 bw’ibiharage bwemewe.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top