Jimbere

Kirundi French English
UKUBANA

Uguharika bituruka ku kutamenya kuvomera urukundo rw’uwo mwubakanye

Sururu Dorufu umuhinga mu bijanye n’inyigisho mbagarabwenge abona yuko naho uguharika bivugwa cane mu kiyaya c’Imbo kubera igiterwa c’umuceri, uwo mugenzo mubi ngo urashobora no gukomeza urandagata mu zindi ntara…

Vyabaye akayobera bahinga aho uza ubona umugabo kubera aronse uduhera dukeyi aca arongora umugore wa mbere, uwa kabiri ndetse akanabandanya.

Sururu abona yuko iyo ngendo isigaye ihakwa gufatwa nk’uko umenga ni ibintu bisanzwe ishobora kuba ifise imvo n’imvano ku kuntu abubaka izabo bataba bariteguriye neza uwo mugirwa ngo banamenye neza amabanga abarindiriye: «Urwaruka rutari ruke rurahurumbira kwubaka izabo ariko ugasanga ntiruzi neza ivyo rushaka kwinjiramwo ndetse ntirube rufise n’inyigisho zikwiye mu bijanye n’ukwubaka urugo rwiza».

Sururu avuga ko kubana birengeye kwumva gusa yuko muzosangira ugukoresha amafaranga mu vyo mukeneye. Ati ukwiyumvanamwo, ukwizerana, ugusangira akabisi n’agahiye, ugutahura kumwe ico mutegerezwa gukora mwese kugira urugo rurame, gutorera hamwe umuti w’ibibazo mufise, ni umushinge ukomeye urugo rubwirizwa guhagararako kandi bikaba bizwi mu ntango y’ubugeni.

Sururu ntatahura igituma umukenyezi mu gihe aba yararushe mu kurima umuceri weze na we atohabwa ikibanza mu kuraba umwimbu wavuyemwo: «Igikomeye ngaha nuko umugabo aba akwiye kwiga guha agaciro uwo bubakanye. Ico ni co kibuze mu ngo nyinshi».

Naho abajejwe intwaro bafashe ingingo zo kugerageza gutuza ingendo y’uguharika, ibigo bijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango bibwirizwa gukoresha inguvu nyinshi kugira bishigikire bimwe biboneka ingo.

Ntahengeshanya n’ukuvuga yuko amabi aturuka ku guharika ari menshi cane ku rwaruka. Ubwa mbere, abana bavyawe ku mugore wa mbere nta na kimwe kiba cemeza yuko bazoronka uburyo bukenewe nk’ibikoresho vyo kw’ishure, amahera y’ishure canke ivyo bafungura.

Iyo mu muryango hari ingorane, ziranakora no kubana ugasanga bakuze nabi na kazoza kabo ntikabe keza na gato. Izo ngaruka mbi zirashobora kwandukira n’ikibano c’urwo rugo: «Umwana adafungura bikwiye, azokwiba mu babanyi canke yadukane ingeso zugusegerereza handurukiremwo n’ubundi bube gito bwinshi».

Naho Reta iguma ihimiriza ababanye batanditswe mu mategeko ngo banyaragase kwiyandikisha, umuntu aribaza ingene bizogenda ku bahabara hamwe n’abana babo.

 

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée.

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top