Jimbere

Kirundi French English
Ijwi ry'Abana

Ugukoresha abana bato : «Igisagara carambanye gito, cari kinini»

Mu gihe kw’isi hose, itariki 16 Ndamukiza yahariwe kugwanya ubunyagano bw’abana, (esclavages des enfants), mu Burundi, igikunze kwibonekeza, ni utwana duto tuja mu bisagara, tugakoreshwa ibikorwa biruhisha, tukabura shinge na rugero. Tumwe muri two twarayagiye Jimbere ayo tugowe.

Aristide Nduwimana, afise imyaka 9, akaba akomoka mu ntara ya Ngozi, komine Busiga. Neza na neza, ico kibondo camanutse i Bujumbura mu mwaka uheze wa 2020, ata ncuti, ata muryango gifise mu gisagara, akaba yamanutse kuri «dunyuri», kuri Fuso. Amaze gushika, ntiyorohewe na gato, kuko yamaze hafi indwi yose asabiriza, atagira epfo na ruguru : «Mumutwe iwanje narinzi ko nshika ndonka abantu banyakira, bakandaza, hanyuma nkarondera akazi. Ico nabonye, mu gisagara, umwe wese araba ivyiwe. Nta wufasha uwo atazi. N’ukuhapfira wohapfira, abantu birenganira

Yabandanije atorohegwa

Inyuma y’iyo ndwi, Aristide yarahavuye araronka umubanga amuha akazi ko kudandaza ibiyoba. Na ho nyene, ubuzima ntibwamworoheye : «Navyuka agaturuturu, nja kurangura ibiyoba, nkabikaranga, nkabitekera, ku buryo isaha imwe yagera namaze kuja mwibarabara kudandaza. Mu gihe narimaze imisi itatu gusa ndabidandaza, abagizi ba nabi baranyivye udufaranga nari nadandaje, nudukaranga twari dusigaye baratunsahura. Ngiza ngo ndabikoze mabuja, yanyakirije amakofi n’inkoni nyinshi, aca andaza hanze. Narabuze iyonja n’iyomva

Nukwo, akazi ka mbere aba aragahevye, yigira inama yo kurondera aho yokorera mu nzu y’uburiro : «Igiharuro canje ca mbere, kwari ukutabura ico nshira mu nda, kuko mu nzu y’uburiro, birabura ukabura amahera mugabo nturarane inzara mu nda». Na ho nyene, amaze kukaronka, Aristide ntiyorohewe. Amenyesha ko hari umuruho utey’ubwoba. Bataraba ubuto bwiwe, barankoresha gushika naho agera aho yihengeka agira aturike. Nta n’indwi 2 yahakoze, yaciye agwara marariya ya sindamusiga : «  Barampaye amahera yo kwivuza, mugabo baca baranyirukana, ngo nta nguvu ndagira zo gukorera amafaranga.»

Aristide icari gisigaye kuri we, kwari ukuronka amafaranga y’itike, yomusubiza ruguru iwabo, akagira ati. : «Igisagara narakibonye, ivya co narabibonye. Si ico gupfa kwirukira, haba namba. Cokwagira kandi ari kinini, no kukumira kikakumira»

Ayo magogwa ya Aristide, Belyse Kimana, umwigeme w’imyaka 15, akomoka mu ntara ya Muyinga, nawe yarayaciyemwo. Ayaga ati : «Maze kubura abavyeyi bose, naciye mpitamwo kumanuka i Bujumbura, gukora akazi k’ubuyaya, kuko nabona ko ata kamaro ko kubandanya kwiga. Narabona ko naho vyogenda gute ntopfa ndayamaze ku mvo z’ubukene bwari muhira.»

Nikwo kuja i Bujumbura, afise imyaka itarenga 12. Aho yakoreye, yafashwa nabi cane : «Mabuja yaranturubika cane, akankubita ampora ubusa, akananyima ivyo mfungura. Kukubera ntari mfise iyo nja, narahatimbiye, nkarara ndarira, bwaca nkayamira, nkakora ibikorwa umurengera bampaye. Hahatswe gato ngo nsare mumutwe kubera ivyiyumviro vyinshi». Nubwo yahavuye aronka akandi kazi batamuturubika, Belyse ashikiriza ko abana baja gukora akazi bakiri bato bafatwa nabi cane, kukubera ubuto bwabo.

Ntivyari bikwiye kugenda ukwo

Jacques  Nshimirimana, ajejwe igisata c’agateka k’abana muri CNIDH, avuga ko, mu Burundi, ubunyagano bw’abana bwoba butagwiriye cane, mugabo ko ugukoresha abana bakiri bato, bagatako bagafatwa nabi, mbere bigashika bakanaborezwa igufa, ataho bitaniye n’ubunyagano, kuko umwana aba yatswe uburenganzira bwinshi. Kubwa Jacques Nshimirimana, abana bava ruguru, batagira icepfo n’icaruguru, ntibagire incuti n’umuryango mu gisagara, baba bameze nk’abanyamahanga kandi bari mu gihugu c’amavukiro.

Agirako atera akamo ko kizira kikaziririzwa gukoresha abana bari munsi y’imyaka 16 : «Umurundi wese akwiye gufata nka rwiwe ibibazo vy’abana bato, bagakingigwa, ababakoresha nabi bagashengezwa». Araheza agasaba kandi ko n’aboba bakuze atari abo gufatwa nabi, kuko buri muntu wese akeneye kugumana ubuntu, akubahirizwa mu gateka kiwe.

Inkuru yatororokanijwe na Joyeux Noël Iteriteka, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top